'Ntimunyice ndi umushingamateka'- induru ya J.B. Sindayigaya agira anyuruzwe n'abikekwa kuba abakozi b'iperereza

Ahavuye isanamu, JEAN BAPTISTE SINDAYIGAYA
Jean Baptiste Sindayigaya, umushingamateka wo mu ntara ya Kirundo avuga ko yafashwe n'abagabo bane, umwe afise inkoho ageze 'Gare du Nord' mu gisagara ca Bujumbura, avuye hagati mu gihugu.
Avugana na BBC kuri uyu wa mbere, uwo mushingamateka yavuze ko yafashwe ''n'abagabo bane, umwe afise inkoho bashaka kunyinjiza mu modoka 'double cabine' itagira imparati."
Uwo mushingamateka wo mu bwoko bw'abatwa avuga ko yakomye induru abantu barashwabaduka.
Agira ati: "Narakomye induru mvuga ko ndi umushingamateka ngo ntibanyice. Ariko bakaguma bampindira muri iyo modoka.
"Barankubise mu jisho baguma bampindira mu modoka, ndabana [ndabamba] n'amaguru, abantu barashwabaduka bamfasha gukoma induru."
Umushingamateka Sindayigaya avuga ko yatabawe n'abapolisi bo ku kirindiro co ngaho kuri 'Gare du Nord' bumvise induru, ariko na bo nyene ngo ntivyaboroheye.
Agira ati: "Abo bagabo bane bashatse gufata abo bapolisi bari baje gutabara, ariko abo na bo bihagararako, barantabara. Bashaka kudutwarana.
"Imbere mu modoka yabo harimwo uwundi mugabo bafashe, vyaboneka ko bamukubise arashaya.
"Babonye induru ibaye nyinshi abantu bashwabadutse vyanse ko bantwara, baciye bavugana n'abo bapolisi bari baje kuntambara, baca batsa imodoka baragenda."
Kw'ifoto BBC Gahuza yabonye, Jean Baptiste Sindayigaya afise amaraso ku jisho rimwe ry'i buryo.
Abandanya avuga ko abo bapolisi bavuze ko bamenye ko imodoka barimwo ari iyo mw'iperereza n'aho bari bagerageje gupfuka imparati.
BBC Gahuza ntiraronka inkuru ata ho zegamiye zemeza ko, koko, iyo modoka ari iyo mw'iperereza.
Ivyo bikiba amaterefone yaracanacanyeko, abategetsi batandukanye bashaka kumenya ibibaye.
Umushingamateka Sindayigaya avuga ko yahamagawe kuri terefone n'umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu n'umutekano n'uwujejwe iperereza hagati mu gihugu bompi bamwizeza ko ikibazo bagifashe mu minwe.
Ntibiramenyekana niba hari uwoba amaze gufatwa akekwa muri ubwo bugizi bwa nabi. BBC yarondeye umuvugizi w'igipolisi c'Uburundi Pierre Nkurikiye ngo imubaze aho amatohoza ateye, yavuze ko twoba turatenyenya.
Abajijwe ico yikeka ko yoba yarahowe n'abo bamutegereye, Jean Baptiste Sindayigaya avuga ko ata muntu n'umwe bafitaniye ingorane.
Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu yo mu Burundi na mpuzamakungu aragiriza reta y'Uburundi kugahonyanga harimwo no kunyuruza abantu










