Ni nde yanditse Bibiliya ?

Na Edison Veiga

BBC News Brazil

bibiliya

Ahavuye isanamu, Getty Images

Kuba Katolika, Bibiliya igizwe n’ibitabo 73. Ku baporoti hari 66, nayo aba-orthodoxe bavuga ko hari 78. Ni mu gihe Abayahudi bemera ibitabo 39 gusa, ibi bikaba ari ivyo abakirisu bavuga ko ari ivyo mw’isezerano rya kera.

Aha turiko tuvuga igitabo kigurishwa cane gusumba ibindi vyose muri kahise k’isi, Bibiliya Nyeranda, ikonganirizo ry’ibitabo vyahinduwe mu ndimi zababa 3.000 – aho ibirenga imiriyaridi 3.9 bimaze kugurishwa kw’isi yose, nk’uko bivugwa n’umuryango wa Bibliya wa Brezili (Société biblique du Brésil).

Ariko none, ni bande banditse ibi bitabo?

Dufashe ko ari ibitabo vya kera cane, imbere y’uko abanditsi ba none batangura kwandika uko bandika, biragoye kuronkera iki kibazo inyishu nyayo.

Intango y’iki kiyago ni ukubanza kumenya nimba ari ukugifatira ku bijanye n’idini gusa, canke nimba gikwiye gufatira ku buhinga n’ubumenyi.

Umuhinga mu vya kahise no mu vyigwa bijanye no kwemera Imana Gerson Leite de Moraes asanzwe yigisha kuri kaminuza Mackenzie Presbyterian University avuga ati:

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

"Ni ikibazo kitoroshe kubera hari imbono zibiri. Imbono ya mbere ishingiye ku kwemera Imana gushingiye ku masengero, aha tukaba dufise abiga ibijanye no kwemera Imana kubera bashaka kuba abapasitori/abapatiri mu muryango kanaka, imbono kama ».

Kubw’iwe, inyigisho z’amasabamana ziganisha ku busaseredoti/ubupasitori, zitegerezwa « kugendera ku nyigisho z’uko ivyanditswe vyavugishijwe, ni ukuvuga ko ari ivyavuzwe n’Imana yo nyene ubwayo, iciye kuri Mutima Mweranda/Mpwemu Yera ».

Avuga ati : "Ku rundi ruhande, inyigisho ku bijanye no kwemera Imana zishingiye ku buhinga ntizirajwe ishinga n’iyo mbono, ahubwo zozo zirondera kwihweza uko izi nyandiko zaje ufatiye ku bihe vya kahise ».

Muri iyi nzira, turashobora gutahura ibitabo vya mbere vya Bibiliya, ibigize vya bitabo bitanu vya mbere bizwi nka Pentateuque (canke nka Torah y’Abayahudi), ko ari icegeranyo c’inyandiko zanditswe ubwa mbere imyaka hafi 1.000 imbere y’umuzo wa Yezu/Yesu.

Ibi ni Amamuko/Itanguriro, Ihunga, Abalewi, Guharura/Kubara hamwe na Gutegeka kwa Kabiri (Deuteronome) - ibitabo bivuga ivyerekeye kuva kw’irema ry’isi gushika ku rupfu rwa Musa.

Kubera ari ivya kera, abahinga bavuga ko bigoye kumenya neza na neza abavyanditse.

Igishusho co mu kinjana ca 17 cerekana Umweranda Yoronimu afise Bibiliya

Ahavuye isanamu, Urubuga rusangi

Insiguro y'isanamu, Kubera ari ibitabo vya kera cane, abahinga babona ko bigoye kumenya neza na neza abavyaditse.

Torah

Kubw’amayagwa y’idini, ibi bitabo bitanu vyanditswe n’umuntu umwe, Musa.

José Luiz Goldfarb, umwigisha wa kaminuza ya Katorika y’i São Paulo akaba arongoye n’igisata c’imico y’ikiyahudi mu murwi A Hebraica, avuga ati :

"Nsomye nkongera nkavugana n’umusiguzi akongera akaba n’umukinyi w’ivyese, Haroldo de Campos (1929-2003), nahakuye icigwa ko hari inzira zibiri zishoboka. Iyo yo mw’isinagoga ivuga ko Musa ari we yanditse Torah. Tubifata nk’uko twama ‘twumviriza’ Musa buri ndwi [ibisomwa], kandi ibi bifise agaciro mu mico y’abantu ».

Ihengama ry’abahinga ntiryemera ibivugwa ko ibi bitabo vyanditswe n’umuntu umwe.

Ati : "Ku bijanye n’inyigisho za Bibiliya, tuvuga ibitabo vyanditswe mu myaka irenga 600 ».

