Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Bishasha muri Ukraine: Ingabo z'Uburusiya ziriko zica mu miringoti itwara imicafu zirondera gufata igisagara
Ingabo z'Uburusiya zimaze igihe zikoresha imiringoti yo mu kuzimu itwara imicafu mu kugerageza gufata Toretsk, igisagara ca Ukraine kiri mu karere ka Bakhmut, nk'uko bivugwa na Viktor Trehubov, umuvugizi w'ibiro vy'igisirikare ca Ukraine mw'izinga rya Khortytsya.
"Twaronse amakuru ejo ku migambi y'umwansi yo gukoresha imiringoti yo mu kuzimu mu kugerageza gusatira ingabo zacu aziciye inyuma mu mabarabara amwe amwe", niko yabwiye imboneshakure yo muri Ukraine.
"Mu kugerageza kudusatira ntibarondera guca ku mpande gusa, ahubwo baduca no musi".
Kubera ibisagara vya Ukraine bikoresha cane ubushuhe buva mu kuzimu, bifise imigende itari mike mu kuzimu icishwamwo imiringoti itanga ubushuhe n'iyitwara imicafu.
Mu ntango z'ukwa gatatu, ingabo z'Uburusiya zavuze ko zakoresheje umuringoti utwara gaze mu kwinjira mu gisagara ca Sudzha co mu ntara ya Kursk y'Uburusiya maze zibona kwirukana ingabo za Ukraine zari zacigaruriye.
Mu nyuma, harubatswe umugende nk'uwo hanze y'isengero ry'i Yekaterinburg mu Burusiya mu kwigina uno mukenyuro, aho Abarusiya amajana n'amajana bari batonze umurongo kugira ngo bawucemwo.
Hagati aho, intambara ziracari urutavanako muri Ukraine, aho ku musi w'ejo ku wa mbere ingabo z'Uburusiya zakoze ibitero 115 mu turere two ku rubibe mu ntara ya Sumy, nk'uko bivugwa n'umukuru wa gisirikare muri iyo ntara. Avuga ko ibigwati bitari bike vyacucagiwe amabombe.
Ni mu gihe ubushikiranganji bw'Uburusiya bujejwe kwivuna abansi nabwo buvuga ko indege zitajamwo abadereva (drone) zitandatu zarashwe n'igisirikare c'Uburusiya kirwanira mu kirere hejuru y'intara ya Bryansk ku mugoroba w'ejo ku wa mbere.
Buramatari w'iyo ntara, Alexander Bogomaz, avuga ko ata bantu bapfuye canke ngo bakomereke, kandi ko ata bintu vyononekaye.
Uburusiya na Ukraine kandi bibandanya vyagirizanya guterana ku bigo vy'amasoko ntanganguvu, nubwo bari bumvikanye kubihagarika mu masezerano yahagarariwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Ejo ku wa mbere, ubushikiranganji bw'Uburusiya bujejwe kwivuna abansi bwatangaje ko ibitero vy'amabombe vya Ukraine vyatumye umuyagankuba ucika kubera vyaciye intsinga zitwara umuyagankuba mu ntara ya Bryansk.
Muri iyi ntara nyene, amadrone ya Ukraine yarateye ikigo c'umuyagankuba mu masaha yo ku mugoroba, nk'uko bivugwa n'ubu bushikiranganji nyene.
Itangazo bwasohoye rigira riti: "Kubona Ukraine ibandanya itera n'ibigirankana ibigo ntanganguvu vy'Uburusiya birerekana ko ubutegetsi bwa Kyiv budashobora na gato gukurikiza ikintu na kimwe bwiyemeje mu bijanye no gutorera umuti intambara muri Ukraine".
Ku ruhande rwiwe, umukuru w'intara ya Kharkiv iri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Ukraine, Oleh Sunehubov, yavuze ko uturere tutari duke twari mu kizime ejo ku wa mbere kubera ibitero vy'amabombe vy'Uburusiya, ariko akavuga ko abajejwe ubutabazi bashoboye kugarukana umuyagankuba mu mihana 2000.
