Abacukuzi bavuga ko iyi nyubakwa iri mu kuzimu yari inzu Yezu/Yesu yabayemwo

Umuryango w'iyi nzu wari wimbwe mu rutare rwari ruyigize

Ahavuye isanamu, K.R.Dark

Insiguro y'isanamu, Umuryango w'iyi nzu bivugwa ko ariho Yezu/Yesu yarerewe, wari wimbwe mu rutare rwari ruyigize

Umuhinga mu kwiga ibisigarira vy'ivyakera (archeologue) avuga ko inzu isigaye iri mu kuzimu i Nazareth muri Israyeli ari yo nzu Yezu canke Yesu yabayemwo mu bwana bwiwe.

Umwigisha Ken Dark, yigisha kuri Kaminuza ya Reading mu Bwongereza amaze imyaka 14 yiga ibisigarira vyo mu kinjana ca mbere biri musi y'inyubakwa igezweho y'abihebeye Imana.

Avuga ko mu kinjana ca 19 ivyo bisigarira vyari vyavuzwe ko vyari inzu ya Yezu, Mariya na Yozefu.

Hagati aho, abahinga mu vyo gucukura ibisigarira vya kahise mu myaka ya 1930 barabihakanye.

Kuva ico gihe, ico kibanza caciye cibagirwa gushika Prof. Dark atanguze umugambi wo gusubira kwiga ivy'ico kibanza

Avuga ati: "Jewe si nigeze nja i Nazareth kurondera inzu ya Yezu, nari nsanzwe ndiko ndiga ivya kahise k'iki gisagara kizwi ko cari igisagara cakorerwamwo ingendo nyeranda ku bakirisu b'aba Byzantin.

"Nta muntu yaguye mu gahundwe nkanje".

'Bisa nk'uko tugenda twegera ukuri'

Avuga ko ubu buraro bwa kera bwari musi y'icahoze ari urusengero rw'aba Byzantin, narwo ubu rusigaye ruri musi y'inyubakwa y'Umuryango w'Ababikira b'i Nazareti..

Asigura ati: "Ico tuzi ku vyanditswe ni uko uru rusengero ruzwi ko mu gihe c'aba Byzantin rwari rwubatswe ahahoze ari uburaro bwa Yezu, bwubatswe mu kuzimu kandi bukaba bukingiwe".

"Ni urusengero rwitiriwe Yozefu Mweranda (canke Eglise de la Nutrition), ruvugwa ko rwubatswe mu kibanza Yezu yarerewemwo, ari navyo vyanavuzwe mu rugendo rweranda rwabaye mu kinjana c'indwi".

Prof. Dark avuga ko ubushakashatsi bwiwe bwerekana ko iyi nzu ari iyo mu kinjana ca mbere kandi ko yari yubatswe hagati mu rutare rwari ku gasozi.

Avuga ko umuntu yayubatse ari afise ubuhinga bwo guhingura amabuye, ikintu gisanzwe ku muntu nka Yozefu azwi muri Bibiliya ko yari umuntu yari afise ubuhinga bwo gucura.

Uyu mucukuzi avuga ko n'aho ibi vyose biterekana neza ko iyi yari inzu Yezu yabayemwo, "ntibiri kure cane y'ukuri".