Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Zelensky avuga ko intambara 'izorangira vuba' ku butegetsi bwa Trump
- Umwanditsi, George Wright
- Igikorwa, BBC News
Prezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky avuga ko azi neza ko intambara arimwo n'Uburusiya "izohera vuba" gusumba uko vyogenze prezida Donald Trump amaze gushikira ubutegetsi muri Amerika.
Zelensky avuga ko yagiranye "ibiganiro vyubaka" na Trump mu kiganiro bagiranye kuri terefone inyuma yo gutsinda amatora y'umukuru w'igihugu muri Amerika.
Ntiyavuze nimba Trump hari ico yoba yarasavye ku vyerekeye ibiganiro bishobora kuba n'Uburusiya, ariko avuga ko ata co yumvise gitandukanye n'aho Ukraine ihagaze.
Trump yagumye avuga ko igikorwa ciwe ca mbere ari ukuranginza iyo ntambara no guhagarika ivyo avuga ko ari ugusesagura ubutunzi bwa Amerika, mu buryo bw’imfashanyo y’igisirikare kuri Ukraine.
"Nta nkeka ko intambara izorangira vuba hisunzwe politike y'umugwi uzoba uri ku butegetsi muri Amerika. Ubu ni bwo buryo bashaka kubikoramwo, ni vyo bemereye abanyagihugu," uko ni ko Zelensky yavuze mu kiganiro n'ikinyamakuru co muri Ukraine, Suspilne.
Yongeyeko ko Ukraine "itegerezwa gukora ibishoboka vyose kugira iyi ntambara irangirane n'umwaka uza, ihere biciye mu biganiro".
Uko ibintu vyifashe ku rubuga rw'intambara biragoye cane, Uburusiya buguma butera intambwe, ni ko Zelensky avuga.
Avuga ko amategeko ya Amerika amwemerera gusa guhura na Trump amaze kuja ku butegetsi mu kwezi kwa mbere.
Trump na Zelenszky bamaze igihe badafitaniye imigenderanire myiza. Trump yashatse gukurwa ku butegetsi mu 2019 yagirizwa gutera igitsure Zelensky ngo ashire ahabona inkuru zocafuza umuryango wa Biden.
N'aho bamaze imyaka batavuga rumwe, Trump yavuze ashimitse ko afitaniye imigenderanire myiza na Zelensky.
Igihe abo bagabo babiri bahurira i New York mu kwezi kwa Nyakanga(9), Trump yavuze ko "yigiye vyinshi" muri uwo mubonano kandi avuga ko ashobora "kurangiza iyo ntambara vyihuta".
Trump ntarashira ahabona uko ashobora kurangiza iyo ntambara.
Abo batavuga rumwe b'aba Demokrate bamwagiriza kwiyegereza prezida w'Uburusiya Vladimir Putin, bavuga ko inzira arimwo kuri iyo ntambara ari iyo kwishikana kwa Ukraine bizoshira mu kaga Uburaya bwose.
Ariko umushikiranganji wa mbere w'Ubudagi, Olaf Scholz, yavuganye na Trump inyuma yo gutsinda amatora, yabwiye ikinyamakuru co mu Budagi ko uwo agiye kuja ku butegetsi muri Amerika afise aho ahagaze "hatandukanye" kuri iyo ntambara gusumba uko abantu bavyibaza muri rusangi.
Scholz yabwiye ikinyamakuru Süddeutsche Zeitung ko ikiganiro bagiranye na Trump kuri terefone "gishobora nkeka cari gitangaje, ciza kandi kirimwo ido n'ido".
Mu ntango z'uyu mwaka, inama nshingamateka ya Amerika yaremeje imfashanyo ya gisirikare kuri Ukraine ya miriyaridi 61z'amadorari, mu ntambara irimwo n'Uburusiya.
Amerika ni co gihugu ca mbere gifashisha ibigwanisho vyinshi Ukraine - hagati ya Ruhuhuma(2) 2022 n'impera za Ruheshi(6) 2024, yatanze canke yiyemeje gutanga ibigwanisho n'ibindi bikoresho biciye imiriyaridi 55 z'amadorari, nk'uko bivugwa n'ikigo c'Ubudagi kigira ubushakashatsi ku vyerekeye ubutunzi kw'isi, Kiel Institute for the World Economy.