Umukuru wa Hamas avuga ko abahungu biwe batatu biciwe mu gitero ca Israel co mu kirere

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Na Vicky Wong
- Igikorwa, BBC News
Umukuru w’ishami rya poritike ry’umuhari Hamas, Ismail Haniyeh, aremeza ko batatu mu bahungu biwe be na bane mu buzukuru biwe bishwe mu gitero co mu kirere muri Gaza.
Ibinyamakuru vyegamiye Hamas bivuga ko imodoka yari itwaye aba bahungu biwe yatewe mw’ikambi ya Al-Shati hafi y’igisagara ca Gaza.
Haniyeh avuga ko ibi vyabaye bidashobora guhindura ibisabwa na Hamas mu biganiro bifise intego yo gushika ku masezerano yo guhagarika intambara.
Igisirikare ca Israel kivuga ko aba bahungu biwe bari mw’ishami rya gisirikare rya Hamas.
Amakuru avuga ko aba bantu batewe bari mu nzira bagiye mu birori vy’umuryango vyo guhimbaza umusi wa mbere w’akaruhuko ka Eid mw’idini rya Islam.
Haniyeh yabwiye ikinyamakuru Al Jazeera ko abahungu biwe – Hazem, Amir, na Muhammad – bari bagumye muri Gaza muri ino ntambara.
Itangazo rya Hamas mu nyuma ryavuze ko bane mu buzukuru ba Haniyeh – Mona, Amal, Khaled na Razan – bari mu bishwe mu co bise igitero “c’ubuhemu n'ubwoba”.
Haniyeh avuga ko yumvise ano makuru mu gihe yari yagendeye inkomere z’Abanya-Palestina zatwawe kuvurirwa ku mugwa mukuru wa Qatar, Doha, ari naho ino ndongozi ya Hamas isanzwe iba.
Yabwiye Al Jazeera ati: "Umwansi arihenda nimba yibaza ko gutera abahungu banje, mu gihe ibiganiro [vyo guhagarika intambara] bigeze ku ndundura n’imbere y’uko umuhari utanga inyishu yawo, bizotuma Hamas ihindura aho ihagaze”.
Mu butumwa bwacishijwe kuri konte ya Hamas ku rubuga rwa Telegram, ashimira Imana kw'"iteka" yamuhaye mu co yise “ukwitanga kw’abana n’abuzukuru biwe”.
Igisirikare ca Israel kivuga ko "cishe abakozi batatu b’ishami rya gisirikare rya Hamas hagati muri Gaza”, kinongerako ko bari abahungu ba Ismail Haniyeh. Iri tangazo ntirivuga ivy’aba buzukuru ba Haniyeh bivugwa ko bapfuye.
Mu gihe igitsure c’amakungu asaba ko boshika ku masezerano yo guhagarika intambara kigenda ciyongera, Perezida Joe Biden wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yarungitse umukuru wa CIA (igisata ca Amerika kijejwe igendereza ryo hanze), William Burns, mu biganiro biriko bibera i Cairo (umugwa mukuru wa Misiri).
Bivugwa ko integuro iherutse gutangwa, Hamas ivuga ko iriko irihweza, irimwo irekurwa ry’Abanya-Israel 40 bafashwe bugwati ubu bakaba bapfungiwe muri Gaza, hanyuma Israel nayo ikarekura Abanya-Palestina 900 bapfungiwe mu mabohero yayo.
Haniyeh afatwa nk’umutegetsi w’ikirenga wa Hamas, akaba ari umunywanyi azwi cane w’uno muhari kuva mu 1980. Yatowe mu 2017 kugira ngo arongore urwego rwa poritike rwa Hamas, ubushikiranganji bw’imigenderanire bwa Amerika bukaba bwamushize ku rutonde rw'abakora iterabwoba mu 2018.
Aba si bo ba mbere mu muryango wa Haniyeh bishwe muri ino ntambara. Bivugwa ko uwundi muhungu wiwe yishwe muri Ruhuhuma (2), mu gihe mwenewabo be n’umwishwa wiwe nabo bishwe muri Gitugutu (10), hagakurikira umwuzukuru muri Munyonyo (11) mu mwaka uheze.
Iyi ntambara yandurutse ku gitero c’abarwanyi ba Hamas bateye Israel ku wa 7 Gitugutu mu mwaka uheze, bakica abantu 1200 bongera banyuruza abarenga 250.
Israel ivuga ko mu bantu 130 bafashwe bugwati bakiri muri Gaza, nibura 34 bamaze gupfa.
Abanya-Gaza barenga 33.000, abenshi muri bo bakaba ari abasivire, baramaze kwicwa mu bitero Israel yatanguye kuri Gaza kuva kuri iki gitero co muri Gitugutu, nk’uko bitangazwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu butegetsi bwa Hamas.












