Tanzania iragabisha kuri video y'uwiyita 'Captain Tesha' ityoza ubutegetsi n'igisirikare ku mbuga hwaniro

Ahavuye isanamu, Social Media/Captain Tesha/https://x.com/KauLiYaBabu_
Igipolisi ca Tanzania casohoye itangazo ciyamiriza ico cita ikoreshwa nabi ry'imbuga hwaniro mu gukwiragiza igifatwa nk'amakuru y'ibinyoma kandi yo guturira, inyuma ya videwo yakwiragijwe yerekana umugabo yiyita 'Kapiteni Tesha', yigira ko ari intwazangabo mu gisirikare ca Tanzania.
Muri iyo videwo, uyo mugabo atazwi neza nimba koko ari umusirikare aranegura bikomeye reta, akayagiriza igiturire, kwivanga mu bikorwa vya gisirikare hamwe n'ihonyanga ry'agateka ka zina muntu.
Muri iyo videwo y'isaha n'iminota 20, 'Kapiteni Tesha' aboneka asaba ashimitse umukuru w'igisirikare kizwi mu mpfunyapfunyo nka TPDF (Tanzania's People's Defence Force), Jacob Mkunda, gufata ibintu mu minwe no gukora ibishoboka vyose kugira ngo igihugu kigume gifatanye mu nda kandi ahagararire uburenganzira bw'abanyagihugu baco.
Itangazo ryasohowe n'igipolisi ejo ku wa Mungu rigabisha ko hari abantu bariko bakwiragiza ku mbuga hwaniro ibintu bitemewe n'amategeko, kandi bibangamira umutekano w'igihugu, bikonona n'indangagaciro n'ubuntu biranga Tanzania.
Iri tangazo rigira riti: "Inyifato nk'izi zitegerezwa kwiyamirizwa zikarwanywa n'umuntu uwo ari we wese atahura akamaro k'amahoro kuri we no ku muryango wiwe".
Imbere y'aha, igisirikare ca Tanzania cari casohoye itangazo kigabisha umuntu uwo ari we wese yogerageza gushira igisirikare muri poritike.
Iri tangazo, ryagaragaje impungenge ku gifatwa nk'ukwiyongera kw'abantu bariko bagerageza gushira igisirikare muri poritike baciye ku mbuga hwaniro.
Koroneli Bernard Masala Mlunga, ajejwe kumenyesha amakuru vy'imfatakibanza mu gisirikare, avuga ko bamwe muri aba bantu babesha ko ari abasirikare, canke bakaba ari abahoze mu gisirikare hanyuma bakirukanwa kubera inyifato mbi canke kwivanga mu vya poritike.
Ati: "TPDF (igisirikare) ibandanya irangura amabanga yayo ihabwa n'ibwirizwashingiro mu bushingantahe kandi ata guhemuka, nk'uko amategeko ya Tanzania n'ay'umwuga abitegekanya".
BBC yegereye abategetsi ba gisirikare kugira ngo bagire ico bavuga kuri iyi videwo bongere bayimenyeshe nimba koko uno muntu ari canke yarigeze kuba umusirikare ariko, nta nyishu bayihaye.
Abaharanira uburenganzira bwa muntu muri Tanzania bakwiragije iyi videwo ku makonte yabo yo ku mbuga hwaniro, bavuga ko uno musirikare ashigikiwe n'abanyagihugu bayo.
Maria Sarungi, umwe mu Batanzania baharanira uburenganzira bwa muntu ni umwe muri benshi bakwiragije iyi videwo kuri konte yiwe ya Instagram.
Ibi bintu biriko vyiyongera mu gihe Tanzania iriko yitegurira amatora rusangi mu gihugu mu ndwi zitatu ziri imbere.
Umugambwe mukuru utavuga rumwe n'ubutegetsi CHADEMA warakuwe mw'ihiganwa, umukuru wawo nawe Tundu Lissu aho ari mw'ibohero akaba yagirizwa uguhemukira igihugu.













