Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ibihugu vy'Uburengero bisaba bishimitse Tanzania kurekura ibiziga vy'abiciwe mu myiyerekano
- Umwanditsi, Wycliffe Muia
Ibiro vy'ubuserukizi bw'ibihugu vy'Uburengero muri Tanzania, harimwo ivy'Ubufaransa n'ivy'Ubwongereza, bisaba abategetsi b'iki gihugu kurekura ibiziga vy'abiciwe muri za ntureka zo mu gihe c'amatora aheruka muri Gitugutu (10), maze bigashikirizwa imiryango yabuze.
Bisubiramwo "amasoko yo kwizera", ubuserukizi bw'ibihugu 17 buvuga ko hari "ivyemezo vy'ubwicanyi ndengerabutungane, abanyurujwe n'abahagaritswe mu buryo buteye kubiri n'amategeko", hamwe n'ivyo "kunyegeza ibiziga", vyakozwe n'abategetsi ba Tanzania muri izo ntureka.
Mu kwishura, reta ya Tanzania ivuga ko yashizeho umurwi ujejwe amatohoza, ari na wo uzotanga umuco "ku vyabaye bibabaje".
Bivugwa ko amajana n'amajana bishwe muri izo ntureka, ariko gushika ubu reta nta biharuro irashira ahabona.
Abategetsi baratujije bikomeye imyiyerekano yabaye muri ico gihugu inyuma y'amatora y'umukuru w'igihugu yo ku wa 29 Gitugutu, amatora Perezida Samia Suluhu Hassan yatangajwe ko ari we yayatsinze ku majwi hafi 98%.
Hagati aho, ni amatora yabaye abakeba bose bakuru bakuru ba Samia bakumiriwe, ivyateje uburakari mbere bamwe bakanabona ko atabaye meza, abatavuga rumwe n'umugambwe uri ku butegetsi bakavuga ko yari amanyanga.
Abategetsi kandi baraciye umuhora wa internet banagabisha umuntu uw'ari we wese yari gukwirakwiza amafoto y'imyiyerekano.
Samia avuga ko amatora yabaye meza kandi akamirira kure abamunegura mu bijanye n'uburenganzira bwa muntu.
Abantu nibura 240 baragirijwe ubuhemu inyuma y'iyo myiyerekano, ariko mu nyuma umukuru w'igihugu akaba yarondeye kugabanya icuka kibi, mu gusaba abashikirizamanza "kwerekana imbabazi". Bivugwa ko benshi muri aba bahagaritswe bamaze kurekurwa.
Muri Ndamukiza (4), umukuru w'abatavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Samia Tundu Lissu yaragirijwe ubuhemu, gushika ubu akaba akiri mw'ibohero.
Mw'itangazo rusangi ryasohowe ejo ku wa gatanu, urunani rw'ubuserukizi bw'ibihugu vy'Uburengero muri Tanzania rwasavye irekurwa ry'impfungwa za poritike kandi ko abapfunzwe bahabwa uburenganzira bwo kwivuza kandi bakaronswa abababuranira.
"Dusaba ko abategetsi batanga vuba bwango ibiziga vy'abapfuye bakabihereza imiryango yabo", niko iri tangazo ryasohowe n'intumwa z'Ubumwe bwa Bulaya, ibihugu bitari bike vy'Ubumwe bwa Bulaya, Canada, Norvège hamwe n'Ubuswisi rivuga.
Barashima ingingo ya reta yo gukora amatohoza kuri izi ntureka n'ivyatumye zaduka, ariko bagashimangira ko haba amatohoza yigenga, yokorwa mu muco, kandi ahuriyemwo impande zose, harimwo amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, amashengero hamwe n'abafise uruhara muri poritike.
Bati: "Dusubiye gusaba reta gukurikiza ivyo yiyemeje ku rwego mpuzamakungu mu gukingira ubwisanzure shingiro hamwe n'uburenganzira butangwa n'ibwirizwashingiro ku Batanzania bose bwo kuronswa amakuru no gushikiriza ivyiyumviro vyabo".
Iri tangazo risohowe mu gihe igitsure giterwa Tanzania kiriko kiriyongera ku bijanye n'ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu muri ayo matora yateje impari.
Mu kiganiro n'abanyamakuru ejo ku wa gatanu i Genève, umuvugizi w'ishami rya ONU rijejwe agateka ka zina muntu Seif Magango yavuze ko reta ya Tanzania "yongereje akariro mu ruhigi ku batavuga rumwe n'ubutegetsi kuva habaye ayo matora".
Magango yongerako ati: "Amakuru avuga ko kuva hagati muri Munyonyo (11, abantu batari bake harimwo incabwenge, abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, hamwe n'indongozi za poritike mu turere bamaze guhagarikwa, bikavugwa ko bamwe batwarwa n'abajejwe umutekano biyoberanije".
Yavuze ko abaharurwa mu majana bazwi ko bishwe abarenga 2000 nabo barahagarikwa muri iyo myiyerekano yandurutse kuri ayo matora.
"Dusaba ko abo bose bahagaritswe hadakurikijwe amategeko barekurwa vuba bwango kandi ata kirinze gusabwa".
Ku wa kane, reta ya Amerika yatangaje ko igiye gusubiramwo ibijanye n'imigenderanire na Tanzania inyuma y'uruhigi rwakozwe ku bari muri iyo myiyerekano.
Ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire buvuga ko Amerika idashobora "kurenza uruhu rw'amaso ku bikorwa bishira mu kaga umutekano w'abanyagihugu bacu, canke umutekano n'ituze vy'akarere".
Mw'itangazo ry'ejo ku wa gatanu, ubushikiranganji bwa Tanzania bujejwe imigenderanire bwavuze ko bwabonye ivyashikirijwe n'ivyo bihugu, ariko bukabitera akamo kurindira ibizova muri ayo matohoza imbere yo guca urubanza.
Mw'ijambo ryo kwiyama yashikirije ku wa kabiri, Perezida Samia yararakariye ibihugu vy'uburengero, avyagiriza ko vyivanga mu bibazo vy'igihugu ciwe, yongera ashimangira ko ikoreshwa ry'inguvu mu guhasha imyiyerekano ryari "nkenerwa" kuri aba bari muri yo "bari bagambiriye gutembagaza ubutegetsi".
Yagumye yagiriza abanyamahanga atadomyeko urutoke ko bakoranye n'imirwi y'abatavuga rumwe mu kurondera "guhindura intwaro", nubwo ata vyemezo yatanze.
Samia yavuze kandi ko reta yiwe yiteguriye guhangana n'abariko bategura imyiyerekano itegekanijwe ku wa kabiri w'indwi iza.
Iyi ndongozi y'imyaka 65 yashitse ku butegetsi mu 2021 nk'umukuru w'iki gihugu wa mbere w'umukenyezi inyuma y'urupfu rwa Perezida John Pombe Magufuli.
Agishika, yarashimagijwe ko yari aje kugabanya itotezwa ry'abanyaporitike batavuga rumwe n'ubutegetsi, ariko kuva ico gihe ibintu vyarahindutse.