Aba perezida bo muri Africa 'bama mu kirere' baranegurwa cane kubera ingendo zo hanze

    • Umwanditsi, Na Basillioh Rukanga
    • Igikorwa, BBC News

Kuva batowe kuba abakuru b'ibihugu, William Ruto wa Kenya na Bola Tinubu wa Nigeria bagumye banebagurwa ku ngendo zisubiriza bakora mu mahanga.

Abo bagabo babiri bavuzweko amajambo atanezereye - ibiciro vy'ingendo z'indege bafata bitandukanye n'ingene ubutunzi bwifashe mu bihugu vyabo.

Ikinyamakuru, Standard co muri Kenya cataziriye Ruto "Fying president", twogereranya na: ''Perezida aguruka''.

Kivuga ko "akunda ingendo z'indege cane ku buryo bisa nk'aho ata karyo na kamwe kamucika" nubwo hari ibibazo bikomeye bimurondera mu gihugu, nko gutorera umuti ikibazo c'ubuzima buzimvye.

Mu kwezi guheze igihe Tinubu yagira urundi rugendo i Bulaya, umukuru w'umugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi, Atiku Aboubakar, yanditse ku mbuga hwaniro ko Nigeria idakeneye ''umukerarugendo mukuru''. Yaneguye ingendo z'umukuru w'igihugu mu gihe Nigeria ihanzwe n'ibibazo vy'umutekano.

Ibi bishobora kuboneka nk'amajambo yo guhuguza, yovugwa n'uwo ari we wese anegura rata. Abakuru b'ibihugu barakeneye kwitaba amanama abahuza na bagenzi babo kandi bagakomeza imigenderanire n'ibindi bihugu. Ingendo zirakenewe, atari gusa mu bijanye n'imigenderanire, ariko no mu vy'ubutunzi, kuko imigambi ikomeye y'ubutunzi ishobora kuganirwako.

Ariko bamwe bavuzeko uwahoze ari umukuru w'igihugu ca Tanzaniya John Magufuli ata rugendo na rumwe yigeze akora hanze ya Afrika mu myaka 6 yamaze ku butegetsi .

'Ukwishira hejuru'

Umuhinga w'umunya-Kenya mu bijanye n'imigenderanire Prof Macharia Munene aremeza ko ingendo zimwe zimwe ari nkenerwa, ariko ko izindi, atakwihenda, ari igihombo ku gihugu.

Abwira BBC ati : ''Mufise abakuru b'ibihugu bakunda indege... Zimwe muri izi ngendo ni izo kwihimbaza, nta nyungu nyinshi zizanira igihugu".

Ruto na Tinubu n'abavugizi babo barashigikira izo ngendo ko ari nkenerwa cane mu gutora umuti w'ibibazo bikomeye bagirizwa ko birengagiza.

Mu mezi munani amaze atanguye amabanga y'umukuru w'igihugu, Tinubu amaze gukora ingendo 14 - ni nk'ingendo zibiri mu kwezi, ariko asumbwa kure cane na Ruto amaze gukora ingendo 50 hanze y'igihugu kuva abaye umukuru w'igihugu mu 2022 - aho ugereranije yafashe ingendo 3 mu kwezi.

Ugereranije n'uwo Ruto yasubiriye, Uhuru Kenyatta yarengeje urugendo rumwe ku kwezi mu kiringo c'imyaka cumi yamaze ari umukuru w'igihugu, co kimwe na mugenzi we yahoze atwara Nigeria Muhammadu Buhari, nubwo uravye imisi bamaze hanze y'igihugu ata budasa bunini buhari.

Abandi bategetsi bo kw'isi nabo nyene barakoze ibirometero vyinshi vy'ingendo zo mu kirere ariko Ruto na Tinubu babandanya babazwa nimba buri rugendo bakoze ari nkenerwa.

Aba bategetsi ba Kenya na Nigeria bari mu ngendo i Bulaya mu mpera z'ukwezi guheze - Ruto yari mu Butaliyano mu nama y'abakuru b'ibihugu vya Afrika n'Ubutaliyano, mu gihe Tinubu yabandanije urugendo rwiwe rudasiguritse mu Bufaransa, igihugu yagiyemwo ku ncuro igira gatatu kuva mu kwa gatanu. Kuva ico gihe nyene, Ruto aramaze kugira n'izindi ngendo.

Mu kwa gatandatu mu 2023, inyuma y'indwi zitatu gusa kuva arahiye nk'umukuru w'igihugu, Tinubu yafashe urugendo rwo mu Bufaransa mu nama y'iminswi ibiri y'abakuru b'ibihugu yerekeye ihindagurika ry'ikirere. Yari yaragiyeyo amezi make imbere y'aho "mu karuhuko" kugira ngo ategure ibisikanya inyuma yo gutorwa nk'umukuru w'igihugu.

Avuye mu Bufaransa yaciye aja mu Bwongereza kuganira n'uwo yasubiriye, na we nyene yari yagiye "mu karuhuko" inyuma y'amatora. Inyuma y'indwi imwe, Tinubu yaciye aja muri Guinee Bissau mu nama y'ishirahamwe CEDEAO/ECOWAS rihurikiyemwo ibihugu vya Africa y'Uburengero, aca akuzikizako urugendo rw'i Nairobi.

Mu kw'umunani yagiye muri Benin, mu kw'icenda agenda mu Buhindi no muri Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu, hanyuma aja muri Amerika mu nama y'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, imbere y'uko asubira mu Bufransa.

Ukwezi kw'icumi kwose yakumaze mu gihugu imbere yo gusubira gufata ingendo muri Arabia Saudite, Guinee Bisau no mu Budagi mu mpera za Munyonyo (11), inyuma y'indwi aca aja i Dubai.

Ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Nigeria vyavuzeko izo ngendo ari nkenerwa kugira haboneke imitahe mvamakungu.

Mw'ijambo yashikirije igihugu ku mwaka mushasha wa 2024, Perezida Tinubu yavuze ati: "Mu rugendo urwo ari rwo rwose nafashe, ubutumwa nashikana ku banyamitahe n'abandi bagwizatunga bwari bmwe: Amarembo ya Nigeria aruguruye ku rudandazwa".

Ingendo za Ruto kuva arahiriye amabanga y'umukuru w'igihugu mu 2022 zabaye nyinshi kandi zegeranye cane.

Kuva mu kw'icenda kw'uwo mwaka gushika mu kwa 12, yafashe ingendo zo hanze n'imiburiburi zibiri mu kwezi. Mu kwa gatanu, yafashe ingendo zitanu. Yagiye mu bihugu bitandukanye vya Afrika, vya Bulaya, no muri Amerika mu manama mpuzamakungu n'imibonano n'abandi bategetsi.

Muri uno mwaka, mu kwezi kwa mbere yagiye muri Uganda, muri Republika ya Democrasi ya Congo no mu Butaliyano. Muri uku kwezi naho amaze kuja mu Buyapani no muri Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu.

Ikibazo si incuro z'izi ngendo gusa, ni n'igiciro cazo.

Tinubu bivugwako yakoresheje imiliyoni 2.2 z'amadorari y'abanyamerika (miriyaridi hafi zitandatu mu marundi) mu ngendo hagati no hanze y'igihugu mu kiringo c'amezi atandatu ya mbere ari ku butegetsi- ni ukuvuga ko yarengejeko 36% y'amafranga ategekanijwe mu ngendo mu 2023 nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru Punch gisubiramwo ikigo GovSpend gikurikirana ingene amafranga ya reta akoreshwa.

Muri Kenya, ikigo cigenga, Controller of Budget, gikurikirana ikoreshwa ry'amafaranga ya reta, cerekana ko amafranga yari amaze gukoreshwa mu ngendo z'umukuru w'igihugu yiyongereye gushika mu kw'indwi kw'umwaka uheze - harimwo amezi icenda y'ikiringo Ruto yari amaze ku butegetsi.

Muri rusangi, amafranga yakoreshejwe mu ngendo mu gihugu no hanze mu kiringo c'umwaka ni miriyoni 9,2 z'amadorari y'Abanyamerika (arenga miriyaridi 27 mu marundi) , arenga ibice 30% vy'ayari ategekanijwe mu mwaka w'imbere y'aho.

Umuvugizi wa reta ya Kenya ntiyishuye ku bibazo vya BBC bijanye n'ingendo za Ruto naho umukuru w'igihugu ubwiwe n'umuvugizi wiwe baguma babisigura.

Ruto avuga ko adatembera nk'umukerarugendo, ko ingendo akora zikenewe kugira aronke abanyamitahe b'abanyamahanga kandi ko zitanga n'ubuzi ku banya Kenya hanze y'igihugu-aheruka kuvuga ko yaronse ubuzi 300.000 biciye ku biganiro.

Inyuma y'urugendo mu Buyapani, Perezida Ruto yashitse ku masezerano afise agaciro k'imiliyaridi 2.3 z'amadorari y'Abanyamerika.

Mu gihe berekana akamaro k'ingendo zo hanze z'abakuru b'igihugu, haba muri Kenya haba mo muri Nigeria barafashe ingingo zo kwirinda abanegura ingendo z'abategetsi bo muri reta hanze y'igihugu.

Reta ya Kenya yavuze ko yagabanuye amafaranga ategekanirizwa ingendo zo hanze z'abakozi bayo gushika ku 50% aho iboneye ko inegurwa ko ''isesagura'' mu ngendo zo mu gihugu hagati no mu mahanga. Ariko ivyo bisa n'ibitakoze ku mukuru w'igihugu ubwiwe, yavuze ko atazoreka gukora urugendo mu gihe ruba rufise akamaro.

Mu kwezi guheze, umukuru wa Nigeria yamenyesheje igabanywa ry'abantu baja mu ngendo zo hanze ku rugero rwa 60%. Iyo ngingo yamenyeshejwe n'umuvugizi wiwe Ajuri Ngelale yarimwo kandi igabanywa ry'abagendanira umukuru w'igihugu ubwiwe, ariko ntiyavuze niba azogabanya igitigiri c'ingendo ziwe.

Ariko si muri Kenya na Nigeria honyene aho abantu barajwe ishinga n'amafaranga atwarwa n'ingendo zo mu mahanga.

Mu gihe abanye-Congo (Kinshasa) bariko baritegurira kuja mu matora mu mwaka uheze, kimwe mu bineguro kuri perezida Félix Tshisekedi cari cerekeye igitigiri c'ingendo yari yagize, mu gihe hari abavuga ko ata vyinshi vyazivuyemwo bigaragara.

Mu kwezi kwa Munyonyo (11) umukuru wa Malawi Lazarus Chakwera yarahagaritse ingendo zose mpuzamakungu ziwe n'abashikiranganji, aca ategeka abari hanze bose kugaruka bitumwe n'ibibazo vy'ubutunzi bihanze igihugu.

Ahandi vyabaye ngombwa ko hasubirwamwo ibijanye n'ingendo zo hanze z'abategetsi bo muri reta harimwo muri Uganda, Gambia, Namibia na Sierra Leone, aho abategetsi b'ivyo bihugu bibiri vya nyuma biswe n'ibinyamamakuru vyaho ''perezida aguruka'' nk'uwa Kenya William Ruto.