Tanzania yamirira kure icegeranyo ca Human Rights Watch kiyagiriza gutoteza abatavuga rumwe na reta

Ahavuye isanamu, Ikulu Tanzania
Reta ya Tanzania ivuga ko itewe impungenge n'icegeranyo c'ishirahamwe Human Rights Watch (HRW) kiyagiriza ko ihonyanga uburenganzira bwa muntu muri iki gihe himirije amatora y'umukuru w'igihugu mu mpera z'uku kwa gitugutu (10).
Mw'itangazo ryateweko igikumu n'umuvugizi wayo, reta ya Samia Suluhu Hassan ivuga ko iki cegeranyo "cuzuye amakuru y'ibinyoma kandi ko kiyiremeka inteba ishushe itanahawe akaryo ko kwiregura muri ico cegeranyo.
Iri tangazo ryasohowe mu gatondo ko kuri uno wa kane riteweko igikumu na Gerson Msigwa avugira reta rigira riti: "Birababaje kubona ishirahamwe nk'iri rizwi ku rwego mpuzamakungu, ritangaza ibirego bitagira ishingiro bigaragaraza neza ko ata yindi ntumbero rifise atari ugusibanganya isura y'igihugu mu makungu".
Rivuga kandi ko ibivugwa n'iri shirahamwe ko abategetsi batari bake ba Tanzania bahawe akaryo ko kwishura kuri ibi birego ari ikinyoma ceruye, "kuko ata butumwa bwigezwe butangwa mu buryo bw'ikete, terefone canke mu butumwa muravyo [email]"
Ribandanya riti: "Reta ya Tanzania yipfuje gushimangira ko imiryango iguma yuguruye kandi yiteguye umwanya wose kuvugana n'amashirahamwe arondera amakuru y'ukuri ku bijanye n'agateka ka muntu n'ingene ibintu bimeze mu gihugu".
HRW ivuga ko yandikiye igipolisi, umurwi ujejwe amatora, urwego rujejwe kugenzura ibinyamakuru, n'ubushikiranganji bujejwe imigenderanire ibaha ivyo yakuye mu matohoza yongera ibasaba kugira ico bavuze ku birego, ariko ko itigeze ironka inyishu.
Ni ibiki biri mu cegeranyo ca HRW?
Muri iki cegeranyo casohowe ku wa mbere w'iyi ndwi, ku wa 29 Nyakanga (9), Human Rights Watch, ivuga ko Tanzania yongereje akariro "mu guturatuza abanyaporitike, ibi bigatera impungenge ko amatora ategekanijwe ku wa 29 Gitugutu ashobora kutaba meza".
HRW ivuga ko Tanzania yatujije abatavuga rumwe n'ubutegetsi hamwe n'abanegura umugambwe uri ku butegetsi, bakazibagiza ibinyamakuru, kandi ko n'umurwi ujejwe gutegura no guhagararira amatora bawimye ubwigenge.
Nomathamsanqa Masiko-Mpaka, umushakashatsi wa Human Rights Watch muri Afrika, agira ati: "Abategetsi ba Tanzania bakwiye vuba bwango gufata ingingo zo gukingira ubuziranenge bw'aya matora yo muri Gitugutu, ubu ari mu kaga gakomeye.
"Aba bategetsi bategerezwa guhagarika kuzivya abatavuga rumwe nabo hamwe n'ibinyamakuru, ahubwo bakazana impinduka nyazo zotuma amatora aba meza kandi mu mwidegemvyo".
Ku bwa reta ya Tanzania, ibivugwa vy'uko urubuga rwa poritike rwagabanutse hamwe n'uko imigambwe iburabuzwa mu bikorwa vyayo imbere y'amatora yimirije, co kimwe n'ivyo kunyuruza, ni ibirego bitagira ishingiro.
Itangazo rya Gerson Msigwa rigira riti: "Abantu bakwiye kumenya ko uburenganzira bwo kubaho, umwidegemvyo n'umutekano butangwa n'ibwirizwashingiro ry'igihugu.
"Reta ya Tanzania yariyemeje gukingira uburenganzira bwa muntu imbere y'amatora rusangi yo mu 2025 n'inyuma yaho nk'uko yamye ibikora".
HRW ivuga ko kuva muri Mukakaro (7) gushika muri Nyakanga (9) 2025, yavuganye kuri terefone canke amaso mu yandi, n'abantu 24 bo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, abanyamategeko, abarongoye amadini, incabwenge, abanyamakuru n'abo mu migambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi, harimwo umunani batotejwe.

Ahavuye isanamu, CHADEMA
Umwe mu barongoye idini avuga ko yakubaguwe kubera igikorwa ciwe co guharanira uburenganzira, yabwiye HRW ati: "Uburenganzira bw'abantu bafise ivyiyumviro bitandukanye n'ivya reta burageramiwe. Abantu bakwiye kugira uburenganzira bwo kunegura reta. Ntibikwiye gutuma batakaza ubuzima bwabo.
"Hari abanyuruzwa, ababurirwa irengero, hamwe n'ubwicanyi budashobora kuronka insiguro. Kandi nta nyishu ushobora kuronka muri reta".
Mu gihe imyiyamamazo y'amatora yafashe umurindi, aho umugambwe uri ku butegetsi uzunguruka igihugu cose wamamaza abayo bazoyiserukira muri ayo matora, imigambwe ibiri ikomeye yaratswe uburenganzira bwo kuyajamwo.
CHADEMA, umugambwe mukuru utavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi, yarakuwe muri ayo matora yategekanya kuvamwo, mu gihe uwo yashaka gutanga Tundu Lissu nk'uwuzoyiserukira muri aya matora akiri mw'ibohero, aho yagirizwa ubuhemu.
Hagati aho, uwoserukiye umugambwe, ACT-Wazalendo mu matora y'umukuru w'igihugu, yarakuwe muri iri higanwa ku ncuro igira gatatu.
Umukeba mukuru wa Perezida Samia azoserukira umugambwe CCM uri ku butegetsi, umukuru w'umugambwe Chadema Tundu Lissu, amaze amezi arenga ane mw'ibohero yagirizwa ubuhemu.
Ubu ni bwo bwa mbere umunyaporitike atavuga rumwe n'ubutegetsi yagirijwe ivyaha nk'ivyo, akaba ashobora gucirirwa igihano c'urupfu anyonzwe mu gihe yokwagirwa n'icaha.













