Abasenyeri ba Anglikani banse gushigikira abubakana basangiye ibitsina

Ahavuye isanamu, Reuters
Na Harry Farley
Umunyamakuru wa BBC w'ivy'amadini n'ukwemera
Abasenyeri b’ishengero rya Anglikani mu Bwongereza banse gushigikira impinduka mu masabamana yemerera abapatiri gushingira abasangiye igitsina, nk’uko amakuru yashikiriye BBC abivuga.
Abepiskopi b’ishengero rya Anglikani mu Bwongereza barahuye ejo ku wa kabiri kugira baheraheze kwegeranya ivyiyumviro vyavuye mu biganiro bimaze imyaka itanu ku vyerekeye ingendo y’ishengero ku bijanye n’ubuzima mpuzabitsina.
Ivyiyumviro vyabo bizokwigwa mu nama nkuru ya Ekleziya isa n’iy’inama nshingamateka – Sinode – mu kwezi kuza.
BBC News yavuganye n’abepiskopi batari bake bari bitavye iyi nama, aho bavuga ko inyigisho z’Ekleziya zivuga ko ukwubakana rukristu ari hagati y’umugabo umwe n’umugore umwe zidashobora guhinduka kandi zidashobora gukorwako amatora.
Ibi bibaye inyuma y’imyaka itari mike y’impari kuri iki kibazo.
Kuva mu 2013, amategeko y’Ubwongereza na Pays de Galles (Wales) aremera abashingiranwa basangiye ibitsina. Ariko igihe itegeko rihinduka, Ishengero ryoryo ntiryahinduye inyigisho zaryo.
Mu 2017, Ishengero rya Anglikani ryaratanguje igihe kirekire c’ibiganiro ciswe 'Living in Love and Faith' (mu Kirundi twovuga tuti: ‘Kuba mu Rukundo n’Ukwemera’).
Muri Munyonyo (11) mu mwaka uheze, Musenyeri wa Oxford yabaye umutegetsi wa mbere wo ku rwego rwo hejuru muri iryo Shengero mu gushigikira ku mugaragaro impinduka mu nyigisho z’amasabamana muri Ekleziya. N’aho hari bakeya bamushigikiye, bagumye ari inkehwa.
Ingingo yo kwanka gucisha mu matora ugushingirwa hagati y’abasangiye igitsina ishobora gushavuza abaharanira impinduka muri Ekleziya.
Hari bamwe bamaze kubwira BBC ko bazosaba iyi sinodi yo mu kwezi kuza guhagarika ibi bisabwa n’abepiskopi.
'Amasengesho yo gusaba umugisha w'Imana'
Icemezo c’aba bepiskopi giteye kubiri n’ishengero rya Anglikani muri Ecosse, rizwi nka The Scottish Episcopal Church, hamwe kandi n’Ishengero ry’aba-Calviniste muri Ecosse nyene, rizwi nka Presbyterian Church of Scotland, aya mashengero yompi akaba yemera abubakana basangiye ibitsina.
Ekleziya ya Anglikani muri Wales iratanga umuhezagiro watangiwe uruhusha ku bashaka kubana basangiye igitsina ariko ntiyemera guhezagira mw'isengero indagano z'ukwubakana ku basangiye igitsina.
BBC yiteze ko abasenyeri bo mu Bwongereza (England) bazosaba ko hemerwa ''ibisabisho vy'umuhezagiro w'Imana'' ku basangiye ibitsina bubakana biciye mu mategeko.
Abasenyeri batari bake babwiye BBC ko Ekleziya izosaba imbabazi ku kungene yakumiriye abari mu murwi w’abahuza ibitsina babisangiye.
Umusenyeri umwe ashaka ko ibintu bihinduka yari muri iyo nama avuga ko hari “intambwe itari nto yatewe”.
Bati: “Ibintu bigenda bihinduka. Urugendo ntirurahera”.
Umwepiskopi adashaka ko ibintu bihinduka avuga ati: "Ni ngombwa ko twemera ko tutavuga rumwe kuri ibi bibazo. Ariko ntitugiye gucanamwo”.
'Umubabaro mwinshi'
Charlie Bell w’imyaka 33 n’umukunzi wiwe Piotr Baczyk w’imyaka 27 baba mu bumanuko bushira ubuseruko bw’umugwa mukuru Londres, aho Charlie akorera nk’umupatiri. Baracarindiriye kwubakana gushika aho Ekleziya izokwemerera abubakana basangiye ibitsina.
Avuga ko “bababaye cane” kubona abepiskopi badasavye ko haba amatora ku kibazo c’ukwubakana hagati y’abasangiye ibitsina.
Yabwiye BBC ati: "Bituma abubakanye basangiye ibitsina basuzugurwa kandi bumva ko ataco bamaze”.
"Turacabwira abubakanye basangiye ibitsina ko umubano wabo uri musi y’umubabo hagati y’abadasangiye ibitsina”.
Ariko, avuga ko bazobandanya urugamba rwo gusaba ko Ekleziya ihindura inyigisho zayo ku vyerekeye ukwubakana hagati y’abasangiye ibitsina.
Avuga ati: "Ntibirahera. Nimba abasenyeri bibaza ko ibi bizotorera umuti ibibazo bihari barihenda cane”.
Umuvugizi w’Ishengero rya Anglikani yanse kugira ico ashikirije ku bintu nyamukuru bishikirizwa n’abepiskopi ariko akaba yavuze ati: "Abepiskopi babonanye uno musi, hanyuma barabandanya bihweza ubwa nyuma icegeranyo c’ivyavuye muri Living in Love and Faith kizokwigwa na sinodi.
"Izi nzandiko zizoherahezwa hanyuma zishirwe ku mugaragaro mu mpera z’ino ndwi".










