Amatora y’i Buraya: Mu Bubiligi abamuka mu Burundi no mu Rwanda 'ntibatowe'

Laure Uwase na Orly Nzisabira bitoza kuja mu nama nshingamateka umwe y'akarere undi y'Ububiligi
Insiguro y'isanamu, Laure Uwase na Orly Nzisabira bitoza kuja mu nama nshingamateka umwe y'akarere undi y'Ububiligi
    • Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
    • Igikorwa, Bruxelles, Belgique

Mu matora ya Buraya, yabaye ku wa mungu mu Bubiligi abantu bashika 45 bafise amamuko mu Burundi no mu Rwanda bari bitoje mu migambwe itandukanye nka bose ntabwo babashije gutorwa, nubwo hari amajwi agiharurwa.

Ayo matora yari ay’abashingamateka, abajenama, n’abaserukira Ububiligi mu nama nshingamateka ya Bulaya.

Abari bitezwe cane ni Laura Uwase yitoza mu nama nshingamateka y’abavuga ururumi rw’igi-flamant (parlement de la région flamande) mu mugambwe w’abakristu baharanira demokarasi,mu gifaransa Chrétiens Démocrates et Flands, CD&V ( Christen-Democratisch en Vlaams).

Laure Uwase yamuka mu Rwanda, asanzwe ari umushingwamanza (Avocate) yatowe n’abashika 4.566 aza ku mwanya wa gatanu mu mugambwe wiwe.

Naho atatowe, Uwase yashimiye abamuhaye amajwi abemerera ko urugamba rubandanya.

Yanditse ku rubuga X ati: “Amajwi 4.566, murakoze! Uyu ni umwimbu unteye ingoga…ndabashimiye cane.”

Uwundi atatowe ni Orly Nzisabira yitoza mu mugambwe w’aba Socialiste (Parti Socialiste) ku rwego rw’inama nshingamateka y’Ububiligi.

Nzisabira, afise w’imyaka 24, asanzwe ari mu bakinyi babigize umwuga mu rukino rwa Basketball mu gisagara ca Liège mu bumanuko bushira ubuseruko b’Ububiligi yari mu kibanza c’icenda ku rutonde rw’umugambwe wiwe PS.

Orly Nzisabira ubwo yari mu bikorwa vyo kwitoza

Ahavuye isanamu, Orly Nzisabira/Facebook

Insiguro y'isanamu, Orly Nzisabira ubwo yari mu bikorwa vyo kwitoza

Mu matora Nzisabira, akomoka mu Burundi, yatowe n’abashika 3.760, akaba atakwije amajwi asabwa kugira abe umushingamateka.

Mu butumwa yacishije ku rubuga Facebook, Nzisabira yashimiye abamutoye avuga ko mu mezi atatu aheze yari umuntu atazwi ''benshi bibaza bati uyo musore aje ava hehe?

''Ariko mwarakoze kumpa amajwi yanyu azotuma mbandanya urugamba kuko rworwo rurabandanya''.

Laure Uwase, Orly Nzisabira, n’abandi barenga 40 bamuka mu Burundi no mu Rwanda, benshi bakiri urwaruka, naho batatowe bagaragaje umwizero mw’ishingwa rya leta ko umwe muri bo ashobora kwizerwa akagirwa umushikiranganji.

Shadaï Mobutu yavuze ko urugamba rwiwe "niho rugitangura"

Ahavuye isanamu, Shadaï Mobutu/X

Insiguro y'isanamu, Shadaï Mobutu yavuze ko urugamba rwiwe "niho rugitangura"

Republika iharanira Rusangi ya kongo (RDC) yari ifise abashika 100 bamuka muri ico gihugu bitoza mu matora yo mu Bubiligi aho abashika 10 batowe mu migambwe itandukanye.

Mubari bitezwe cane muri ayo matora ni umupfasoni Shadaï Mobutu w’imyaka 35, umwuzukuru wa Mobutu Seseko yahoze atwara ico gihugu kicitwa Zaïre.

Shadaï Mobutu yitoza mu bashingamateka b’umuji wa Bruxelles mu mugambwe Mouvement Reformateur (MR) akaba atashikanye amajwi asabwa kugira atorwe.

Inyuma y’amatora Shadaï Mobutu yanditse ati: "Urugamba rurabandanya, iyi ni intango gusa. Politike iri muri ADN yanje, kandi urugamba rwo kubaserukira niho rugitangura. Ndabashimiye cane"