Kuva yiswe 'umucumuzi wa mbere' yariye icamwa kibujijwe gushika yitwe umucunguzi: ingene abahinga mu vy'Imana basigura Eva

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu vyanditswe kera, ni we yakoze icaha ubwa mbere, umugarariji akomeye. Yarageragejwe n'inzoka mw'itongo rya Edeni, aca arubahuka ararya icamwa cari kibujijwe. Ntiyagarukiye ngaho, ahubwo yaranagihaye Adamu.
Iryo ryabaye iherezo ry'ubuziracaha, bompi barirukanwa mw'itongo rya Edeni.
Ni nk'uko ari yo nkuru nyamukuru mu vyanditswe mu gitabu c'Amamuko/Itanguriro, igitabu ca mbere muri Bibiriya ya gikirisu, Bereshit muri Torah y'Abayuda.
Kuri iyi nyandiko shingiro, twongeyeko imico n'imigenzo y'Abakristu b'Abayuda ifata ko umugabo ari we segaba, Eva aba ikimenyetso c'icaha: umugore ni we yabaye intandaro y'isenyuka rya kiremwamuntu, inyanduruko y'iherezo ry'umuntu nk'ikiremwa c'intungane kandi atagira icaha, ikimenyetso co kugarariza Imana.
Ariko rero, ivyigwa bitari bike vyo mu gihe ca none zirondera gutanga iyindi nsiguro ijanye n'iremwa ry'isi kugira ngo zisobanure neza imbonakazoza ya Eva.
Kuva mu kinjana ca 18, umubikira w'Umwongerezakazi Joanna Southcott (1750-1814) yafata ko Eva yari afise uruhara rwo gucungura abantu.
Ku bwiwe, nk'uko umugore wa mbere yahaye ubumenyi umugabo, ivyatumye iparadizo isenyuka, ubwo rero yaciye agira uruhara rwo gutsinda shetani/satani no kurokora kiremwamuntu.
Ku mbono yiwe, ntiyari Eva, ahubwo inzoka (ikimenyetso ca shetani) ni yo yabaye intandaro y'amakuba yose.
Ni ho mu 1869, incabwenge y'Umwongerezakazi Harriet Law (1831-1897) akongera akaba uwaharanira uburenganzira bw'abagore yaragize uruhara muri izi mpari.
Wewe yafashe ko Eva ari ikimenyetso c'urugamba rwo guharanira uburenganzira bw'abagore mu kurwanya intwaro zibacinyiza zishingiye ku bwiganze bw'abagabo.
Ku bwiwe, aho "kuvuma" uno muntu wo muri Bibiliya kw'isenyuka ry'iparadizo, yari akwiye ahubwo guhabwa "icubahiro" kuko ari we yazanye "ubumenyi mw'isi, mu buryo bunyuranye n'ishaka ry'Imana itwaza umukazo".
Iyo ngendo ya Eva ico gihe yabonwa nko kutagira indero yamugize umuntu wa mbere yaharaniye uburenganzira bw'abagore muri kahise ka kiremwamuntu.
Ibi vyatumye abagore benshi kw'isi yose baha iteka ntangere uno muntu avugwa muri Bibiriya.
Insobanuro nshasha ya Eva
Iyi nsobanuro nshasha y'uruhara rw'uno afatwa nk'ikimenyetso c'umugore wa mbere muri kahise ka kiremwamuntu ni kimwe mu vyo abahinga mu vy'Imana benshi baharanira uburenganzira bw'abagore bavuga, hamwe n'abahinduzi b'ivyanditswe vyeranda be n'abahinga mu vy'inyigisho za none.
María Clara Bingemer, umuhinga mu vy'idini akongera akaba n'umwigisha kuri Kaminuza Gatolika y'i Rio de Janeiro (PUC-Rio) muri Brezil, asigura ati: "Muri iki gihe, mu vy'idini, Eva ntasobanurwa nk'umuntu yarwanya Imana y'ingabo, ahubwo nk'umuvyeyi w'ubuzima" .
"Ni ishusho y'isi, ari nayo nkomoko y'ubuzima bw'ubwoko bwose".

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umubikira wo mu muryango w'aba-Augustino Ivone Gebara, umuhinga mu vy'Imana aharanira ubwisanzure bw'abagore, avuga ko "ibintu vyose vyanditswe kera mu gusigura 'iyo dukomoka' hamwe n''uwaturemye' bishobora gufatwa nk'imigani, harimwo n'ivyanditswe mu gitabo c'amakuko".
"Muri ico gitabo kivuga ivy'iremwa ry'isi, insiguro ziratandukanye cane : uhereye aho Eva afatwa nk'umuntu w'intege nke kandi yoroshe guhenda gushika aho aboneka nk'umuntu w'ikigaba yagambarariye amategeko y'Imana mu kurya icamwa cari kibujijwe".
