Imisore itanu yo muri Kenya yari yaburiwe irengero yarekuwe mu nduru yo kwiyamiriza inyuruzwa

Abaharanira agateka ka zina muntu bararahira bakarengwa ko bazoguma batera igitsure reta gushika ivy'abantu bose baburiwe irengero bimenyekanye.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abaharanira agateka ka zina muntu bararahira bakarengwa ko bazoguma batera igitsure reta gushika ivy'abantu bose baburiwe irengero bimenyekanye.
    • Umwanditsi, Basillioh Rukanga & Anita Nkonge
    • Igikorwa, BBC News, Nairobi

Abasore batanu bo muri Kenya - harimwo n'umuhinga mu vyo gukora ibishushanyo vy'abantu – bari baburiwe irengero imbere gato y'akaruhuko ka Noweli, baraye babonetse bakiri bazima, nk'uko bivugwa n'imiryango yabo be n'amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu.

Kenya imaze igihe ihanzwe n'ikibazo c'inyuruzwa ry'abantu, aho amashirahamwe aharanira uburenganzira bwa muntu asanzwe afashwe mu mugongo na reta avuga ko abantu barenga 80 banyurujwe mu mezi atandatu aheze.

Muri rusangi, abanyuruzwa ni abanegura reta kandi abantu benshi bemeza ko bikorwa n'abajejwe umutekano, naho inzego zitavyemanga.

Ivyo kunyuruza abantu vyatanguye muri Ruheshi (6) umwaka uheze igihe haba imyiyerekano mu gihugu cose yo kwiyamiriza amakori y'umurengera, ariko bikaba vyariyongereye muri Kigarama (12).

Ico gihe hari habonetse amasanamu yakwiragiye cane yerekana umukuru w'iki gihugu ari mw'isandugu y'abapfuye, amasanamu yari yahinguwe hakoreshejwe ubwenge bw'ubucurano 'intelligence artificielle/artificial intelligence (AI)'.

Ino myiyerekano yari irongowe n'urwaruka yatumye Perezida William Ruto ahagarika amakori yari yateguye kuduza, ivyahungabanije reta yiwe binatuma kandi n'ububasha bwiwe bugoyagoya cane.

Kibet Bull, azwi cane kubera amafoto yiwe y'ibishushanyo vyo kunegura umukuru w'igihugu, yatangaje irekurwa ryiwe ku muhingamo w'ejo ku wa mbere aciye ku rubuga rwa X, mu munezero ntangere.

Yabwiye abantu 105.000 basanzwe bamukurikira ko yururukirijwe mu gisagara ca Luanda, ku birometero 370 uvuye ku mugwa mukuru Nairobi, ari naho yaheruka kuboneka ari, muri Kigarama.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Kibet Bull avuga ko amaze kurekurwa, ubwo nyene yaciye atera aja gutamba umuziki.

Nyina wiwe yabwiye BBC ko yanezerewe cane inyuma y'aho aronkeye amakuru ko umuhungu wiwe yagarutse.

Ati: "Naramuhamagaye turavugana, nta vyinshi twavuganye, ico gihe yambwira ati 'ni jewe Kibet' nkumva ijwi ryiwe, naciye nkoma akaruru, ndatamba ndatarika gushika aho ahagarika telefone".

Abandi barekuwe ejo ku wa mbere harimwo Billy Mwangi, umunyeshure w'imyaka 24 ava ahitwa Embu, mu karere ko hagati mu gihugu kazwi nka Mount Kenya.

Umushingamateka wo muri ako karere Gitonga Mukunji yabwiye abanyamakuru ko Mwangi "yakubiswe ibimoko ari mu cumba c'umwijima. Yarahahamutse".

Se wa Mwangi avuga ko umuhungu wiwe atashoboye kuvuga ivyamubayeko, kandi ko yatwawe mu bitaro.

Yabwiye ikinyamakuru Daily Nation ati: "Yashitse muhira hafi isaha zibiri z'igitondo. Yarigendera – nyina wiwe na jewe twaramubonye. Turashimira abantu bose bamusengeye bakamufata mu mugongo".

Mu ndwi iheze, se wa Mwangi yaraguye igihumura muri sentare igihe yariko ayitakambira ko yorekura umuhungu wiwe.

Peter Muteti, incuti yiwe y'imyaka 22 yafatiwe i Nairobi ku wa 21 Kigarama, yabwiye BBC ku wa mbere ko yasubiye kubonana n'umuryango, ariko yari yataye umutwe adashobora kuvuga ku mahano yaciyemwo.

Ishirahamwe Amnesty International Kenya rirashima irekurwa ry'abo rikongera rigasaba reta "kurekura abanyurujwe bose no kurengutsa ababikoze".

Hari haciye indwi zibiri igipolisi gitangaje ko kitokwegekwako inyuruzwa ry'abo ryakozwe n'abantu bambaye impuzu sizanzwe mu gihugu cose, bamwe muri bo bakaba barafashwe amasanamu na kamera (cameras) za CCTV.

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu n'abandi banya-Kenya begeka iri nyuruzwa ku gisata kijejwe igendereza no kurwanya iterabwoba mu nzego z'umutekano.

Mu kwezi guheze igihe harangwa amaborogo y'abanyagihugu, Perezida Ruto yavuze ati: "Tugiye guhagarika inyuruzwa ry'abantu kugira ngo urwaruka rwacu rushobore kuba mu mahoro rugire n'indero", aho yanasavye abavyeyi kwitaho abana babo.

Gushika ubu, nta n'umwe yari bwarekurwe kuva ashikirije iri jambo ku wa 27 Kigarama, mu gihe abaharanira uburenganzira bwa muntu bariko bategura imyiyerekano ku wa mbere mu ntumbero yo gutera igitsure reta kugira ico ikoze.

Ejo ku wa mbere, igiporisi casohoye itangazo ryemeza ko carekuye aba bantu, kivuga kandi ko cariko kiravugana n'umwe mu bari banyurujwe, Bernard Kavuli, yari yishikanye we nyene ubwiwe ku gipolisi.

Igipolisi cavuze ko amatohoza ariko arabandanya ku bantu bose baburiwe irengero.

Uwundi mugabo - Ronny Kiplangat – na we nyene yararekuwe, nk'uko umuryango wiwe wabibwiye ibinyamakuru vyo muri Kenya.

Kavuli yafatiwe mu nkengera za Nairobi muri Kigarama, hamwe na Kiplangat, bompi bafashwe bahejeje gusohora amasanamu y'umukuru w'igihugu yakozwe hakoreshejwe ubwenge bw'ubucurano (AI).

Abantu nibura 24 ni bo gushika ubu bataratorwa.

Ishirahamwe ry'abanyamategeko, Law Society of Kenya, ryaritwariye reta riyisaba kurekura vuba bwango kandi ata kirinze gusabwa abantu indwi banyurujwe mu kwezi guheze, harimwo aba baraye barekuwe.

Ibiriko biraba bibandanya gutera ubwoba igihugu cose, abavyeyi bakaba bahagaritse umutima ku bijanye n'umutekano w'abana babo, abaharanira agateka ka zina muntu nabo bakaba barahira bakarengwa ko bazoguma batera igitsure reta gushika ivy'abantu bose baburiwe irengero bimenyekanye.