Urusengero rwa Shetani: Ubwo ntiwibaza ko uzi abayoboke ba shetani?

Umugore yambaye ibimenyetso vy'amahembe

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

    • Umwanditsi, Rebecca Seales
    • Igikorwa, BBC News, Boston

Kumbure iri rishobora kuba ari ryo koraniro rinini cane ritari bwigere ribaho ry’abayoboke ba Shetani/Satani – rigomba ritangure kw’ihoteri ya Marriott hagati mu gisagara ca Boston.

Mu cumba cakamwo ibuji (bougie) categuriwe ibirori vy’abayoboke ba Shetani, itara ni ryo rikwakira mu gasengero, kazwi nka The Little Black Chapel. Ku ruhande rwo hirya, hari Arutari, imbere yayo hasi hacapuweko inyenyeri y’amasonga atanu.

Ibirori bigomba bibe hano ni ivyo “kwiyambura ibatisimu”, aho abari muri vyo bahakana icese imigirwa yo kubatizwa bakorewe bakiri abana.

"Nta mazina", niko umwe mu bayoboke ba Shetani avuga, akaba yandetse ndinjira kwirabira ivyo birori, na rirya ata mazina bagira.

Bambaye ikanzu ndende n’agapfukamunwa kirabura. Bambaye umugozi ku biganza, hanyuma bagaca bawiyambura nk’ikimenyetso co kwerekana ko bigenga. Impapuro zo muri Biblia zirataburwa nk’ikimenyetso c’uko biyambuye ibatisimu y’ubukristu.

Hagati mu gasengero Little Black Chapel, mw'ihuriro ry'umwaka ry'Urusengero rwa Shetani

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Hagati mu gasengero Little Black Chapel, mw'ihuriro ry'umwaka ry'Urusengero rwa Shetani

Biraboneka ko ibi ari ibintu bikomeye kuri bo.

"Nk’umwana w’umutinganyi, narahungabanye mu mutwe bambwiye ko ndi ikizira kandi ko ntegerezwa kwicwa. Rero maze kuronka uru Rusengero rwa Shetani (TST) vyaramfashije cane kubona igikwiye no kwita ku bandi”.

Urushengero rwa Shetani ni idini ryemewe n’amategeko muri Amerika mbere rufise n’abakozi barwo muri Amerika, i Bulaya no muri Australia.

Abantu barenga 830 nibo baguze amatike kugira bashobore kwitabira iri koraniro ryo mu mpera z’ukwa kane, rizwi nka SatanCon.

Abanywanyi baryo bavuga ko batemera ibivugwa kuri Rusiferi canke Umuriro udahera. Ahubwo, bavuga ko Shetani ari imvugo ngereranyo yo kwifatira abategetsi no gushingira ukwemera kwawe kuri siyansi (science). Ibivugwa n’abantu kuri izi ndangagaciro nivyo bituma havuka idini, nk’uko babivuga.

Umuhagarikizi Rose d'Arc arongoye ibirori vyo kwihakana ibatisimu mu gasengero Little Black Chapel

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umuhagarikizi Rose d'Arc arongoye ibirori vyo kwihakana ibatisimu mu gasengero Little Black Chapel

Bakoresha ibimenyetso vya Shetani mu migirwa yabo – nk’akarorero mu guhimbaza ubugeni canke mu guhabwa izina rishasha. Muri ibi hashobora kubamwo umusaraba ucuritse uca ibibatsi kuri arutari yawe mu gihe uvuga uti: "Ndakuramutsa Shetani!"

Ku bakirisu benshi, iki ni icaha gikomeye co gutuka Imana.

Dex Desjardins, umuvugizi w’Urusengero rwa Shetani, avuga ati: “Uku si ukubesha. Amashusho yacu menshi asanzwe atuka Imana.

"Dufise abantu bambara imisaraba icuritse. Hanyuma ibirori vyacu vyugururwa n’ugutabura Biblia nk’ikimenyetso c’agahotoro, cane cane agahotoro gakorerwa abatinganyi (LGBTQ) n’abagore, hamwe kandi n’abazwi nka BIPOC, [bisigura Black, Indigenous, and People of Color, ni ukuvuga Abirabure, Abasangwabutaka, n’abantu atari abazungu], hamwe kandi cane cane n’abantu abo ari bo bose bakura barahahamuwe n’amadini, aba bakaba ari benshi mu banywanyi bacu”.

