Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uruhigi ku batavuga rumwe muri Tanzania, icegera c'umunyamabanga wa CHADEMA yahagaritswe
Umugambwe mukuru utavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi muri Tanzania, CHADEMA, uvuga ko icegera c'umunyamabanga mukuru wawo, Amani Golugwa, yahagaritswe.
CHADEMA ivuga ko intego ya reta ari ugucinyiza ubuyobozi bwayo mu kubagiriza ivyaha vyo guhemukira igihugu. Igipolisi kivuga ko casohoye imitahe y'abandi bategetsi icenda b'imigambwe itavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi ku vyaha vyo gutegura imyiyerekano yaranze amatora yo mu ndwi iheze.
Amani Golugwa yahagaritswe ari i Arusha, inyuma y'umusi umwe gusa abacamanza bagirije abantu 240 mu gisagara ca Dar es Salaam ivyaha vy'ubuhemu. Yari mu bategetsi cumi b'abatavura rumwe na reta bariko bakorwako amatohoza ajanye n'imigumuko y'inyuma y'amatora.
Umugambwe CHADEMA wagiriza abategetsi kwemeza ku nguvu abanywanyi bawo ko ari bo bateguye imyiyerekano.
Umukuru w'uno mugambwe Tundu Lissu asanzwe apfunzwe yagirizwa ivyaha vy'ubuhemu yarankiwe kwitoza, ingingo yatumye haduka iyi myiyerekano.
Abatavuga rumwe n'ubutegetsi be n'amashirahamwe aharanira uburenganzira bwa muntu bavuga ko inzego z'umutekano zagandaguye amajana n'amajana y'abantu, ariko gushika ubu abategetsi ba Tanzania nta biharuro barigera bashira ahabona vy'abapfuye canke bakomeretse.
Ku wa gatanu, hampande y'aba 240 bo mu gisagara ca Dar es Salaam bahagaritswe, abandi amajana n'amajana bo mu ntara zitandukanye nabo nyene barahagaritswe barengukishwa imbere y'ubucamanza.
Mu gisagara ca Mwanza kigira kabiri mu bunini mu gihugu, abantu 172 ni bo barengukishijwe bagirizwa ivyaha vy'ubusuma no gukoresha ibirwanisho, guturira no kwonona amatungo y'abanyagihugu, co kimwe n'abandi 11 bo mu ntara ya Kigoma.
Nayo ku mugwa mukuru w'igihugu Dodoma abantu 25 nibo barengukishijwe imbere ya sentare bagirizwa ivyaha vy'ubugizi bwa nabi abandi bagirizwa kwonona amatungo.
Uruhigi ntiruri ku banyaporitike gusa. Musenyeri Josephat Gwajima arongoye amashengero azwi nka Ufufuo na Uzima (twogereranya mu Kirundi y'Izuka n'Ubuzima), akaba yahoze ari n'umushingamateka w'akarere ka Kawe i Dar es Salaam, ari mu bariko bahigwa buhongo. Gwajima ni umwe mu banegura cane intwaro ya Perezida Samia Suluhu Hassan.
Igipolisi kiriko kandi kirahiga Musenyeri Maxmillian Machumu icegera c'umunyamabanga mukuru w'aya mashengero akaba kandi ari we arongoye CHADEMA mu ntara ya Simiyu iri mu buraruko bw'igihugu.
Itangazo ry'igipolisi rigira riti : "Igipolisi kibahamagarira kwishikana ku bigo vy'igipolisi badatevye".
Tanzania yagiye mu matora rusangi ku wa 29 Gitugutu (10) aho abakandida 17, muri bo abagore bakaba bari batatu harimwo Perezida Samia, ari bo bahiganira ikibanza c'umukuru w'igihugu.
Hagati aho imigambwe mikuru itavuga rumwe n'umugambwe CCM uri ku butegetsi ku butegetsi, CHADEMA na ACT-Wazalendo, yari yataramuwe muri aya matora y'umukuru w'igihugu, ivyateje uburakari abanywanyi bayo hamwe n'abaharanira uburenganzira bwa muntu, bobo baciye batumamo imyiyerekano kuri uwo musi w'amatora.
Hagati aho, igipolisi cari cagabishije ko kidashobora kuyihanganira, mw'itangazo casohoye buca haba ano matora, aho cagize kiti: "Uwuzorondera guhonyanga itegeko ryo ku wa 29 Gitugutu ntaze yidoge".
Amashirahamwe SADC n'Ubumwe bwa Bulaya aranegura ano matora avuga ko yaranzwe n'utunenge tuyatesha agaciro, harimwo ugutera ubwoba indongozi z'imigambwe itavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi, kubuza abantu uburenganzira bwabo, hamwe n'igipfungu vyaranze aya matora.
Eka n'indorerezi z'Ubumwe bwa Afrika nazo nyene ziherutse gusohora icegeranyo cazo c'intangamarara, aho zinegura ingene aya matora yagenze, zikavuga ko atakurikije ingingo ngenderwako z'Ubumwe bwa Afrika, hamwe n'ingingo mfatirwako mpuzamakungu zijanye n'amatora ya demokarasi.
Zivuga ko icuka c'imbere y'amatora, mu gihe c'amatora n'inyuma y'amatora kitari ciza kugira ngo amatora agende neza kandi mu mahoro, maze ivyayavuyemwo bishobore kwizigirwa.