"Gutora ishusho nyakuri ya Eva n'iy'abandi bagore benshi ni intererano ikomeye ku vyandikwa muri rusangi, hamwe kandi na cane cane no ku nyigisho za Bibiriya," bivugwa n'umubikira w'umu-Scalabrine Elizangela Chaves Dias, umuhinga mu nyigisho z'ukwemera, umunyabwenge akaba n'umwigisha muri kaminuza Université pontificale Urbanienne, i Roma mu Butaliyano.
Umuhinga mu butandukane bw'imico n'imibano Fabiola Rohden, ku ruhande rwiwe, yashize Eva ku rwego rumwe na Mariya, nyina wa Yezu, aho afata ko ari ikibazo "kidasanzwe mu nyigisho zijanye n'ikibanza c'umugore mu kwemera", mu gitabo c'ubushakashatsi bwiwe, Feminism of the Sacred, yashikirije mu 1995 kuri Kaminuza y'igihugu i Rio de Janeiro muri Brezili.
Rohden avuga ko kuba ari ikibazo kidasanzwe biterwa n'uko Eva "afatwa ko ari we ntandaro 'y 'igicumuro c'inyanduruko', umuzigo uremera abagore bose".
Hagati aho, kuri we, insiguro "y'ibivugwa kuri Adamu" isa n'"ikintu kigoye co gusubiramwo".
Uno mushakashatsi avuga ko hakenewe tewolojiya (inyigisho z'ukwemera) isa n'iyishirwa imbere na Gebara, irondera kwinjira "mu mizi y'amamuko y'Ubukristu mu ntumbero yo kumenya ingene abagore gushika ubu bashirwa hasi mu kibano gushika n'uyu musi".
Eva n'intege nke z'umuntu
Mu vyigwa vyiwe vy'igice ca gatatu ca kaminuza, Rohden yarasomye ivyanditswe na Gebara aho uwo mubikira abona ko, uko ibihe vyagiye bigenda, hagiye hubakwa isano hagati ya Eva na Mariya "nk'ibimenyetso bibiri vy'ikibanza c'umugore".

Ahavuye isanamu, Getty Images
"Mu gihe muri rusangi Eva abonwa nk'ikimenyetso c'umugore w'umucumuzi Mariya na we akabonwa nk'ikimenyetso c'umugore w'umweranda, Gebara abona ko hakwiye kwubakwa iyindi shusho yohindura izi mbono zibiri", ni ko Rohden avuga.
"Tubona Eva nk'urukiza rw'ububasha bw'umugore".
Avuga ko, nubwo biri uku, Eva ahabwa ishusho y'"umuntu w'intege nke, y'umuntu atagira ukwihagararako imbere y'icaha, ikimenyetso c'ububasha budasanzwe, bw'igitangaza bwa kiremwamuntu, ariko bukaba ari bwo bumuta mu ngorane".
Uno muhinga agira ati: "Intege nke n'ibinyegezwa bivugwa kuri Eva vyose vyagiye bishirwa ku bagore bose kuva muri kahise".
Ati: "Buri mugore wese aba Eva, umuntu yishe ubuntu, ikimenyetso c'intege nke z'umubiri, c'ibigeragezo, c'ubusambanyi, c'icaha".
Bingemer ashimangira ko ivyo gufata umugore nk' "inyoshambi akwegakwegera umugabo wiwe mu caha, bigatuma abantu bose baba abanyavyaha" bitarangirira ngaha.
"Kubera icaha ari inzira y'urupfu, rero umugore ashobora kuba afitaniye isano n'urupfu".
Ariko, ibi si vyo biri muri Bibiriya, ahubwo ni ko abantu bahavuye babifata.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Asigura ati: "Bibiliya ivuga ibitandukanye n'ibi".
" Adamu yita umugore wiwe Heva, kuko yabaye nyina w'abazima bose." (Amamuko 3, 20).
"Eka n'izina ryonyene 'Eva' (mu gihebreyi, Java/Chavah) risigura 'uwubaho' canke 'isoko ry'ubuzima'."
Ubuhinga bwo gusobanura
Kuva mu kinjana ca 20, twatanguye kwiga dushimitse ivyanditswe nk'imvugo zigerageza gusigura ibisigabwenge vyinshi ku bantu, nk'uko Gebara abivuga.
Ati : "Ibi bisigura ko: yaba Adamu canke Eva, si abantu babayeho muri kahise, ariko ni inyubako ngereranyo zo kwerekana amadidanedufise kuri twebwe nyene".