Ibirori vyugurura isekeza rya SatanCon vyerekana impapuro zo muri Biblia zitaburwa - ivyatumye abatari bake barinegura cane

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ibirori vyugurura isekeza rya SatanCon vyerekana impapuro zo muri Biblia zitaburwa - ivyatumye abatari bake barinegura cane
Abanywanyi b'Urusengero rwa Shetani barazi ko ugukoresha ibikoresho vya gikristu ari ugutyoza Imana kuri bamwe, ariko bobo bavuga ko ata muntu n'umwe bashaka kubabaza

Ahavuye isanamu, EPA-EFE/REX/Shutterstock

Insiguro y'isanamu, Abanywanyi b'Urusengero rwa Shetani barazi ko ugukoresha ibikoresho vya gikristu ari ugutyoza Imana kuri bamwe, ariko bobo bavuga ko ata muntu n'umwe bashaka kubabaza

Abayoboke ba Shetani bavuga ko bubahiriza uburenganzira bwa buri muntu bwo kwihitiramwo ivyo yemera, kandi ntibariko baragerageza kubabaza abantu.

Ariko abakirisu bava mu mashengero atandukanye bari mu myiyerekano biyegeranirije hanze y’iyo hoteri, bafise ivyapa bibaburira ko bavumwe.

Kimwe kivuga kiti: "Igarure mwemere inkuru nziza”. Ikindi naco canditseko ngo “Shetani ni we arongoye abana bose b’abirasi”, ijambo “abirasi” rikaba risize amabara y’umunywamazi, ibendera ry’abatinganyi.

Michael Shivler, umukatorika ari muri ino myiyerekano ati: "Turizeye ko twereka Imana ko tutemera ibi bintu bityoza izina ryayo, kandi ko twebwe Abakatorika tutahebeye urubuga aba bayoboke ba Shetani”.

Abitabiriye iri koraniro bihweza abari mu myiyerekano. “Batwita ‘abanywarumogi ata kindi kibaranga atari ukwikinisha’,” niko umugabo umwe avuga. “Oooh, Imana y’ijuru iranshavuriye!” niko uwundi avuga yifyinatira.

Abari mu myiyerekano bafise ivyapa hanze y'ihoteri iberamwo SatanCon

Ahavuye isanamu, The Boston Globe via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abari mu myiyerekano bafise ivyapa hanze y'ihoteri iberamwo SatanCon
Mu kwishura abari mu myiyerekano berekanye umubabaro n'umunezero

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mu kwishura abari mu myiyerekano berekanye umubabaro n'umunezero

Imvyino, amahembe n’ukwinezereza mu vya shetani

Ibirori bibera mw'igorofa igira kane y’iyo hoteri. Birangwa n’abanywanyi ba Shetani bambaye amakanzu abereye ijisho ariko utomenya ko ari ay’abagore canke abagabo, amahembe asize n’intoke, ibicapo (tatouages/tattoos) vya shetani ku mubiri, n’ubwanwa bwo ku munwa wa ruguru burebure busokoje ukuntu.

Hafi bose barakuze ku buryo bashobora kuba abavyeyi, mbere abatari bake ni bo, kuko nshoboye kurabukwa intebe y’umwana isunikwa.

umugabo yambaye amahembe, impuzu yirabura hamwe n'inzara z'interano z'ibisharizo yifotoza afise ikirahuri ca martini
Insiguro y'isanamu, Umugabo yambaye amahembe, impuzu yirabura hamwe n'inzara z'interano z'ibisharizo yifotoza afise ikirahuri ca martini
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Poritike iri mu bintu nyamukuru biranga uru Rusengero rwa Shetani. Rwemera ko idini na reta ari ibintu bibiri bikwiye gutandukana, kandi bama mu manza mu butungane basaba ko haba ubu butandukane. Ivyo bavuga birakomeye, ariko rero bashiramwo n’akabirya mu rugamba rwabo mu gushiramwo urwenya n’uburakari.

