Mbega intwaro za Afrika y'Ubuseruko zoba ziriko zunga urunani mu kuzivya abatavuga rumwe nazo?

Ihohotera ryakorewe abari mu myiyerekano mu mwaka uheze ryarahumanije ishusho ya Kenya nk'umuco wa demokarasi muri Afrika y'Ubuseruko

Ahavuye isanamu, AFP/Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ihohotera ryakorewe abari mu myiyerekano mu mwaka uheze ryarahumanije ishusho ya Kenya nk'umuco wa demokarasi muri Afrika y'Ubuseruko
    • Umwanditsi, Basillioh Rukanga
    • Igikorwa, BBC News, Nairobi

Ibikorwa vyo gutuza abanegura intwaro muri Kenya biriko bihumanya ishusho y'iki gihugu nk'umuco wa demokarasi muri Afrika y'Ubuseruko.

Abanegura intwaro y'iki gihugu bafise ubwoba ko coba kiriko kiranyerera kija mu nzira y'ibihugu bibanyi - Uganda na Tanzania - vyompi bizwi mu guturatuza abatavuga rumwe n'ubutegetsi.

Amategeko ya Kenya abonwa cane nk'ayamaze gutera imbere – cane cane mu bijanye no gukingira uburenganzira bwa muntu bw'ibanze, nk'ubujanye n'imyiyerekano.

Ariko reta iriko yerekana ko idakeneye kubona imyiyerekano mu gutuza abayirimwo – akarorero ka vuba kakaba ari uguhiga buhongo abitavye imyiyerekano iheruka yo kwiyamiriza intwaro ya Ruto, aho abarenga cumi bishwe, mu gihe reta yagerageje kubuza amaradiyo n'imboneshakure gutangaza ikibiriraho iyi myiyerekano.

"Rogue Regime" (twogereranya na Intwaro y'ububisha) - ni umutwe w'ikinyamakuru ca Kenya Standard cubashwe cane, aho cerekana ingene urwaruka rwashwaye amabarabara mu kwibuka bagenzi babo bagandaguwe mu mwaka uheze mu myiyerekano yo kwiyamiriza amakori ariko, "aho kwumvirizwa, bakiriwe n'intsinga z'inzembe, ibimodoka vy'intambara, bahigwa buhongo ata kinya".

Ariko ku bw'umushikiranganji w'intwaro yo hagati Kipchumba Murkomen, igipolisi "carifashe cane" mu kuzibira "itembagazwa ry'ubutegetsi".

"Turiyamirije inkozi z'ikibi zitubaha ubutware zateje imvururu, zirasahura, zifata abantu ku nguvu zongera zironona amatungo y'abanyagihugu zitwaje imyiyerekano y'amahoro", ni ko yavuze, aho yagirije aba bari mu myiyerekano ko bateye ibigo vy'igipolisi bagakomeretsa abapolisi 300.

Hagati aho, ishirahamwe ry'abanyamategeko, Law Society of Kenya (LSK), ryiyamiriza ukungene igipolisi citwaye muri iyi myiyerekano.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Rivuga riti: "Ivyo bikorwa vy'uburakari n'inguvu ndenzarugero z'agasomborotso vyatumye abantu bapfa n'amatungo agatikira ata mpamvu ifatika, nta kibanza bifise mu gihugu kigendera kuri demokarasi".

Uru ruhigi ku bari mu myiyerekano rwaje inyuma y'amayinga makeya yari aheze umwigisha akaba n'umwanditsi ku mbuga ngurukanabumenyi Albert Ojwang w'imyaka 31 apfiriye mu gasho k'igipolisi.

Yari yahagaritswe yagirizwa gutyoza intwazangabo nkuru y'igipolisi – akaba yahavuye ahitanwa n'ibikomere yatewe kubera ugukubitwa, nk'uko vyerekanwa n'ibipimo vyo kwa muganga.

Urupfu rwiwe rwatumye haduka imyiyerekano mito ku mugwa mukuru, Nairobi, yatujijwe n'igipolisi, aho umuntu yari asanzwe adandaza utuntu duto duto kw'ibarabara yaguye mu mporero akaraswa mu mutwe, ubu akaba ariko avurirwa mu bitaro.

LSK iriyamiriza iraswa ry'uno muntu, ikavuga ko ari igikorwa kitabereye "demokarasi nyayo".

Ibi vyatumye abantu batari bake babona ko Kenya iri mu kaga ko gutakaza ikibanza cayo co kuba demokarasi benshi mu Banyatanzaniya n'Abanya-Uganda bashima kandi bakarabirako.

Umuhinga mu vya poritike wo muri Tanzania Nicodemus Minde avuga ko Abatanzania bari basanzwe "bishimira" ukungene Abakenya biyugurura mu "kuvuga ukuri ku butegetsi".

Ni nako uwurongoye abatavuga rumwe na reta ya Tanzania Tundu Lissu abibona, aho mu mwaka uheze yabiwye BBC ati: "Ntaco turakora gihagije kugira ngo demokarasi ihinduke".