Avuga ko ari muri ico gihe nyene havuka ubuhinga bwo gusobanura ivyanditswe muri Bibiliya, ico asigura ko ari "ubuhinga bwo gusobanura ibintu mu buryo bushingiye kuri siyansi"
Uno mubikira asigura ati : "Turashobora kuvuga ko buri kiremwamuntu ari Adamu na Eva akaba kandi inzoka y'inyoshambi, inzira y'umwidegemvyo n'igicumuro.
"Ibi bisigura ko turi uruvangatirane rw'ububasha n'intege nke, rw'ubwoba, rw'ububeshi, rw'uguciranira imanza no kwama turiko turondera kwitahura twebwe nyene.
"Ibivugwa ku bandi mu bisanzwe biba bivuga twebwe, biratudondora, biraduserura".
Ibi biratandukanye cane n'ivyabaye muri kahise.
"Ikibabaje", ni uko ivyo twarazwe bicamwo ibintu vyose kubiri, bigatandukanya "umugabo n'umugore, ikibi n'iciza, ubutungane n'akarenganyo, mu buryo bwo kubona ko dutandukanye nk'aho uruhande rumwe rutashobora kubana n'urundi".
Asigura ati : "Uyu musi abantu bariko baha iyindi nsiguro Adamu na Eva ishingiye kuri uru ruvangatirane rutugize".

Ahavuye isanamu, Getty Images
"Abantu bari kwinshi mu buryo bakora, bavuga n'ingene bitahura. Ni ba magiriranire kandi mu bice vyose vy'ubuzima", nk'uko Gebara abivuga.
Abona ko abantu bakwiye kurengera ibibacamwo kubiri mu ntumbero yo kurondera "kwitahura nk'ikintu kimwe tukarengera ubugarariji n'ukwishira hejuru".
Agabisha ko ari "ugufatira ibintu hejuru hejuru mu kurondera gushimikira ku ciyumviro c'uko Eva ari umugore w'intwari Adamu na we nk'umuntu w'intege nke, canke mu bundi buryo butandukanye, aho Eva yofatwa nk'umuntu w'intege nke, Adamu nawe agafatwa nk'intwari".
" Dutegerezwa kurengera ivyo", niko avuga.
Ariko rero, kugira ngo turengere ibi, mu nkuru yanditse mu gitabo The Bible and Feminism umuhinga mu nyigisho z'ukwemera Holly Morse yerekana ko ari ngombwa gukuraho inzitizi ikomeye: "Gukuraho ibisigarira vy'ivyiyumviro vya kera bishingiye ku mugabo nka segaba kugira ngo dushobore gushika ku nsiguro nyakuri".
Ibisigarira
Chaves Dias avuga ati: "Mu binjana n'ibindi, abagabo ni bo bari bafise uburenganzira ku nyigisho zo mu mashure yisumbuye, hagera ku nyigisho z'ivy'idini n'iza Bibiliya hoho bikaba ibindi".
N'ibikorwa vyo guhindura Bibiliya mu zindi ndimi vyakurikiza iyo nzira nyene.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uno musi, abagore bo nyene nka Chaves Dias barafasha mu guhindura ivyanditswe vyeranda mu zindi ndimi, ivyo bikaba bitari bwigere bishoboka mu binjana vyaheze.
"Ivyanditswe muri Bibiliya vyashitse mu matwi y'abavyumva no mu maso n'abasomyi biciye mu nyigisho, mu bikorwa vyo guhindura mu zindi ndimi, mw'ikatekisimu n'ibitabo, vyashira imbere igitsina gabo, bikaba vyakorwa n'abantu bari mu bibanza vy'ubukuru, abavuga rikijana, abavugishwa, abahinga n'abandi", nk'uko abivuga.
Avuga ko igitabo c'amamuko kirimwo ibice bibiri bivuga ivy'iremwa ry'isi, kimwe mu kigabane ca mbere, ikindi mu kigabane ca kabiri.
Mu gitabo c'amamuko ikigabane ca mbere (Genèse 1), "umuntu ni we yabaye ikiremwa Imana yaherejeko ", kandi "nta na hamwe muri ico gitabo havugwa ko umugabo ari we ari hejuru, canke ko umugore afise intege nke", nk'uko abivuga.
"Ni igihushane".
Uno murongo uvuga uti : "Imana yaremye umuntu mw'ishusho yayo, mw'ishusho y'Imana yaremye umugabo n'umugore".
Uno muhinga agira ati : "Adamu si umugabo kandi si umugore, ahubwo ni kiremwamuntu muri rusangi".
"Umugore n'umugabo ni ishusho y'Imana kandi umwanditsi wa Bibiliya asubiramwo ayo majambo incuro zibiri mu gushimangira".
Ku bwiwe, ibi vyerekana "inyigisho z'ukwemera zishira imbere uburinganire", zishira ku rugero rumwe abagabo n'abagore nk'abaronse ubutumwa bumwe buva ku Mana.
Iki si ikintu gishasha.