Nk’akarorero muri Oklahoma, igihe hubakwa icibutso c’amabwirizwa cumi ku ngoro y’amakoraniro y’inama nshingamateka, nabo baciye basaba ko hubakwa igishusho ca Shetani gifise imetero 2.4, bakavuga ko ibwirizwa shingiro rivuga ko amadini yose ategerezwa gufatwa kumwe (Inyuma y’intambara yo mu butungane, aya mabwirizwa yahavuye akurwaho).

Uru Rusengero kandi rusaba ko abantu bahabwa uburenganzira bwo gukorora inda, rukavuga ko buri muntu akwiye kugira ububasha bwose ku mubiri wiwe.

Mu ntango z’uno mwaka, rwaruguruye ivuriro rikorera ku mbuga ngurukanabumenyi rifise icicaro muri New Mexico, rikaba ritanga ibinini vyo gukorora inda rikoresheje ubutumwa-muravyo (email).

Rwaratanguje kandi n’imigirwa ku bantu bipfuza gukorora inda – ikaba ari iyo kubahumuriza kandi igizwe n’amajambo yo kwiyemeza imbere yo gukorora inda – rikavuga kandi ko abanywanyi baryo badategerezwa kubohwa n’amategeko ashingiye ku madini ababuza gukorora inda.

Ibi vyatumye abatari bake mu bisata bitandukanye babiyamiriza, harimwo ikinyamakuru ca Karotika, National Catholic Register, kivuga ko uwu mugirwa ata “kindi ugamije atari ugucafuza bimwe bibi imigirwa n’ibimenyetso vy’idini”.

Ishirahamwe Yellowhammer Fund, rifasha ba ntahonikora bipfuza gukorora inda, rivuga ko “gushira amadorari yawe n’icizere mu mashirahamwe yo hasi amaze imyaka mirongo akora iki gikorwa” ari yo nzira nyayo yo gushigikira uburenganzira bwo gukorora inda.

Mu cumba cuzuye abanywanyi, abakuru b’amasekeza ya TST bariko bashikiriza ivyo baranguye, vyakirijwe impundu, amashi n’ibimenyetso vy’amahembe.

Uwundi mugambi wavuzwe cane mu bimenyeshamakuru ni umugambi wiswe After School Satan Clubs - ufise icivugo ngo: "Educatin' with Satan" (kurerera muri Shetani). Uru Rusengero rwipfuza ko idini ryovanwa mu mashure, ariko rugashaka cane cane kuzibira imirwi y’abavugabutumwa kuja kwigisha ijambo ry’Imana abana mu mashure.

Rero, aho abanyagihugu babisavye, yagerageje gutanguza After School Satan Club, yibanda cane cane ku bikorwa rusangi, ubuhinga n’ubumenyi, ubucuzi n’ibikorwa vy’ubwenge.

Abayirwanya bavuga ko biteye ubwoba abana, ariko TST ivuga ko ibirimwo ata dayimoni irimwo. Bafise indirimbo y’abana - My Pal Satan, harimwo ivyitabirizo ngo: "Shetani si mubi, yipfuza ko wiga ukabaza igituma. Yipfuza ko winezereza kandi ukiyumva – kandi kuri ubwo nta muriro udahera ubaho”.

'Shetani/Satan aragukunda!'

Abacuruzi n’abanyamyuga batari bake bashinze utumeza bagurishirizako ibihingurano bakoze bisunze ibimenyetso vya Shetani. Bafise vyose, kuva ku dukofero twanditseko ngo “Shetani/Satani aragukunda!”, gushika ku bikinisho vy’ibijishano bigizwe n’umuntu afise umutwe w’impene wambaye ibimenyetso vya Shetani n’amababa.

