Tanzania: Samia Suluhu yarahiye ata banyagihugu bahari, ibi ni ivyo womenya kuri uyu mukenyezi...

    • Umwanditsi, Asha Juma
    • Igikorwa, BBC Nairobi
    • Yakoze inkuru ari, Nairobi

"Ndatangaje ko Samia Suluhu Hassan ari we mukuru w'igihugu yatorewe gutwara Repubulika yaTanzania avuye mu mugambwe CCM," vyavuzwe n'umukuru wa INEC, Jacobs Mwambegele, mu gitondo co ku wa gatandatu, igenekerezo rya 01/11/2025.

Ayo majambo ashobora gusa nk'ayasanzwe kuri wewe, ariko ni yo yahaye inzira igihugu ca Tanzania inyuma y'amatora rusangi yabaye ku wa 20/10/2025, maze aha Samia Suluhu Hassan akaryo ko kuguma ku butegetsi mu kiringo c'imyaka itanu iri imbere.

Samia Suluhu Hassan wa Tanzania yarahiriye ikiringo kigira kabiri nk'umukuru w'igihugu kuri uno wa mbere igenekerezo rya 3 Munyonyo (11) ku mugwa mukuru wa poritike, Dodoma.

Mu bategetsi b'akarere bitavye ibi birori, harimwo Perezida Evariste Ndayishimiye w'Uburundi, nk'uko biri mw'itangazo ryasohowe n'ibiro vyiwe rivuga ko yafashe urugendo agana muri iki gihugu kibanyi.

Abandi ni abakuru b'ibihugu Hakainde Hichilema wa Zambia, Hassan Sheikh Mohamoud wa Somalia, na Daniel Chapo wa Mozambike, hamwe n'abandi bategetsi b'ibihugu vy'incuti za Tanzania vyo muri Afrika y'Ubuseruko n'iy'ubumanuko.

Perezida Samia yatangajwe ko ari we yatsinze amatora yo ku wa 29 Gitugutu (10) 2025, ku majwi 97.66 kw'ijana.

Umurwi ujejwe gutegura amatora, INEC, utangaza ko intsinzi ya Perezida Samia yo ku rugero nk'uru itari bwigere ibaho ku bandi bakuru b'igihugu batanu b'imbere y'aha muri Tanzania.

Ku miriyoni 37 bari biyandikishije mu matora aheruka, imiriyoni 31 ni bo bamutoye nk'uko bitangazwa na INEC.

Uno murwi nyene ujejwe gutegura amatora umenyesha ko 87% bitavye aya matora yaranzwe n'imvururu mu bisagara bimwe bimwe vy'igihugu, harimwo cane cane Dar es Salaam yafatiwe ingingo zo kutava mu nzu kuva isaha cumi na zibiri z'umugoroba gushira isaha cumi na zibiri z'igitondo.

Ariko none, Samia Suluhu Hassan ni nde?

Samia agiye kuba umukuru w'igihugu ca Tanzania agira gatandatu yavukiye mu mazinga ya Zanzibar mu mwaka wa 1960.

Ni we Perezida wa kabiri ava muri Zanzibar, uwa mbere akaba yari Ali Hassan Mwinyi, yatwaye ico gihugu imyaka 10 kuva mu 1985 gushika mu 1995.

Samia ni umukenyezi yize cane amashure, afise urupapuro rw'umutsindo rwa Master yakuye muri kaminuza ya Manchester mu Bwongereza.

Yaronse kandi akaryo ko kwiga muri kaminuza ya Southern New Hampshire abicishije mu mugambi w'ugufashanya na Open University yo muri Tanzania.

Mu mwaka wa 1988, Samia Suluhu yabaye umukozi ajejwe iterambere mu bushikiranganji bw'intwaro y'amazinga ya Zanzibar.

Yaciye aba n'umuyobozi w'ajejwe igisata c'imigambi mw'ishriahamwe rijejwe imfungurwa kw'isi PAM/WFP muri Zanzibar.

Mu myaka ya 1990, yahawe igikorwa co gukurikirana amashirahamwe mpuzamakungu yose yakorera muri Zanzibar.

Urugendo rwa Samia mu vya poritike

Mu mwaka wa 2000, Samia Suluhu yagenywe mu nama Nshingamateka ya Zanzibar biciye mu mugambwe Chama Cha Mapinduzi (CCM), aho mu nyuma yagenywe kuba Umushikiranganji wa Zanzibar ajejwe urwaruka, abakenyezi n'abana.