Yagize ati: "Ivyo Kenya yakoze mu kwubaka demokarasi ni ikintu dukeneye gukora".

Mu buryo bw'igitangaza, Lissu yarahatswe kugandagurwa mu 2017, igihe yaraswa amasasu 16, bikaba vyatumye aba ikimenyetso c'itotezwa rikorwa na reta muri Tanzania.

Muri kino gihe, arapfunzwe yagirizwa ubuhemu inyuma yo guhuza abanywanyi biwe mu civugo "Nta mpinduka; nta matora".

Mu kuvuga uku, reta yafashe Lissu ko ariko agerageza kugumura igihugu – akaba ashobora guhabwa igihano co kunyongwa ari nka hamwe yokwagirwa n'icaha.

Iyi ndongozi y'abatavuga rumwe na reta y'imyaka 57 abona ko ipfungwa ryiwe ari amayeri y'umugambwe Chama Cha Mapinduzi (CCM) uri ku butegetsi kuva igihugu kironse intahe y'ukwikukira mu 1961 yo kwicira inzira y'intsinzi mu matora y'umukuru w'igihugu n'abashingamateka ategekanijwe muri Gitugutu (10) uno mwaka.

Ibi vyashimangiwe kandi n'ingingo ya reta yo kubuza umugambwe wiwe Chadema kwitaba aya matora, inyuma y'aho wankiye gutera igikumu ku mabwirizwa ngenderwako agenga amatora uvuga ko yobangamira uburenganzira bwawo bwo kwiyamamaza mu bwigenge.

Muri Uganda naho, abatavuga rumwe n'ubutegetsi na bo nyene babona ko bari mu gisa n'iki, bakerekana ko Perezida Yoweri Museveni amaze imyaka hafi 40 ku butegetsi ariko araturatuza abakeba biwe ba poritike afatanije n'umuhungu wiwe Muhoozi Kainerugaba arongoye igisirikare, imbere y'amatora ategekanijwe mu ntango za 2026.

Umunyaporitike atavuga rumwe n'intwaro ya Museveni, Kizza Besigye, ari mw'ibohero kuva muri Munyonyo umwaka uheze, aho reta irondera kumurengutsa muri sentare ya gisirikare ku vyaba vy'ubuhemu inyuma yo kumwagiriza ko yariko ategura gutembagaza ubutegetsi – icaha yamirira kure.

Nubwo Kenya irangwa n'ubutungane bwigenga kandi ikama itegura amatora atuma haba uguhererekana ubutegetsi, Martha Karua – umwe mu banyamategeko baharanira uburenganzira bwa muntu bubashwe cane mu gihugu akaba kandi arongoye umugambwe muto utavuga rumwe n'ubutegetsi – abona ko demokarasi igeramiwe muri ibi bihugu vyose bitatu vya Afrika y'Ubuseruko.

Mu kiganiro giheruka n'abanyamakuru, yagize ati: "Turi imbere y'ikibazo c'akarere – si ikibazo c'ubutunzi, si ikibazo c'ubudandaji, ariko demokarasi ubwayo".

Abaharanira uburenganzira bwa muntu nka we barababajwe no kubona Abakenya barenga 80 baranyurujwe mu mwaka uheze n'abantu bativuze abari bo, ibi bikaba vyatumye haba ubwoba ko ari umukenyuro wa reta wo gutuza abayinegura inyuma y'imyiyerekano yo kwiyamiriza iduzwa ry'amakori, mu gihe abanyagihugu bahanganye n'ikibazo c'ubuzima buzimvye.

Hari kandi n'ivyemezo bibandanya vyiyongera ko Kenya itakiri ubuhungiro bwiza ku banya-Uganda n'Abatanzania, aho inzego zijejwe umutekano muri ibi bihugu vyose bitatu zisa n'izifatanije mu guturatuza abatavuga rumwe n'ubutegetsi.

Igihe yaburirwa irengero, Besigye yari i Nairobi aho yari yitavye ibirori vyo gusohora igitabo muri Munyonyo (11), akaba yagiye kuboneka inyuma y'imisi ine muri sentare ya gisirikare muri Uganda.

Reta ya Uganda yamwagirije ko yariko agerageza kugura ibirwanisho muri Kenya kugira ngo atanguze intambara amaze gusubira mu gihugu, ikavuga kandi ko yahagaritswe n'inzego z'umutekano za Uganda zajabutse umupaka bizwi neza n'inzego z'igendereza za Kenya.

Mu ntango, reta ya Kenya yarabihakanye, ivuga ko itari izi iki gikorwa ca Uganda ku butaka bwayo, nubwo umushikiranganji wa Kenya ajejwe imigenderanire aherutse kubwira ibinyamakuru vyo muri ico gihugu ko urugendo rwa Besigye muri Kenya "rwarimwo ibibazo kanaka" kandi ko "vyari ngombwa ko ava mu gihugu". Nta nsiguro yatanze.