Mu mpera z'ikinjana ca 15, incabwenge akaba n'umunyavyese w'umutaliyanokazi Christine de Pizan (1363-1430) yabona ko ubwiza bw'Imana butashobora gushira ku ruhande umugore.
Yafatiye ku bivugwa kuri Eva mu gusigura iciyumviro c'uko iremwa ry'umugore ritashobora kuba riri musi y'iry'umugabo.
Afatiye ku nyigisho z'ukwemera, yisiguye avuga ko gutyoza abagore kwari ugutuka Imana.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Chaves Dias arasigura kandi ibivugwa kw'iremwa afatiye ku mico y'Ubuseruko bwo Hagati bwa kera, aho abami bonyene ari bo babonwa ko ari bo bari "shusho y'Imana" mu gihe abandi bantu bariho kugira bababere abakozi babo.
Muri iyo nzira, asigura arwanya iyi mbono, akavuga ko abantu bose ari "ishusho y'Imana".
Uno muhinga mu vy'Imana asigura ati: "Turashobora kwiyumvira inkomezi z'aya majambo mu gihe c'ubuja, igihe Isirayeli yaganzwa na Babiloni".
Ibiri mu kindi kigabane
Mu gice ca kabiri kivuga ivy'iremwa ry'abantu, iki kikaba kiri mu kigabane ca kabiri c'igitabo c'amamuko, Adamu ni we kiremwamuntu wa mbere Imana yatanguye kurema.
Dufatiye ku nsiguro y'amajambo, izina ryiwe risigura "uwavuye mw'ivu", kandi nk'uko uno muhinga abisigura, ni ikimenyetso ca kiremwamuntu muri rusangi.
Ati : "Imaze kubona ko umuntu ari mw'irungu, Imana yafashe ingingo yo kurema uwundi asa na we. Imaze gusinziriza umugabo, Imana yafashe igufa ry'urubavu, mu gihebreyi 'tsela', hanyuma irema umugore".
Hano hariho ikintu co kumenya, nk'uko uno muhinga abivuga: mu mpinduro nyinshi za Bibiliya zihari, ijambo ry'igihebreyi tsela rihindurwa ngo "imbavu".
Agira ati : "Uko ibinjana vyagiye bigenda, uko iri jambo ryahinduwe ni vyo vyabaye ishingiro ryo gusigura ko abagore bari musi y'abagabo".
Atanga ubundi buryo iki gice cohindurwa ati: "Aca afata rumwe mu mbavu ziwe, hanyuma aho ruvuye ahapfukisha inyama. Hanyuma Uhoraho, muri ico gice yari yakuye muri uwo mugabo, aremamwo umugore".

Ahavuye isanamu, Getty Images
Chaves Dias avuga ati: "Dukurikije ingene vyanditswe mu gihebreyi, umugore ni umufasha w'umugabo, si icegera ciwe.
"Insiguro y'ijambo ry'igihebreyi ezer ni ngirakamaro.
"Iri jambo risanzwe ryerekeye Imana, Imana nk'ubufasha bw'umugabo, butariho bikaba bitoshoboka ko abaho: uru ni rwo ruhara rw'umugore".
Uno muhinga arihweza cane kandi ikindi gice, kivuga ko umugore yaremwe kugira ngo abe, mu gihebreyi, "kenegdo".
Iri jambo risigura "iruhande, ku rundi ruhande, imbere yawe".
"Ni ukuvuga: kugira ngo abe umuntu ari imbere yawe, umuntu angana nawe".
"Nta na hamwe ivyanditswe mu gihebreyi biturekurira kwemeza ko umugabo aruta umugore, canke ko umugore ari muto kandi ko ategerezwa kuganzwa n'umugabo".

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ku muhinga wo mu bihe vya kera Christine de Pizan, iciyumviro c'uko umugabo ari we afise ikibanza ca mbere kubera Imana yatanguye kurema Adamu imbere yo kurema Eva nta nsiguro gifise.
Wewe asigura ko Imana yateje imbere ububasha bwayo bwo kurema kuko yaremye umugore imaze kugerageza ikarema umugabo.
Chaves Dias agira ati : "Bibiliya ni igitabo gitomoye".
Ati: "Birabereye ko iki gitabo hamwe n'ibindi bibandanya kubaza abasomyi bavyo ibibazo no kubabaza insiguro y'ubuzima n'ukubaho kwabo, ku ruhara rw'umugabo n'umugore kuri bo, ku Mana, ku bandi no ku bindi biremwa".
"Eva ni umuntu w'amayobera afise imice myinshi n'insiguro zitandukanye zo kwihweza.
"Birumvikana ko abandanya atuma abagabo n'abagore barondera kumenya ingene botora inyishu y'ibibazo shimikiro vy'ukubaho kwabo".










