Igihuhusi Freddy: Malawi yatangaje ibihe vy'akaga inyuma y'urupfu rw'abababa 200

The destruction of roads and bridges has hampered relief efforts

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Isenyuka ry'amabarabara n'ibiraro ryabujije ibikorwa vyo gutabara

N'imiburiburi abantu 190 ni bo bamaze kwemezwa ko bapfuye muri Malawi inyuma y'aho igihuhusu Freddy gitereye mu bumanuko bwa Afrika incuro igira kabiri mu kwezi.

Amazi ateye ubwoba yarisutse mu makaritiye, ahitana amazu menshi.

Umugwa mukuru w'ubudandaji wa Malawi, Blantyre, waharuye abapfuye bagera kuri 158, harimwo 36 baguweko n'umusozi.

Reta yatangaje ibihe vy'akaga mu ntara 10 ziri mu bumanuko zashegeshwe cane n'ico gihuhusi.

Abajejwe ibikorwa vyo gutabara barengewe, bakaba bariko barakoresha ibipaho mu kugerageza kurondera abagihema basidukiweko n'ivyondo.

Umuvugizi w'igipolisi Peter Kalaya yabwiye BBC ati: "Hari inzuzi zasheshe, hari abantu batwawe n'amazi ariko aratemba, hari n'amazu yasambutse."

Ikigo ca reta kijejwe gutabara abari mu kaga kivuga ko igitigiri c'abapfuye cavuye ku 99 gishika 190 kuri uyu wa mbere, mu gihe abashika 584 bakomeretse abandi 37 na bo bakaburwa irengero.

Ico kigo congerako ko abarenga 20.000 bataye izabo.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Abategetsi bo ku bitaro bikuru bizwi cane i Blantyre bavuze ko batagishoboye kwakira ibiziga vy'abapfuye baguma baronka.

Bahamagariye imiryango y'ababuze ababo kuza kubatora kugira babashingure mu gihe ivyo bitaro bitakigira ikibanza co gushiramwo abapfuye.

Vyitezwe ko igitigiri c'abapfuye congerekana mu gihe ibibanza bimwe bimwe atawurabishikamwo kuko birangwamwo imvura y'urutavanako n'imiyaga myinshi.

Ico gihuhusi kandi cabangamiye itangwa ry'umuyagankuba muri Malawi, uturere twinshi tukaba tukiri mu kizime.

Ikigo kijejwe gutanga umuyagankuba muri Malawi kivuga ko kidashobora gukoresha urugomero rwaco rw'umuyagankuba kubera rwuzuye imicafu.

Uturere tubamwo abantu benshi b'abakene, baba mu mazu yubakishijwe amatafari n'ivyondo ni two twasinzikaye cane.

Isenyuka ry'amabarabara n'ibiraro ryabujije ibikorwa vyo gutabara, mu gihe za kajugujugu zitashobora gukoreshwa kubera imvura nyinshi canke imiyaga.

Onu n'ayandi mashirahamwe yagabishije ko ico gihuhusi gishobora gutuma haduka ikiza ca Cholera - kimwe mu biza bibi cane vy'amagara y'abantu muri Malawi.

Reta yateye akamo ko gusaba imfashanyo y'abantu ibihumbi n'ibihumbi basigaye batagira aho bakika umusaya n'imfungurwa.

Freddy ni co gihuhusi ca mbere gifise inguvu nyinshi kandi kigashobora kuba na kirekire kimaze umwanya munini nk'uko bivugwa n'ikigo mpuzamakungu kijejwe ikirere.

MAP

Ku musi w'Imana, ico gihuhusi carateye Mozambique ku ncuro ya kabiri mu kiringo kidashika ukwezi - inyuma yo gutera izinga rya Madagascar mw'ibahari Indiana, gisambura ibintu vyinshi.

Biracagoye kumenya ivyononekaye muri Mozambique n'igitigiri c'abapfuye, kubera umuyagankuba n'amatelefone vyacitse mu bice bimwe bimwe vy'uturere twasinzikaye.

Abahinga bavuga ko ihindagurika ry'ibihe rituma ivyo bihuhusi bizanana n'imvura nyinshi, umuyaga mwinshi n'inguvu nyinshi kuruta uko vyahora hirya no hino kw'isi.

Igihuhusi Freddy caciye umuhigo mu nguvu cagiye kirongereza ku birometero 8000 kimaze kugira giciye mw'ibahari ya Indiana kuva mu buraruko bushira uburengero bwa Australia.