Mu ntara ya Zaporizhzhia nayo, buramatari wayo, Ivan Fedorov, avuga ko igice c'ikigwati ca Kushuhum cari mu kizime kubera igitero c'Uburusiya mw'ijoro ryo ku wa Mungu buca ari ku wa mbere.
'Moscou iriko isuzugura utwigoro tw'ibihugu vy'Uburengero'
Ni mu gihe Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yagiriza Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya) ko "isuzugura ku mugaragaro" utwigoro tw'ibihugu vy'Uburengero two kugerageza guhagarika intambara ya Putin kuri Ukraine.
"Moscou ubu iriko irasuzugura ku mugaragaro utwigoro tw'incuti zayo two kurondera inzira y'amahoro – ikoresheje ibitero vy'urutavanako vy'amadrone, ibitero vy'ubugome vy'urutavanako vy'amabombe.
"Ibi bitegerezwa guhagarara mu gutera igitsure Putin hanyuma Uburusiya nabwo bugahatirwa kwitaba ibiganiro vy'amahoro", niko yavuze mu butumwa bwiwe ku mugoroba wa nijoro ku wa mbere.
Ni ubutumwa yashikirije inyuma y'aho ejo ku wa mbere ahimbarije isabukuru igira gatatu yo kwibuka ibohozwa ry'igisagara ca Bucha kiri hanze y'umugwa mukuru Kyiv cari cigaruriwe n'ingabo z'Uburusiya mu ntango y'intambara mu 2022.
Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa X, Zelensky yagize ati: "Haraciye imyaka itatu, abarwanyi bacu babohoje Bucha mu maboko y'Abarusiya bari bayigaruriye. Kandi isi yose yariboneye vy'ukuri intego nyayo y'Uburusiya mu kwigarurira ubutaka bwa Ukraine: abanyagihugu kugandagurwa mu mabarabara, abantu kuborezwa igufa, imva mu mihana y'abanyagihugu basanzwe.
"Kuva ico gihe, nta n'umwe kw'isi yose yovuga ko atazi ico Ukraine iriko irarwanira.
"Ukraine iriko irarwanira ubuzima bw'abanyagihugu bayo. Iri mu rugamba kugira ngo ntihagire n'umwe azosubira gukora mu gihugu cacu ivyo Abarusiya bigaruriye ubutaka bwacu bakoze.
"Tuzokwama twibuka abo bose bahitanywe n'intambara y'Uburusiya. Tuzokwama dukengurukira abantu bacu bose bariko barwanira Ukraine".
Ihinduka ry'imvugo ya Trump ntaco ribwiye Kremlin
Ejo ku wa mbere, Kremlin yararwije n'ubusa amajambo ya Donald Trump inyuma y'uko avuze ko yari ashavuye cane kandi arakariye Vladimir Putin.
Muri ayo majambo Perezida Trump yabwiye imboneshakure NBC News mu mpera z'indwi iheze, yagabishije kandi ko ashobora kuduza amakori gushika kuri 50% ku bihugu bigura igitoro c'Uburusiya ari nka hamwe Moscou (ubutegetsi bw'Uburusiya) yopfisha ubusa amasezerano yo guhagarika intambara.
Umuvugizi wa Kremlin yabwiye ibinyamakuru ko ata nzu iriko irasha hagati ya Moscou na Washington (ubutegetsi bwa Amerika).
Avuga ko bimwe mu biri mu vyo yashikirije vyavuzwe ukutari ko, aho kubishikiriza "uko biri", akavuga ko ibiganiro ku mugambi w'amahoro muri Ukraine "bibandanya", kandi ko ibijanye n'ibiganiro vyo guhagarika intambara mu Kiyaga Cirabura ari "igikorwa kibandanya".
Volodymyr Zelensky wewe avuga ko "ibiganiro ataco bibwiye" Putin, aca asaba ko yobandanya aterwa igitsure kugira ngo ahagarike intambara.