"Uku niko umwihwezo wa Harold urangira hampande y’ubushakashatsi yagize kuri Bibiliya, kubisigarira vy’ivya kera (archeoloie), ku bisigarira no ku nzandiko zo guhayagiza ».

Avuga ko umwihwezo wimbitse w’izi nzandiko ufasha kubitadukanya ufatiye ku nyubako, amajambo azigize, n’ibirimwo ufatiye ku banditsi mu bihe bitandukanye vyo muri kahise.

Ni iciyumviro cemerwa neza.

Uri Lam wo mu muryango Templo Beth-El w’abanya-Israel muri São Paulo asigura ati:

"Biragoye cane kuvuga ivy’ibihe canke abanditsi kuko umuntu atakara. Amatohoza y’abahinga yemeza ko izi nyandiko zifise imyaka iri hagati ya 2.700 na 3.000 canke gusumba aho kubera vyahererekanwa ku munwa ».

Kubw’iwe, izo nyandiko zaratagatifujwe – ni ukuvuga ko zegeranijwe hanyuma zifatwa ko ari izigize Bibiliya y’Abahebreyi– amaja mu kinjana ca IV imbere y’umuzo wa Yezu/Yesu.

Lam yemera ati : "Ariko n’aho nyene, hari impari nyinshi, kandi ntidushobora kurangiza iki kibazo ».

Goldfarb abona akarusho muri ibi vyo gufatira hamwe izi nyandiko hamwe no kuzifatira mu mice itandukanye.

Yibaza ati : "Nimba ari inyandiko zamaze imyaka 600, ibi ni vyiza ku bantu bakunda ibikorwa. Ni bangahe bashoboye gusohora inyandiko mu karere kamwe canke akandi ? ».

Muri ico gihe nyene ivy’abanditsi bitandukanye n’ivy’ubu, ingorane nk’izi nyene zo kumenya koko uwanditse zirabandanya mu bindi bitabo biri muri Bibiliya y’Abayahudi – ikonganirizo ry’ibitabo bigize isezerano rya kera muri bibliya ya gikirisu.

Goldfarb ati: "Nk’akarorero, zaburi za Dawudi. Ni agatabo gato abantu bakoresha cane mu bisabisho n’indirimbo vya misi yose kegeranya indirimbo Dawudi yakunda kuririmba mw’isinagoga.

"Tuvuga ko yari umuririmvyi kandi ko ibi bisabisho vyaririmbwa. Ni nde abizi ? Ni ikibazo ciza: ku vyo nize ngasoma, jewe ntavyo nokwemeza… ».

Moraes nawe ati: "Ikiri ukuri ni uko habaye benshi banditse ibiri muri Bibiliya ».

"Igishoboka cane ni uko inkuru ziri mu vyanditswe muri bibiliya muri kino gihe imbere y’aha vyahanahanwa ku munwa igisekuru ku kindi. Kandi iri ryagumye ari itunga karanga ry’idini ry’aba bantu ».

Igishusho co mu kinjana ca 19 cerekana intumwa iriko ishikiriza Torah

Ahavuye isanamu, Urubuga rusangi

Insiguro y'isanamu, Igishusho co mu kinjana ca 19 cerekana intumwa iriko ishikiriza Torah

Uyu mwigisha wa kaminuza ati: "Ni ukumenya kandi ko ivyo abitirirwa inyandiko mu gihe ca kera bitandukanye n’ivyo dufise ubu. Ico gihe, vyari bikunze kuba ko inyandiko kanaka yitirirwa umutware mukuru, umutegetsi akundwa, umuntu akomeye ».

Aha niho rero, abanywanyi b’inyigisho zimwe zimwe, iyo bahinduye ivyo bazi bakabishira mu nyandiko, bakunda kuzitunganya nk’uko umengo ni ikintu canditswe na ba shebuja.

Moraes yongerako ati : "Kubiraba Torah, ushaka kuvuga ko izi nzandiko zanditswe na Musa? Bishobora kuba atari vyo. Kumbure afise kuba yarabigizemwo uruhara. Hari bamwe bavuga ko ata ruhara na rutoya yagize.

"Ariko ni inyandiko zitirirwa Musa."

Kubw’iwe, igikenewe ni uko izi nyandiko nyeranda birangira zitiriwe amadini.

Amayagwa kuri Bibiliya

Bibiliya Nyeranda yahinduwe mu ndimi zigera ku 3.000

Ahavuye isanamu, Urubuga rusangi

Insiguro y'isanamu, Bibiliya Nyeranda yahinduwe mu ndimi zigera ku 3.000

Moraes yibaza ko ari ibintu vyumvikana ko ibitabo vyeranda vyanditswe, nk’akarero, inyuma y’ishingwa ry’igihugu ca Israel gusumba ibihe bivugwamwo, nk’ibijanye n’ihunga ry’Abayahudi bava mu Misiri, barongowe na Musa.