Muri ico kibanza, yashoboye gukuraho itegeko ryabuza abakobwa bamaze kuvyara gusubira mu mashure.

Mu mwaka wa 2005, yarongeye kugenwa kuba umushikiranganji ajejwe ba mukerarugendo n'ubudandaji.

Mu 2010, yitoreje kuba umushingamateka mu karere ka Makunduchi aho yatowe ku majwi arenga 80 kw'ijana. Prezida Jakaya Kikwete yaramugenye nk'umushikiranganji ajejwe ivy'Ubumwe bwa Tanzania.

Samia yagiye ku butegetsi mu 2021 inyuma y'urupfu rwa nyakwigendera Prezida John Pombe Magufuli.

Yari Icegera ca Perezida kuva mu 2015, aca aba umugore wa mbere muri kahise ka Tanzania ashitse muri ico kibanza.

Urugendo rwa Samia mu vya poritike rwari rwatanguye kera, ariko gutangazwa kwiwe nk'Umukuru w'igihugu mu matora yo mu 2025 vyabaye intambwe idasanzwe yatumye aba umugore wa mbere mu gihugu ciwe n'akarere ka Afrika y'Ubuseruko atowe n'abanyagihugu ngo abe Perezida.

Ku banya-Tanzania benshi, Samia yamenyekanye cane igihe yatorwa kuba Icegera c'Umuyobozi w'Inama ijejwe ibwirizwa nshingiro mu 2014.

Ico gihe Tanzania yari mu rugendo rwo gushiraho ibwirizwanshingiro rishasha, inyuma y'uko umurwi wari uyobowe n'umunyamategeko Warioba wari uhejeje kwegeranya ivyiyumviro vy'abanyagihugu. Samia yahawe igikorwa co kurongora uwo murwi, ivyo bituma ashimwa cane n'abanyagihugu kuko ibiganiro vy'uwo murwi vyerekanwa kuri televiziyo, maze ishusho yiwe n'ubushobozi bwiwe bwo kurongora buca buramenyekana cane .

Muri uwo murwi, Samia yamenyekanye nk'umugore atekanye kandi yihangana mbere no mu bihe aho ibintu vyaba bishushe cane .

Nk'uko vyategekanywa n'amategeko ya Tanzania, abayobozi bakuru b'uwo murwi bategerezwa kuba mu mpande zompi za Tanzania : ico gihe umukuru wawo yari Samuel Sitta wo ku rundi ruhande rwa Tanzania, icegera c'Umuyobozi akaba yari Samia kuko ava muri Zanzibar.

Naho vyari uko, abantu benshi ntibigeze bibaza ko mu 2015, John Pombe Magufuli, yari kumugena ngo yiyamamarize hamwe na we nk'icegera ciwe.

Naho yari amaze imyaka irenga 15 mu mabanga y'ubushikiranganji, hamwe n'uburambe mu murwi ujejwe ivy'ibwirizwa nshingiro, abantu benshi ntibamubona nk'umuntu yohabwa ico kibanza c'iteka.

Igihe yinjira mu butegetsi, benshi baramutinya kubera ingene bamwubaha, ariko we nyene ubwiwe mu gukuraho uru ruhome, yabasavye ikintu kimwe: ko bomwita "Mama."

Mu gihe c'ubutegetsi bwiwe, Samia yahinduye ibitari bike vyari vyashizweho na Magufuli.

Nk'umukuru w'igihugu, yashizeho ingingo zo guhagarika ikwiragira rya Covid-19 muri Tanzania, yemera kandi ko haba urucanco rwa covid mu gihugu cose, ivyo Magufuli akaba yari yaravyanse.

Samia kandi yarabandanije bimwe mu vyari vyatangujwe na Magufuli, ariko ashimangira cane mu kwamamaza Tanzania ku rwego mpuzamakungu, canecane mu gisata ca mukerarungendo.

Yarahaye abanyapolitike batavuga rumwe na reta uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro no gukora amanama, ibintu bitari vyemewe imbere y'aho.

Ivyo yabihanuwe n'abahinga muri poritique ya Tanzania kugira ngo asubize abanyapolitique batavuga rumwe nawe uburenganzira bwo kwishira bakizana.

