Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abagenzi barafashije kuriha indege umukuru wa Kenya yagiyemwo muri Amerika
- Umwanditsi, Basillioh Rukanga
- Igikorwa, BBC News, Nairobi
Perezida wa Kenya William Ruto yavuze ko indege y'abikorera ivyabo yakoresheje mu kugira urugendo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu ndwi iheze yatwaye hafi miriyoni 10 z'amashiringi ya Kenya [ni amadorari 73.000; mu mafaranga y'Uburundi ni hafi miriyoni 210 ku rugero rwo muri banki], mu gihe hari ibineguro vyinshi ko habaye isesagura.
Yavuze ko hari ''abagenzi bamwe bamwe '' b'igihugu bayitanze kuri ico giciro mu gihe yari yafashe ingingo yo gukoresha indege y'igihugu kugira aziganye amafaranga.
Yavuze ko atari kwubahuka gusohora amafaranga angana na miriyoni imwe n'inusu z'amadorari [miriyoni $1,5; yari guca aba amarundi arenga miriyaridi 4,3] -yavuzwe ko ari yo yasohotse kugira hakoteshwe iyo Boeing 737-700 y'abantu bakomeye cane (VIP).
''Si ndi musazi'', niko yavuze igihe yari mu birori vy'igisabisho National Prayer Breakfast ku wa kane i Nairobi.
Ariko n'ubu nyene ivyo yavuze ntivyagarukiye aho kuko hari abanya-Kenya ku mbuga hwaniro baciye barondera kumenya abo bagenzi abo ari bo.
Ruto yagiye muri Amerika mu ndwi iheze mu rugendo rw'igihugu rw'iminsi itatu - urugendo rwa mbere nk'urwo rugizwe n'umumukuru w'igihugu co muri Afrika mu myaka irenga 15.
Muri urwo rugendo, Kenya yatahukanye amasezerano atari make yo gushora imitahe mu migambi itandukanye iciye miriyaridi z'ama dorari.
Aho agarukiye mu gihugu, perezida Ruto yarisiguye ku makenga y'ikiguzi urwo rugendo rwatwaye, avuga ko iyo ndege y'abifise yakoresheje yari izimbutse kurusha indege ya kompanyi y'igihugu -ariko ntiyavuze amafaranga yari gusaba.
Ababinegura babandanije, bamwe batemera ivyo yavuze abandi bavuga ko yari gukoresha Kenya Aiways.
Ku wa kane yavuze ko yabwiwe ko indege ya make kurusha izindi zose yari gusaba hafi $530.000 hanyuma aca asaba ibiro vyiwe kumufatira ibibanza muri Kenya Aiways we n'abo bari kujana bashika hafi 30.
Ariko abagenzi bamwe bamwe bamaze kwumva ko azogenda mu ndege itwara n'izindi ngenzi, baciye bamubaza amafaranga abona yoshobora kuriha mu gukotesha indege, nk'uko yavuze.
''Twarubatse izina rikomeye nk'igihugu kandi twararondeye abagenzi...Navuze ko ntashobora kuriha ayarenga [miriyoni 153]. Baca bavuga bati zana $73.000 turaguha indege,'' nk'uko yasiguye.
Yashimitse mu kwemeza ko atari kwemera ko hasesagurwa amafaranga ava mu makori umunyagihugu atanga. ''Ntegerezwa gutanga akarorero mu gihe mbwira abandi gutubika umukanda, nanje uwanje utegerezwa gushika ku ntango''.
''Mutekane rero izo mpari zihere,'' nk'uko yavuze.
Ariko ntizaheze kuko hari abanya-Kenya ku mbuga hwaniro babaza niba vyari bibereye ko yemera iyo ndege.
''Abo 'bagenzi' ni bande baha ingabire umukuru w'igihugu? Ategerezwa gushira ahabona ivyo bintu,'' niko Karani Mutonga yanditse kuri X (yahoze ari Twitter).
''Niba yari ingabire ivuye hanze, hari ibindi bintu bijana nayo. Nta vyo kurya vya gusa,'' uwo nawe ni Mwangi Maina.
Izo mpari ku mafaranga reta ikoresha zibandanya mu gihe hari amakenga ko reta ari bisesagu mu gukoresha amafaranga ava mu makori y'abanyagihugu -ivyo abategetsi bama bahakanye.
Kuva ashitse ku butegetsi mu 2022, Ruto yaradugije amakori atari make hanyuma ashinga n'ayandi mashasha, bishavuza abanya-Kenya.