Urusengero rwa Shetani ruragurisha kandi udupira twarwo. Ni ishirahamwe ata mafaranga risaba kugira winjire, rikaba ribeshejweho n’amafaranga y’imfashanyo n’ayo rikura mu rudandazwa.

umwe mu bacuruza ibijishano bifise ibimenyesho vya Shetani
Insiguro y'isanamu, Umwe mu bacuruza ibijishano bifise ibimenyesho vya Shetani

Igitabo c’abana giherutse gusohoka, citwa Goodnight Baphomet, gitera amero abarengana.

Amabwirizwa ngenderwako y’uru Rusengero rwa Shetani – ikizwi nka Seven Tenets - ashira imbere urukundo, kugenzura umubiri wawe, hamwe no kwubaha uburenganzira bw’abandi bantu, harimwo uburenganzira bwo gukora inabi.

Asigura ico ndi mu gitabo c’abana mu najambo arimwo igaruka-garuka, nka: “Ubahiriza ukubaho kwa buri muntu, cane cane iyo hari ivyo mutumvikanako. Nimba amajambo yabo atakuguye neza, bareke bigire – ntubashavurire!”.

Igifukisho c'igitabo Goodnight Baphomet, igitabo cateye amero abari bahari
Insiguro y'isanamu, Igifuniko c'igitabo Goodnight Baphomet, igitabo cateye amero abari bahari

Araceli Rojas yari yavuye muri California yitabiriye ibi birobi, avuga ko aya mabwirizwa ari ngirakamaro kandi yoroshe gukurikiza.

"Numva ari nk’uko namye ndi umunywanyi wa Shetani ukuntu, gusa ntavyo nari nzi”.

Uyu mugore avuga ko yatanguye kwumva ivy’uru Rusengero rwa Shetani (TST) abiboneye kuri TikTok mu 2020. "Ico gihe narabiravye. Numvise ubwoba gatoya, nk’uko uwo ari we wese yomera. Hanyuma kandi nashatse kumenya nimba koko badatanga abana nk’ibimazi! Hanyuma nca ndatangura kwinjira buke buke, nitaba amakoraniro…niho nahavuye mbona ko batari uko tubibaza, si babi, ni ikimenyetso bakoresha conyene, ubundi bwo ni abantu beza cane”.

Tuganira nabo aho bariko badandariza, abantu benshi bavuga ko batanguye kwumva Urusengero rwa Shetani muri firime yitwa Hail Satan? (Mwaramutse Shetani) yatunganijwe na Penny Lane, ikaba yinjira mw’ido n’ido ry’amabwirizwa ngenderwako y’uru Rusengero n’ingene rwatanguye rukora.

TST ivuga ko abanywanyi biyongereye kumbure kuva ku 10.000 mu 2019, gushika ku barenga 700.000 uno musi.

Abo bari bakoraniye muri Boston harimwo abakozi ba reta bakorera muri ako karere, abaganga, aba-injeniyeri, abahinga, abakora mu vyo amafaranga, umwe akora mu vy’imibano, umuhinga mu kuvura ingwara zo mu mutwe n’umunyakarashishi. Benshi bari muri wa murwi w’abahuza ibitsina babisangiye, LGBTQ. Abenshi bubakanye n’abakristu – canke nibura n’umwe mu bantu batari mu banywanyi ba Shetani.

Abanywanyi baryo basa n’abashaka kwegamira ku ruhande rw’abanyaporitike bashira imbere ubwigenge (gauche/left), ariko nta kibazo umuntu arinda gukora iyo ashatse kwinjira, kandi iyi Sinagoga nta munyaporitike canke umukandida ishigikira.

Lucien Greaves, umwe mu batanguje Urusengero rwa Shetani, arashika ari kumwe n’abamucungereye ubuzima, yambaye ivyirabura afise na teremosi ( thermos).

"Icayi c’Ubwongereza. Nagikuye mw’iduka rigurisha ibidandazwa biva mu Bwongereza". Navuze nti “hezagirwa”, aca aritwengera.

Haraciye imyaka cumi Greaves (iritazirano) atanguje uwu muhari ari kumwe n’umugenzi, Malcolm Jarry (na ryo nyene iritazirano). Bari basangiye ivyiyumviro vyo guharanira ubwigenge mu bijanye n’ukwemera, kandi bakarwanya ico babona nk’ihonyangwa ry’amategeko ryakorwa n’idini ry’Abakristu.