Ati: "Iyumvire igico c’abantu bayerera mu bugaragwa. Ivyo kwicara ngo bandike si vyo bibaraza ishinga. Ikiraje ishinga uwuriko arayerera mu bugaragwa ni ukurondera ingene abaho. Mu myaka itari mike, vyabaye ngombwa ko bategura intambara kugira ngo baronke ubutaka…nta n’umwe yari anezwe ivyo kwandika ibitabo."

Uyu mushakashatsi ati: "Ikintu kinini gishoboka, ni uko ibi vyagiye kuba hashinzwe umuryango wiyubatse neza."

Ariko zari inkuru zidakomeye cane, z’ubwoko butandukanye, vyarangiye zegeranijwe zigashirwa hamwe n’umwanditsi umwe canke benshi.

Umuhinga mu nyandiko nyeranda, Thiago Maerki akaba n’umushakashatsi kw’ishure kaminuza rya São Paulo (Unifesp), akaba kandi ari mw’ishirahamwe Hagiography Society, muri Amerika, arashima cane iciyumviro co gukoresha ubumenyi bwa none mu vy’indimi mu kugerageza gushira hamwe canke gutandukanya inyandiko zigize Bibiliya.

Kubw’iwe, abanditsi nk’umwigisha wa kaminuza Robert Alter, umunyamerika yigisha kw’ishure kaminuza ya California, "babivuga neza ", nk’igihe avuga ko ari vyiza "gukoresha uburyo bumwe bumwe bukoreshwa mu kwiga ibijanye n’ivya kahise k’indimi n’inyandiko mu kwiga inyandiko za Bibiliya".

Maerki ati: "Arihweza ubuhinga bw’inyandiko, impinyanyuro z’amajambo yakoreshejwe, ubudasa mu gushikiriza ivyiyumviro, imyumvikano ikurikizwa mu bwoko bumwe bumwe bw’inyandiko ya Bibiliya, na buri mwanditsi.

"Igihe cose kugira ngo ntihabe kuzana ivyataye igihe."

Isezerano rishasha

Indinganizo y’amayagwa nayo nyene ishobora kwisungwa mu mwihwezo w’ibitabo bine vy’injili, ibitabo bivuga ubuzima bwa Yezu, bikaba vyitirirwa Matayo, Mariko, Luka na Yohani.

Umushakashatsi kuri kahise k’idini rya Gikristu kw’ishure kaminuza Université pontificale grégorienne i Rome akongera akaba n’umuhinga ku bijanye na Vaticano Mirticeli Medeiros, arabishingira intahe ko, ata gukekeranya, abanditse ibi bitabo bine ari abo bagabo bane.

Asigura ati : "Ku vy’Injili, nta mpari zihari [kuba zitirirwa], n’imiburiburi ufatiye ku bushakashatsi bwa vuba. Aha ni ukwibuka ko babiri mu banditsi bazo, Matayo na Yohani, bari abatumwa ba Yezu/Yesu. Aba bandi babiri, Mariko na Luka, ku ruhande rwabo, bateguye inyandiko zabo bisunze ivyo abatumwa bashingiye intahe."

Maerki arasangamwo ubudasa mu mpinyanyuro z’amajambo muri ibi bitabo bine.

Asigura ati : "Matayo afatwa nk’umwanditsi adakoresha impinyanyuro itaziguye, akoresha impinyanyuro isanzwe. Yohani akoresha ururimi rugoye, rwuzuye imizunguruko, imvugo ngereranyo. Luka akoresha imvugo inonosoye, ihanitse."

Nimba mw’isezerano rya kera hari ibibazo vyinshi gusumba ibizwi ku bijanye n’abitirirwa ibitabo, inyandiko zo mw’isezerano rishasha, n’aho ari iza vuba kandi n’abazitirirwa bavugwa hafi muri zose, naho nyene harimwo ibibazo.

Birazwi ko bimwe muri vyo vyatanguye kwandikwa imyaka 30 canke 40 inyuma y’urupfu rwa Yezu. Moraes avuga ko "bishoboka cane ko aya mazina yose [y’aba banditsi b’Injili bane] yaje biciye mu mico n’imigenzo."

Ashimangira ati : "Nta zina ry’umuntu yitirirwa ibi bitabo vya kera cane."

Igisa n’uko ata mpari gitera ni uko iya mbere muri izi njili ari iya Mariko.

