Abanyeshure muri Irani mu myiyerekano yiyamiriza reta kuva iyiheruka itujijwe bikomeye

Insiguro ya video, Hadutse imishamirano hanze ya Kaminuza ya Sharif i Tehran
    • Umwanditsi, Siavash Mehdi-Ardalan
    • Igikorwa, BBC Persian
    • Umwanditsi, Jaroslav Lukiv
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Abanyeshure bo ku makaminuza atari make muri Irani bateguye imyiyerekano yo kwiyamiriza reta – iya mbere ikomeye kuva abategetsi batujije bikomeye iyiheruka mu kwezi guheze.

BBC yabonye amashusho y'abanyeshure bari muri iyi myiyerekano kuri kaminuza Sharif University of Technology ku mugwa mukuru Tehran ejo ku wa gatandatu. Mu nyuma hadutse imishamirano hagati yabo hamwe n'abashigikiye reta.

Ku yindi kaminuza y'i Tehran nyene, abanyeshure babonetse bagandagaje, hakavugwa kandi n'urugendo rwateguwe mu buraruko bushira ubuseruko. Aba banyeshure bariko bibuka ibihumbi vy'abagandaguwe mu myiyerekano ikomeye yabaye muri Nzero (1).

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zimaze imisi zegeranya ingabo n'ibikoresho hafi ya Irani, Perezida Donald Trump akaba avuga ko ariko yihweza ko yokora igitero gitoya.

Amerika n'incuti zayo za Bulaya zikeka ko Irani iriko yerekeza ku guhingura ikirwanisho ruhonyanganda c'ubumara, ivyo Irani idahengeshanya kwamirira kure.

Abategetsi ba Amerika n'aba Irani barahuriye mu Buswisi ku wa kabiri w'iyi ndwi, bakaba bavuze ko hari intambwe yatewe mu biganiro vyo guhagarika umugambi wa nikleyeti wa Irani.

Ariko nubwo bavuze uku, Trump mu nyuma yavuze ko amakungu ashobora kuzomenya "kumbure mu misi 10 iri imbere" nimba hashobora kuba amasezerano na Irani canke Amerika ikoreshe inguvu za gisirikare.

Trump yarashigikiye iyi myiyerekano yabaye mu kwezi guheze – aho yigeze kwumvikana asa n'uwuriko abatera intege, mu kubemerera ko "ubufasha buri mu nzira".

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Amashusho yagenzuwe na BBC yerekana amajana y'abari mu myiyerekano – benshi muri bo bafise amabendera ya Irani – bari mu rugendo rw'amahoro mu nyubakwa za kaminuza Sharif University of Technology ejo ku wa gatandatu.

Baririmba bavuga ngo "N'apfe umutegetsi w'agahotoro" - bashaka kuvuga indongozi y'ikirenga Ayatollah Ali Khamenei – hamwe n'ayandi majambo yo kwiyamiriza reta.

Muri iyo video, haboneka iyindi myiyerekano y'abashigikiye reta. Mu nyuma haboneka imishamirano yaduka hagati y'iyi migwi ibiri.

Amashusho yagenzuwe yerekanye kandi abandi bari mu myiyerekano y'amahoro bagandagaje kuri kaminuza ya Shahid Beheshti ku mugwa mukuru.

BBC kandi yagenzuye amashusho yo ku yindi kaminuza y'i Tehran, Amir Kabir University of Technology, yerekana abari muri yo baririmba indirimbo ziyamiriza reta.

I Mashhad, igisagara kigira Kabiri ca Irani mu buraruko bushira ubuseruko, havugwa iyindi myiyerekano aho abari muri yo baririmba ngo: "Ubwigenge, ubwigenge", hamwe na "Banyeshure, tera akaruru, tera akaruru musabe uburenganzira bwanyu".

Havuzwe n'iyindi myiyerekano minini mu tundi turere, aho abari muri yo basaba ko ibandanya kuri uno wa Mungu.

Ntibiramenyekana neza nimba hari abari muri iyi myiyerekano boba barahagaritswe.

Mu kwezi guheze, hadutse imyiyerekano ishingiye ku buzima buzimvye, ikaba itatevye kwitabirwa n'isinzi, ivyatumye iba iya mbere ikomeye kuva habaye iya 1979 yavuyemwo ishingwa y'ubutegetsi bwa Kisilamu.

Ishirahamwe Human Rights Activists News Agency (HRANA) rifise icicaro muri Amerika ryemeje ko abantu nibura 6159 bishwe muri ico gihe, harimwo abari mu myiyerekano 5.804, abana 92 hamwe n'abandi 214 bari ku ruhande rw'ubutegetsi.

HRANA ivuga kandi ko iriko ikora amatohoza ku bandi 17.000 bavugwa ko bapfuye.

Abategetis ba Irani bavuze mu mpera z'ukwezi guheze ko abarenga 3100 bishwe – ariko ko benshi muri bo bari abajejwe umutekano canke abariko birenganira batewe n' "abagumutsi"

Imyiyerekano y'ejo ku wa gatandatu yabaye mu gihe abategetsi ba Irani bariko bitegurira igitero gishobora gukorwa na Amerika.

Abanyaporitike bari mu buhungiro babandanya basaba Perezida Trump kuva mu majambo yo gutera ubwoba agakora igitero nyezina, bizeye ko reta y'agahotoro itoteba gusenyuka.

Ariko iyindi migwi y'abatavuga rumwe ntiyerekwa igitero kivuye hanze.

Impande zikebana zimaze igihe mu bikorwa vyo gukwiragiza amakuru atari yo ku mbuga hwaniro, mu kugerageza gutanga amakuru avuguruzanya ku vyo Abanya-Irani bashaka.

Ghoncheh Habibiazad wa BBC Persian, hamwe na Richard Irvine-Brown na Shayan Sardarizadeh ba BBC Verify baterereye muri iyi nkuru.