Kizza Besigye wa Uganda yaranyurujwe mu gihe yari mu rugendo muri Kenya muri Munyonyo hanyuma ajanwa muri Uganda kuburanishwa muri sentare ya gisirikare

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Kizza Besigye wa Uganda yaranyurujwe mu gihe yari mu rugendo muri Kenya muri Munyonyo hanyuma ajanwa muri Uganda kuburanishwa muri sentare ya gisirikare

Amezi hafi abiri inyuma y'amakuba Besigye yagize, Maria Sarungi Tsehai, Umutanzaniyakazi aharanira uburenganzira bwa muntu yari yahungiye muri Kenya, yavuze ko yanyurujwe n'abantu bitwaje ibirwanisho i Nairobi, ariko akaba yahavuye agira amahirwe baramurekura inyuma y'amasaha atari make.

Umupfasoni Tsehai avuga ko yafashwe mu kanigo n'abagabo bane bamukubaguye bakamuterera mu modoka.

Ati: "Ndazi ko icatumye nyuruzwa ari uko bashaka kwinjira mu mbuga hwaniro zanje [kubera] igikorwa co kwamira nsanzwe nkora". Avuga kandi ko abari bamunyuruje bagumye bamubaza ukungene bokwugurura terefone yiwe.

Tsehai ni umuntu atarya umunwa mu kunegura Perezida Samia Suluhu Hassan wa Tanzania, akaba yagiriza reta yiwe ko yagarukanye " intwaro y'igikenye" mu gihugu, mu gihe yari yiyemeje kuzana impinduka igihe yashika ku butegetsi mu 2021 inyuma y'urupfu rwa Perezida John Magufuli yatwaza umukazo.

Karua avuga ko, naho demokarasi n'uburenganzira bwa muntu "vyasubiye inyuma" muri Afrika y'Ubuseruko, amakungu ata kinini abinezweko, mu gihe Ubumwe bwa Afrika "bucereje", ishirahamwe ONU naryo rikaba "rivuga gusa – ntirifate ingingo", mu gihe Amerika – "igihugu kivuga ko gihagarariye umwidegemvyo" – ihanganye "n'ibibazo bwite vyayo bijanye n'umwidegemvyo" ku butegetsi bwa Perezida Donald Trump.

Muri Rusama(5), Tanzania yarirukanye Karua na bagenziwe babiri baharanira uburenganzira bwa muntu igihe baja muri ico gihugu gushigikira Lissu, mu gihe Umukenya Boniface Mwangi n'umunyamategeko wo muri Uganda Agather Atuhaire bafunzwe bamaze kwemererwa kwinjira.

Umukenya Boniface Mwangi n'umunya-Uganda Agather Atuhaire bavuga ko bakorewe ihohotera rishingiye ku gitsina

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umukenya Boniface Mwangi n'umunya-Uganda Agather Atuhaire bavuga ko bakorewe ihohotera rishingiye ku gitsina

Igipoisi ca Tanzania carahakanye ibi birego, ariko mu gihe abatari bake bariko biyamiriza ihagarikwa n'iyirukanwa ry'aba banyamahanga baharanira uburenganzira bwa muntu, Perezida Samia yatanze igabisha rikomeye.

Ati: "Nimba barashoboye kuzibirwa mu gihugu cabo, ntibaze hano kwivanga mu vyacu. Nta kubaha akaryo. Barateje akajagari mu gihugu cabo".

Mu bintu vyatangaje benshi mu baharanira uburenganzira bwa muntu, ni ukungene Perezida Ruto yananiwe no kwiyamiriza iri totezwa rivugwa, ahubwo akaza gusaba imbabazi reta ya Tanzania.

Ati: "Ku babanyi bacu ba Tanzania, nimba twarabacumuyeko mu buryo ubwo ari bwo bose, mutubabarire.

"Nimba hari ikintu kitari co Abakenya bakoze, twashaka tubasabe imbabazi".

Macharia Munene, Umukenya yigisha muri kaminuza ibijanye n'imigenderanire mpuzamakungu, yabwiye BBC ko ugusaba imbabazi kwa Ruto kwatumwe no "kubona ko adashoboye kugenzura abanyagihugu [Abanyakenya] ".

Yongerako ko reta ya Tanzania yagize "ubwoba" ku ruhara abaharanira uburenganzira bwa muntu muri Kenya bashobora kugira ku matora yo muri Gitugutu(10), mu gihe reta ya Ruto itorohewe mu kurondera "gutuza abatera umudugararo".

Ku baharanira uburenganzira bwa muntu muri Kenya, agahahazo kariko kaba muri ibi bihugu bitatu nta kindi gakora atari kubongerereza ishaka ryo guhangana na ko.

Mwangi, umwe mu baharanira uburenganzira bwa muntu bazwi cane muri Kenya, abivuga mu ncamake ati: "Nimba aba bantu bagize urunani mu guturatuza abenegihugu babo, natwe rero ni ngombwa ko twunga urunani kugira ngo tubomore ku butegetsi".