Kenya: Umushingamateka yarasiwe mw'ibarabara arapfa

Ahavuye isanamu, Inama nshingamateka
Umushingamateka wo muri Kenya yaraye yishwe arasiwe mw'ibarabara n'abantu bataramenyekana ku mugwa mukuru Nairobi.
Hari haciye akanya gato Charles Ong'ondo Were avuye mu bikorwa vy'inama nshingamateka, akaba yagandaguwe ari mu modoka yiwe kw'ibarabara risanzwe ricamwo imodoka nyinshi ryitwa Ngong Road.
Igipolisi kivuga ko imodoka y'uno mushingamateka yatewe n'abantu babiri bari kw'ipikipiki - hanyuma umwe muri bo arahagarara aca amucucagira amasasu.
Umushoferi wiwe yararokotse muri iki gitero.
Charles Ong'ondo Were yari umushingamateka w'inararibonye mu mugambwe wa Raila Odinga, umunyaporitike azwi cane muri Kenya.
Igipolisi kiracatohoza ivyabaye mu gihe abakoze iki gitero gushika ubu batarafatwa, n'imvo z'ubu bwicanyi zikaba zitaramenyekana.
Umushoferi n'uwundi mugabo yari muri iyo modoka, barashoboye kumusimbana vuba na vuba mu bitaro, Nairobi Hospital, ari naho yapfiriye agishikanwayo.
Itangazo ryasohowe n'umuvugizi w'igipolisi, Muchiri Nyaga, ryemeza ko uno mushingamateka yapfuye arashwe n'umuntu yari afise inkoho mu ijoro ryo ku wa gatatu iruhande y'ibarabara rizwi nka Ngong, hafi y'inzu y'uburuhukiro izwi nka City Mortuary.
Uno muvugizi w'igipolisi yongerako ati: "Biraboneka ko yaronderwa kandi ubu bwicanyi bwari bwateguwe".
Muchiri avuga ko intwazangabo z'igipolisi n'abajejwe igendereza bashitse ahabereye iri bara gutohoza ivyabaye.
Igipolisi kiratera ivyatsi ubu bwicanyi gifata ko ari "ubukozi bw'ikibi budafise insiguro", kikizeza abanyagihugu ko ata kintu na kimwe kizozibira amatohoza.
Muramukazi w'uno mushingamateka yishwe yabwiye ibinyamakuru muri Kenya ko Ong'ondo Were yari asanzwe aterwa ubwoba ku buzima bwiwe, "ikintu cari camenyeshejwe DCI [igisata kijejwe igendereza].
Yongerako ati: "Ndashaka kubabwira ko uwakoze ubu bwicanyi azwi".
Perezida William Ruto yahojeje abanyagihugu b'akarere ka Kasipul k'intara ya Homa Bay Charles Ong'ondo Were yari ahagarariye mu nama nshingamateka, asaba igipolisi gukora amatohoza yimbitse ku vyabaye. Ati: "Ababikoze bategerezwa kubibazwa".