Lucien Greaves, umwe mu batanguje Urusengero rwa Shetani, avuga ko utari umugambi wo gufyinata
Insiguro y'isanamu, Lucien Greaves, umwe mu batanguje Urusengero rwa Shetani, avuga ko utari umugambi wo gufyinata

Ibinyamakuru, cane cane muri Amerika, bikunze kwerekana ko Urusengero rwa Shetani ari akarwi k’abanyamanyanga barondera kumenyekana biyise idini, ivyo yamirira kure.

"Abantu baratinya kwakira ivyo tubabwira, ariko turumva ko ivyo tubabwira vyose ari ibintu bisanzwe kandi ntitwibeshera”.

Greaves vyamubereye ngombwa ko ahindura mu buzima bwiwe kugira ngo ashobore guhangana n’ivyago ashobora guhura navyo nk’umuntu wa mbere wa Shetani azwi muri Amerika.

"Harageze igihe nimuka mu myaka ine iheze kandi nta bantu benshi mfise, kuko singomba gusubira kwimuka”.

Bamwe mu banywanyi b’Urusengero rwa Shetani bumva ko badashobora kwemanga ku mugaragaro, bakavuga ko batinyirira umutekano wabo. Abanywanyi bayo bamenyekanye baratakaje ubuzi bwabo, abana babo iyo habaye amatati z'uwukwiye kubarera, , bagasanga amabombe y’ibikangisho musi y’amamodoka yabo.

Chalice Blythe, umuvugizi w’isekeza ry’uru Rusengero ryo guhimiriza ku bijanye n’uburenganzira bwo gukorora inda, yakorewe ihohoterwa kuri internet hagati mw’isekeza rya SatanCon, inyuma y’aho hazungurukiye videwo imwerekana ariko aratabura Bibiliya mu birori vyo kwugurura.

Chalice Blythe avuga ko inyuma y'imyaka cumi abaye umunywanyi wa Shetani, iterabwoba n'itotezwa ntaco bimubwiye

Ahavuye isanamu, AFP via Getty

Insiguro y'isanamu, Chalice Blythe avuga ko inyuma y'imyaka cumi abaye umunywanyi wa Shetani, iterabwoba n'itotezwa ntaco bimubwiye

Si bwo bwa mbere atewe ubwoba. Mu 2016, umuntu wo mu muryango wiwe yashize ku rubuga ngurukanabumenyi indangamuntu yiwe, mu nyuma yagiye abona umuntu yitwaje inkoho amuteye ku muhana iwe.

Ku bimwerekeye, birakwiye. “Niba abansi banje ari abantu bagendera ku nyigisho z’injili bashaka kunyaka uburenganzira – abo ni bo bansi nishimiye kuba mfise”.

Typhon Nyx afise imyaka yababa 30, ni umwe mu banywanyi benshi ba TST bakoresha izina ry’iritazirano mu kibano. Avuga ko yavuye mu buhakanyi vuba akinjira mu Rusengero rwa Shetani.

Ati: "Ukwemera Shetani niho nsanga ibintu vyose nemera, harimwo ubwigenge bw’umubiri, impuhwe, icubahiro, ubumenyi. Kandi Shetani ahagarariye abo bose bomowe(bakumiriwe), abiyumvira ukundi.

"Sinigeze mbona abagenzi banje bakirwa mu bakirisu. Akamo Shetani adutera ni uko yakira uwo ari we wese, umuntu nshobora kwiyumvamwo.

"N’ubwo ntemera ko abaho koko"

#6 - Video yarebwe cyane kuri Facebook yacu: ''Jewe ni je nigurira impuzu ...' Ikiganiro na Angeline Ndayishimiye

Angeline Ndayishimiye

Ahavuye isanamu, FBA-Umugiraneza

Angeline Ndayishimiye, umutambukanyi wa perezida w'u Burundi, yicaranye na Cyriaque Muhawenayo wa BBC bagirana ikiganiro na video mwarebye muri benshi, wakongera ukayireba hano