Ihonyangwa ry’agateka ka muntu rirabandanya mu Burundi - Human Rights Watch

Mu 2020 bamwe mu Barundi bihaye amabarabara bamagana raporo zavuga ku gateka ka zina muntu mu Burundi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ku isanamu yo mu myaka iheze bamwe mu Barundi bihaye amabarabara bamagana raporo zavuga ku gateka ka zina muntu mu Burundi

Ishirahamwe Human rights Watch (HRW) ryasohoye icegeranyo aho rivuga ko abategetsi b’isi biyobagije inshinganno zabo ku vyerekeye uburenganzira bwa kiremwamuntu no gufatira ingingo abahonyanga uburenganzira bwa muntu.

Mu cegeranyo ca buri mwaka, muri rusangi iri shirahamwe ribona ko mu 2022 amareta yananiwe no kwubahiriza inshingano zayo zo gukingira uburenganzira bwa muntu mu bihugu vyayo abiba umubabaro, umutekano muke n’indyane zikomeye.

Ku Burundi, iki cegeranyo kibona ko iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu rikiri ikibazo ngorabahizi, ariko ibi bikaba bitabujije ko incuti z’Uburundi zifuta ingingo n’ibihano vyari vyarafatiwe reta na bamwe mu bategetsi n’aho, nk’uko HRW ibivuga, “Ibibazo nyamukuru [bijanye n’agateka ka zina muntu] bigiteye isibe kandi bitaratorerwa umuti”.

Iki cegeranyo kivuga ko “ubwicanyi, inyuruzwa, iyicarubozo, ugupfungira abantu ubusa, no gupfunga abatavuga rumwe canke abiketswe ko batavuga rumwe n’ubutegetsi vyashizwe ahabona n’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu yo mu Burundi na mpuzamakungu mu 2022”.

Kiravuga mbere ko Imbonerakure [zigize ishami ry’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi, CNDD FDD] zarungitswe gufasha igisirikare c’igihugu kurwana muri Repubulika y’Intwaro Rusangi ya Congo kandi zitaba zarahawe inyigisho za gisirikare.

Iki cegeranyo ngarukamwaka kigira 33 gitanga ishusho y’ingene agateka ka zina muntu kifashe mu bihugu birenga ijana kw’isi mu mwaka uheze wa 2022.

Cerekana igikorwa c’amatohoza yimbitse cakozwe n’abakozi ba Human Rights Watch mu mwaka wose, akenshi ifatanije n’abaharanira agateka ka zina muntu muri buri gihugu.

Ibindi bivugwa ku Burundi ni ibiki?

Iki cegeranyo gisubira kwagiriza cane Imbonerakure, kikavuga ko abategetsi bagumye baziha impigi zo gukora ibikorwa ku bisanzwe bibazwa abajejwe umutekano.

Iki cegeranyo kivuga ko “ivyo ubutegetsi bwa Perezida Evariste Ndayishimiye bwari bwiyemeje vyo gushira ku murongo urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi ....bitarashirwa mu ngiro”.

Amabi yagirizwa inzego z’umutekano n’Imbonerakure

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Iki cegeranyo kivuga ko “habandanije hatorwa ibiziga vy’abantu batazwi mu bice bitandukanye vy’igihugu, kenshi vyatemaguwe canke biboshwe, bigaca bihambwa n’abategetsi, Imbonerakure canke igipolisi, ata matohoza akozwe”.

Iki cegeranyo kivuga ko “inzego z’igendereza, igipolisi n’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi, bishe, barapfunga abantu mu buryo bunyuranye n’amategeko, barakorera iyicarubozo, bongera barahohotera abantu biketswe canke ari abatavuga rumwe n’ubutegetsi canke ko bakorana n’imirwi yitwaje ibirwanisho”.

Kiti: “Abategetsi babandanije bata mu mporero bamwe mu biketswe ko batavuga rumwe n’ubutegetsi babahora ibitero vy’abitwaje ibirwanisho canke babaketse ko bari mu mirwi y’inyeshamba”.

Kivuga ko mu gukora ibi batitayeho gukora amatohoza, kurondera ivyemezo ataho vyegamiye canke ngo bafate inzira nyayo kugira barengutse abikekwa bose imbere y’ubutungane”.

Kiti: “Ahubwo batose abafatwa ko batavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi”.

Iki cegeranyo kivuga ko igihe Perezida Ndayishimiye ashika ku butegetsi mu 2020 yakoze utwigoro two gushira ku murongo Imbonerakure kandi ko uruhara rwazo mw’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu rutibonekeje cane.

Kiti: “Ariko, mu 2022, reta n’abarongoye umugambwe uri ku butegetsi bazihimirije ku mugaragaro gukora ibikorwa bijanye no ‘kwubahiriza amategeko’, kugira ngo umugambwe uri ku butegetsi ubandanye gufata ibintu mu minwe”.

