EU/UE yagirije Russia guteza ubukene bw’indya abaserukizi bayo baca barasohoka

Uwuserukira Uburusiya muri ONU yivumbuye mu mubonano w’Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw’isi inyuma y’uko umukuru w’Inama nkuru y’Ubumwe bwa Bulaya avugiye ko igitero c’Uburusiya kuri Ukraine ari co giteje ikibazo c’imfungurwa kw’isi.

Charles Michel avuga ko Uburusiya bukoresha imfungurwa “nka misire mbi” ku bihugu bikiri mu nzira y’amajambere, bigatuma baterwa n’ubukene.

Intumwa y’ Uburusiya Vassily Nebenzia yagirije Michel ko akwiragiza ibinyoma.

Intambara yatumye imfungurwa zugaranirwa ku bivuka vya Ukraine.

Ukraine ni igihugu gishora hanze amavuta yo guteka menshi co kimwe n’intete, nk’ibigori n’ingano.

Uburusiya na bwo nyene burashora hanze ingano nyinshi hamwe n’intabire.

Ubukene bw’ibi bidandazwa bwatumye ibiciro vy’ibibisubirira biduga cane.

Muri uwo mubonano w’Inama Nkuru ijejwe umutekano mw’ishirahamwe ONU i New York, Michel yavuze ati: “Nyakwubahwa Ambasaderi yUburusiya, reka tuvugishe ukuri, Kremlin iriko ikoresha ikibazo c’imfungurwa nka misire mbi ku bihugu bikiri mu nzira y’amajambere.

“Ingaruka mbi z’intambara y’Uburusiya ziriko zirarenga inkombe kw’isi yose kandi ibi biriko bituma ibiciro vy’imfungurwa biduga, bigatuma abantu binjira mu bukene, mbere bigateza umutekano muke mu burere.

“Uburusiya bwonyene ni bwo ntanduruko y’iki kibazo c’imfungurwa”.

Yongerako kandi ko yiboneye we nyene ubwiwe amamiriyoni y’amatoni y’ingano zugaraniwe ku kivuko ca Odesa kubera Uburusiya bwazibiye imihora ya Ukraine yo ku nyanja.

Michel kandi yagirije Uburusiya kwiba intete ikanabuza abanyagihugu gutera ibiterwa be no kwimbura ivyimburwa muri Ukraine kubera ibikorwa vya gisirikare vyabwo muri ico gihugu.

Aya majambo yatumye Nebenzia yivumbura. Ariko arasohoka, Michel yamubwiye imbonankubone ati: “Urashobora gusohoka, kumbure biroroshe kutumviriza ukuri”.

Nebenzia yabwiye Reuters ko atashobora kugumayo kubera “ibinyoma Charles Michel yaje gushikiriza hano”.

 Mu nama yindi, umunyamabanga wa Reta ya Amerika ajejwe imigenderanire, Antony Blinken, na we nyene yavuze ko Uburusiya bubuza Ukraine gushora intete hanze, yongera yagiriza ingabo z’Uburusiya gusambura uburimyi bw Ukraine.

Mw’ijambo yashikirije mu nama yabaye hakoreshejwe ubuhinga bwa none yahuje abagiraneza, amashirahamwe ategamiye reta hamwe n’amashirahamwe yo mu gisata c’abigenga.

Blinken yavuze ati: “Hari ahantu harunze imiriyoni 20 z’amatoni y’ingano zazibiriwe mu bigega hafi ya Odesa, hamwe no mu mato yuzuye ingano azibiriwe ku kivuko ca Odesa kubera Uburusiya bwugaye imihora”.

Blinken yavuze nk’uko Charles Michel avuga, ko hari amakuru yo kwizera ko Uburusiya “buriko buranyaga urukombamazi” intete za Ukraine kugira ngo buzigurishe ku nyungu zabwo.