Reta ya Kenya iriyamiriza 'akamaramaza' ko gutera ikirato umukuru w'igihugu

President William Ruto mw'ishati ry'imirongo n'ipantaro yera afise micro ariko arashikiriza ijambo

Ahavuye isanamu, William Ruto/X

Insiguro y'isanamu, Perezida Ruto William Ruto yariko arashikiriza ijambo isinzi ry'abantu mu rugendo arimwo mu burengero bw'igihugu
    • Umwanditsi, Basillioh Rukanga
    • Igikorwa, BBC News, Nairobi

Reka ya Kenya yavuze ko ari ''akamaramaza'' ivyashitse umukuru w'igihugu William Ruto agaterwa ikirato mw'ikoraniro ku wa Mungu.

Uduce twa video twahanahanywe cane twerekana ico kirato kigemye umukuru w'igihugu ku kuboko kw'ukubamfu igihe yari akudugije ariko arashikiriza ijambo.

Umuvugizi wa reta Issac Mwaura yiyamirije ivyashitse asaba ko abari inyuma yavyo ''bafatwa''. ''Vyogenda gute hamwe twese twotangura guterana ibirato? Ni izihe ndangagaciro turiko turigisha abana bacu?'' niko yanditse kuri X asaba ko urwego rw'umukuru w'igihugu rwubahirizwa.

Ibinyamakuru vyo muri Kenya bivuga ko abantu batatu bafashwe, ariko igiporisi ivyo ntavyo cemeje.

Bamwe mu bashingamateka nabo baneguye uko gutera ikirato, kubonwa nk'uko kabaye agahaze mu gucungera umutekano [w'umukuru w'igihugu].

Dennis Itumbi, umutegetsi mu biro vy'umukuru w'igihugu, yavuze ko ivyabaye ari ''akantu kitayemwo'' bivuga ko vyabaye nk'impanuka.

Kuri Fecebook, yashizeko video ifatiwe mu rundi ruhande, avuga ko yerekana umuntu adugije ikirato ''mu gutwenza nk'aho yoba afashe camera'' hanyuma uwundi muntu agaca akimushikura, ''ababajwe n'uko ico kirato camuzibira [ntabone imbere]''.

''Ku gihamana kibi, caciye kimishuka... kigwa ku mukuru w'igihugu,'' niko yavuze.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Umukuru w'igihugu yariko arashikiriza ijambo mu ntara ya Migori iri mu burengero bw'igihugu mu rugendo rw'iminsi itatu arimwo muri ako karere aho yagiye gutanguza imigambi y'iterambere.

Mu gihe bamwe bamwe mu banya-Kenya basanzwe bahuza n'abavuga ko gutera ikirato ari ukutubaha, abandi bavuga ko vyerekana ingene abanyagihugu bababaye kubera uko ubutunzi bwifashe.

Vide y'icese y'urwo rubanza umukuru w'igihugu yashize kuri X ntiyerekana igihe ico kirato caterwa, biboneka ko camera yakoreshejwe itagifashe.

Ariko, irerekana uguhazana kw'abanyagihugu akanya gato. Umukuru w'igihugu yumvikana ariko arabwira abacungera umutekano wiwe, bashobora kuba bagiye kurondera uwateye ico kirato, kureka guhungabanya abantu.

Ariko haragera ahantu muri iyo video ntihagire amasanamu asubira kuboneka imbere [y'uko ico kirato giterwa] hanyuma mu nyuma video ikabandanya havuga abandi bantu bahawe amajambo muri iryo koraniro.

Ico kirato gitewe mu gihe amakenga aguma yongerekana ku mutekano w'abategetsi. Ku ndwi iheze, umushingamateka yararashwe arapfa ku murwa mukuru Nairobi, n'abantu bitwaje inkoho bari kw'ipikpiki mu cikekwa ko ryari igandagura.

Nelson Koech, umushingamateka wo mu mugambwe w'umukuru w'igihugu, yavuze ku wa mungu ko ivyashitse ari ''igitutsi kuri demokarasi'' yongerako ko ''ivyo gutebura twabishikanye kure''.

''Mwibaze iyaba ico kirato rwari urusasu...abantu barafyinisha ubuzima bw'umukuru w'igihugu. Kwabaye ukwubahuka cane kw'uwo muntu kugira akure ikirato ciwe agitere umukuru w'igihugu.

''Duteregezwa gukingira umukuru w'igihugu'' niko yabwiye imboneshakure yo muri Kenya Citizen TV.

Migori iri mu ntara ifatwa nk'icibare c'umukambwe atavuga rumwe n'ubutegetsi Raila Odinga, yahiganywe na Ruto mu 2022 mu matora y'umukuru w'igihugu, ariko mu nyuma yaragiranye umwumvikano n'umukuru w'igihugu.

Ayo amsezerano yamejwe mu kwezi kwa gatatu hagati ya Odinga na Ruto yari ayo ''guhoyahoya icuka kibi mu gihugu'' inyuma y'imyiyerekano yo kurwanya amakori yaguyemwo abantu mu mwaka uheze.

Kuva abaye umukuru w'igihugu mu 2022, hamazse kuba imyiyerekano myinshi y'abanya-Kenya yo kwerekana ingene bababajwe n'ubuzima buguma buzimba n'amakori aguma yongerekana.