“Imbonerakure, bamwe muri bo bafise ibirwanisho, zarahagaritse, zarahohotera zongera zirica abiketswe ko batavuga rumwe n’ubutegetsi, rimwe na rimwe zifatanije canke zihagarikiwe n’abategetsi, igipolisi canke inzego z’igendereza”.

Iki cegeranyo kiradoma urutoke ku munyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi, aho kivuga ko yashikirije “amajambo yo guturira atari make mu makoraniro y’abanywanyi ba CNDD-FDD n’imbonerakure”.

Kiti: “Muri Myandagaro [8], yarifatiye mu gahanga amashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka ka zina muntu yongera atera akamo imbonerakure kubandanya amarondo y’ijoro no kwica ‘umuvyonzi’ uwo ari we wese”.

Abagwa ku rugamba muri Congo

Iki cegeranyo kandi kiravuga ko imbonerakure zajanywe gufasha ingabo za reta y’Uburundi guhiga RED-Tabara muri Congo.

Kiti: “Abasivire bo mu muhari w’Imbonerakure, abenshi batahawe n’inyigisho za gisirikare, barafashije muri ibi bikorwa. Nk’uko bivugwa n’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu n’ibinyamakuru, imiryango y’abapfiriye ku rugamba nta nsiguro yahawe”.

Urwego rw’ubutungane

HRW ivuga ko ubutungane mu Burundi butigenga.

Kiti: “Naho Ndayishimiye asaba ko ubutungane bunagurwa, nta ngingo ziboneka zafashwe zo guhagarika ivogerwa ry’iki gisata n’abanyaporitike no kurekura impfungwa-poritike”.

Kiragaruka ku kamo katewe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere, Pierre Nkurikiye, aho yabwiye ibinyamakuru ko ku bijanye n’ababurirwa irengero, imiryango yabo ikwiye kwitura ubutungane n’abajejwe intwaro kugira ngo bakore amatohoza.

Kiti: “Ariko, mu mabi menshi yegeranijwe na Human Rights Watch, imiryango yabo yaratinye ko abategetsi bokwihora mu gihe yoramuka imenyesheje ababo baburiwe irengero canke bakorewe ayandi mabi y’ihonyangwa ry’agateka ka muntu”.

HRW itanga akarorero ku “bantu batandatu bahoze ari impunzi bari mu bantu umunani bapfungiwe muri Tanzania bongera bakorerwa iyicarubozo imbere yo guhungurwa ku nguvu, n’ubu bakiri mw’ibohero”.

Kiti: “Abategetsi b’Uburundi barabarengukishije mu butungane ku caha co kuba mu mirwi yitwaje ibirwanisho, hanyuma, n’aho umucamanza w’Uburundi yavuze ko bahorwa imvo za poritike maze sentare ikabambika izera muri Myandagaro 2021, mu nyuma hakaba ukwunguruza urubanza muri Ntwarante [3] 2022, abajejwe ibohero n’ubutungane barananiwe no kubarekura”.

Iki cegeranyo kibona ko ata nzego zigenga zigenzura ibikorwa vya reta, aho kivuga ko “umurwi wigenga ujejwe agateka ka zina muntu [...] udatanga ivyegeranyo ku vyaha bikomeye vy’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu”.

Kiti: “Ivyegeranyo vyawo vya buri mwaka birirengagiza cane ubwicanyi, iyicarubozo, ihohotera n’ipfungwa ry’abatavuga rumwe n’ubutegetsi ku karenganyo; abapfungwa bahorwa ivya poritike; n’ihonyangwa ry’ubwigenge rusangi”.

Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike n’ubwigenge bw’ibinyamakuru

HRW ibona ko n’aho hari ingingo zimwe zimwe zafashwe n’abategetsi zo gukuraho ingingo zihagarika amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike n’ibinyamakuru, ingingo hafi zose zo kuburabuza zafashwe ku butegetsi bwa Perezida Pierre Nkurunziza ziracahari.

Kiti: “Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu mu Burundi arimwa uburenganzira bwayo bwo gukora mu bwisanzure no mu bwigenge".

HRW itanga akarorero ko kuwa 14 Ntwarante, aho igipolisi cahagaritse ikiganiro n’abamenyeshamakuru cari kuremeshwa n’amashirahamwe OLUCOME hamwe na PARCEM, amashirahamwe abiri yiyemeje kurwanya igiturire, [igipolisi] “kikavuga ko atari afise uruhusha rwo kuremesha ikoraniro nk’iryo”.

Iki cegeranyo kivuga ko n’aho hari ivyemezo bikomeye vyerekana ko ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu ribandanya mu Burundi, ntivyabujije ko Ubumwe bwa Bulaya, Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’izindi ncuti mpuzamakungu, vyabandanije na poritike yo kunagura ubucuti n’abategetsi, mu kubakurako ingingo n’ibihano kuva Ndayishimiye ashitse ku butegetsi mu 2020”.