Umuhinga Ezekiel Kamwaga yigeze kuvuga ati: "Uyu mugirwa uzotuma abantu bashobora kuvuga ibiri mu mitima yabo. Mu Bugiriki bwa kera, uburenganzira bwo gutanga ivyiyumviro bwitwa "Forum internum", bisigura amahirwe umuntu aronka yo kuvuga ibimuri ku mutima. Si vyose bizovugwa bizoryohera bose, ariko ni intambwe ikomeye mu kwubaka demokarasi."

Nk'uko yabivuze, ivyo ni vyo vyabaye ikigeragezo gikomeye ca poritike ku butegetsi bwa Samia Suluhu Hassan.

Muri iyi myaka, amashirahamwe aharanira uburenganzira bwa zina muntu yagiye yagiriza ubutegetsi bwiwe ukurenganya abantu, guhohotera abatavuga rumwe na reta, hamwe no kubabuza kwitoza mu matora rusangi.

Ariko n'aho biri uko, Samia yarasavye ko ivyo birego vyokurikirwanwa kandi anemeza ko igihugu kizoronka amategeko mashasha ahuye n'ibihe bishasha Tanzania irimwo.

Ibanga ry'intsinzi ya Samia

Icemezo kimwe gikomeye abantu bakoranye na Samia bavuga, ariko kitazwi cane n'abatari bake, ni ubushobozi bwiwe bukomeye bw'indongozi.

Umuserukizi w'akarere ka Bumbuli, January Makamba, avuga ko Samia ari mu banyaporitike bafise ubushobozi budasanzwe mu bo bamaze gukorana, akongerako ko ari akamaramaza kuba Abanyatanzania benshi batarabibona .

Makamba yakoranye hafi cane na Mama Samia hagati y'umwaka wa 2015 n'uwa 2020, igihe yari umushikiranganji mu biryo vy'icegera c'umukuru w'igihugu, ico gihe akaba ari we yaha raporo y'ibikorwa vyiwe.

Yagize ati: "Mama Samia ariyorosha. Afise ubushobozi budasanzwe bwo kwiyereka nk'umunyapolitike asanzwe, ariko ukuri ni uko afise ubushobozi bukomeye cane. Si ivyo nabwiwe, naravyiboneye ubwanje kuko twakoranye vya hafi cane."

Mama Samia asanzwe azwi nk'umunyapolitike akunda gufata ingingo inyuma yo kwumviriza bose, atari umuntu yihutira gufata ingingo canke akora ibintu arenganije abandi.

Samia kandi avugwa nk'umunyaporitike afise ubutwari, atanyiganyizwa ku kintu yizeye, kandi bivugwa ko igikorwa ca Komite Nkuru ya CCM co kumugena ngo yiyamamarize hamwe na Magufuli mu matora yo mu 2015, cavuye no mu kumenya iyo kamere yiwe.

Kubera ko Magufuli yari umuntu akunda kunyarutsa ibintu, rimwe na rimwe atabanje kuraba ingaruka za poritike canke z'amarangamutima, umugambwe CCM washaka icegera yashobora kumubwiza ukuri ata bwoba, aho kumutinya canke kumwemerera vyose.

Akarorero k'ingene Samia ameze ni igihe yagenda kuraba Tundu Lissu, uwahoze ari umuserukizi w'akarere ka Singida y'Ubuseruko (ava mu mugambwe Chadema), igihe yari arwariye muri Kenya.

Mu bintu biteye ubwoba vyabaye mu mateka ya Tanzania, Lissu yararashwe n'abantu batamenyekanye muri Nyakanga (9) 2017, igihe yari i Dodoma aho yari yitavye inama y'abashingamateka .

Samia ni we mutware akomeye kandi wenyene yagiye kumuraba no kumwihanganisha, ico kintu crekana iumutima w'ubuntu n'ubutwari afise mu buzima bwiwe bwa poritike.

'Urugendo rwanje ntirwigeze rworoha'

Mama Samia yubakanye na Hafidh Ameir mu mwaka wa 1978, bakaba bavyaranye abana bane.

Umwana wabo azwi cane ni Wanu, akaba ari umushingamateka muri Tanzania.

Samia avuga ko inzira yamushikanye ku ntambwe ikomeye agezeko itari yoroshe nk'uko benshi bavyiyumvira.

Agira ati: "Urugendo rwanje mu vya poritike rwari rurerure kandi rwuzuyemwo ingorane. Ntivyoroshe kwitangira umuryango wawe mu gihe ubandanya urangura ibikorwa vyawe vya poritike, amashure hamwe n'akazi kawe ka minsi yose".