Ati: "Mu gihe hari igisekuru, igisekuru cakurikiranye ubuzima bwa Yezu gushika apfe, ni ngombwa ko kigumana inyandiko ku vyabaye. Rero nico gitangura ubwoko bushasha bw’impinyanyuro y’amajambo, ari yo Njili."

Mu gushira hamwe imico n’imigenzo hamwe n’ivyahanahanwa ku munwa, uyu mwanditsi w’injili arandika neza ivy’ubuzima bwa Yezu.

Ariko ahagarara cane ku gice yashaka guhagararako ico gihe: aha ni ukuvuga ko ata kigoro agira ko kuvuga ku vyerekeye ivuka canke ubwana bwa Yezu, ahagarara cane cane ku gikorwa ciwe, ku rupfu rwiwe, ku butumwa bwiwe bwa Pasika.

None uyu Mariko yari umuntu ki ? Umuhinga mu vyigwa bijanye no kwemera Imana (théologien) arerekana ko yari umwigishwa w’intumwa Petero.

Ati: "Ariko abandi bazokubwira ko yari umwigishwa wa Paulo. Ivyo ari vyo vyose, ico tuzi ni uko atari umwigishwa wa Yezu."

Injili ya Yohani nayo nyene irimwo amakenga. Ahari amakenga ni aho avuga «umwigishwa yakundwa cane», aha amayagwaakerekana ko yari Yohani.

Moraes ati : "Ariko hariho abahinga mu vyigwa bijanye no kwemera Imana babona ahubwo ko yashobora kuba ari Lazaro, kuko mu njili harimwo umurongo [mu gice kivuga urupfu rwa Lazaro] uvuga ko Yezu yarize, ‘hanyuma raba ingene yamukunda."

Mu kinjana ca 20 ni ho abakristu batanguye kmwemeza ko Yohani ari we yanditse iyi Njili.

"Amayagwa yabigize uko nyene, tubandanya tumwita Yohani. Ariko ntivyoroshe kumenya uwayanditse, ishobora mbere kuba yanditswe n’umurwi wa benshi."

Kubw’uyu muhinga mu vyigwa bijanye no kwemera Imana, ni vyiza ko tugumana iciyumviro c’uko ari « Injili zanditswe na» ugaca ushirako izina rimwe rimwe muri ayo, hakubafata nk’abanditsi b’ibitabo nk’uko bafatwa mu gihe ca none.

Amabaruwa menshi

Igishusho co mu kinjana ca 19 cerekana Umweranda Paul ariko yandika amabaruwa yiwe

Ahavuye isanamu, Urubuga rusangi

Insiguro y'isanamu, Igishusho co mu kinjana ca 19 cerekana Umweranda Paul ariko yandika amabaruwa yiwe

Ariko nimba ikibazo ari Isezerano rishasha, ni ukwerekana uruhaha rwa Paulo, intumwa yandikiye amabaruwa menshi imiryango ya mbere ya gikristu.

Medeiros avuga ati : "Amabaruwa ya Paulo, nk’uko iri zina ribivuga, [yanditswe] na Paulo hamwe n’abigishwa biwe. Nk’akarorero, ibaruwa ryandikiwe Timoteyo, rishobora kuba ryanditswe na Paulo, rero abahinga bamwe baryita Deutéro-Paulin".

"Hagati aho, hari impari ku vyerekeye amabaruwa yitirirwa Petero, kandi ashobora kuba atanditswe na we nyene ubwiwe. Co kimwe kandi n’irya Paulo yandikiye abahebreyi, rishobora cane kuba ryagiye kurangizwa n’umwe mu bigishwa biwe ».

Paulo yumvikana ko ari we yatanguye kwandika kuri Yezu, kuva mu mwaka wa 57 canke 58.

Moraes avuga ati : "Ikibazo nyamukuru ni ukumenya nimba yari azi ko yariko yandika inyandiko nyeranda. Ashobora kuba atari abizi."

"Hari uburyo yakoresha mu kuvugana n’amasengero hanyuma agasiga amakete. Amwe muri yo yaratakaye, amwe muyo twita ko ari amabaruwa yiwe yanditswe kumbure n’abigishwa biwe, ariko ashirwa mu murwi w’ayanditswe na Paulo."

Uyu muhinga mu vyigwa bijanye no kwemera Imana avuga ati: "Iyo tuvuga amabaruwa ya Petero, kumbure yanditswe n’abamwegereye, kuko Petero ntiyari azi kwandika, kandi arabitomora mw’ibaruwa ryiwe [rya mbere]. Yakoresha umwanditsi mu kwandika. Kumbure afise kuba yabwira icegera ciwe, yitwa Silvano, ivyo yandika."