Kenya: Bavuga iki inyuma y'aho Katorika yankiye imiriyoni zirenga 5 z'amashilingi yahawe na Perezida Ruto?

Ahavuye isanamu, @NairobiArchdioc
- Umwanditsi, Basillioh Rukanga
- Igikorwa, BBC News, Nairobi
Abatari bake barashikiriza amajambo menshi atandukanye inyuma y'aho Ekleziya Katorika muri Kenya yankiye kwakira intererano y'ibihumbi 40.000 vy'amadorari y'Abanyamerika, ni ukuvuga imiriyoni zirenga 5 z'amashilingi ya Kenya, yari atanzwe na Perezida William Ruto .
Ruto yari yatanze aya mahera nk'intererano mu gikorwa co kwubakira inzu umupatiri, ayandi akaba yari guhabwa korale y'isengero, hari mu misa ku wa Mungu mw'isengero rya Katorika ryitiriwe Soweto, ku mugwa mukuru Nairobi.
Iyi ntererano yatanzwe inyuma y'aho Inama nkuru y'Abepiskopi Katorika isohoreye itangazo rinegura reta ko yananiwe no gushira mu ngiro ivyo yemereye abanyagihugu mu gihe c'imyiyamamazo y'amatora.
Amashengero amaze igihe aterwa igitsure n'urwaruka ruheruka mu myiyerekano yo kwiyamiriza imisoro y'umurengera, aho bayagiriza ko yifatanije cane n'abanyaporitike.
Inyuma y'iyi ntererano ya Ruto yavuzwe cane ku wa Mungu, Abanya-Kenya benshi baciye basaba Ekleziya Katorika kwanka ayo mahera.
Umukuru w'iki gihugu yari yatanze amahera ya buriho (cash) yababa imiriyoni 2,6 z'amashilingi ya Kenya, aho yavuze ko ayandi asigaye yari gutangwa mu nyuma, akaba kandi yemereye iyo paruwasi imodoka ya bisi (bus).
Musenyeri mukuru wa Nairobi, Philip Anyolo, avuga ko ano mahera ategerezwa gusubizwa mu kwubahiriza "ingendo ibereye hamwe no gukingira Ekleziya kugira ngo ntikoreshwe ku nyungu z'abanyaporitike".
Yaranse kandi n’izindi ntererano Ruto yari yiyemeje gutanga, avuga ko n'intererano y’amashilingi 200.000 ya Kenya yatanzwe n'umukuru w'igisagara ca Nairobi, Johnson Sakaja - yari muri iyo misa nyene, ko nayo nyene ategerezwa gusubizwa.
Anyolo ati: "Ekleziya Katorika irahakanye yivuye inyuma ko ibikorwa vy'isengero, nk'ivyo kwegeranya uburyo n'amakoraniro, bikoreshwa nk'imbuga zo kwiyamamaza kw'abanyaporitike".
Avuga kandi ko intererano nk'izi ziteye kubiri n'amabwirizwa ngenderwako ya Ekleziya be n'amategeko ya Kenya.
Ubucuti bwo kuva kera hagati y'amashengero n'amashirahamwe ya poritike - mu gihugu aho abarenga 80% ari Abakristu - busa n'uburiko buratituka.
Hari haciye imyaka itatu amashengero abujije abanyaporitike gukoresha uruhimbi/arutari mu gihe c'imisa kugira ngo bayahe intererano.
Ariko ubu bucuti bwafatwa ko bukibandanya - aho urwaruka rwari mu myiyerekano rwagirije amashengero kwifatanya na reta igihe yafata ingingo yo gushinga imisoro mishasha mu ntango z'uno mwaka.
Ico gihe, baciye ku rufunguruzo #OccupyChurch, benshi bariyamirije amashengero bayagiriza ko yananiwe no kwifatanya nabo mu gihe c'imyiyerekano iheruka yahitanye ubuzima bw'abantu, yadutse mu kwiyamiriza iduga ry'imisori.
Iyo migumuko yatumye reta ya Perezida Ruto ihagarika mu kw'indwi integuro y'amafaranga yategekanya gukoresha.
Mu ndwi iheze, niho Inama y'Abepiskopi Katorika ba Kenya - iserukira abepiskopi Katorika bose mu gihugu - yagiriza reta ko iriko itsimbataza "umuco w'ikinyoma".
Mw'iri tangazo ririmwo amajambo akomeye, iyi Nama yaravuze kandi ku makori arenze urugero, igiturire, ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu, ihonyangwa ry'uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro, ubushomeri hamwe n'"isenyuka" ry'ibisata vy'inyigisho n'ubuvuzi.
Rivuga riti: "Nubwo turi mw'ituze, abantu buzuye amaganya kandi benshi bariko baratakaza icizere kuri reta".
Bavuga iki?
Mu kwishura, Perezida Ruto asa n'uwunegura abarongoye Ekleziya, aho avuga ati "tubwirizwa kwiyubara tugatanga amakuru y'ukuri kugira ngo ntitugwe mu mporero y'ivyo twagiriza abandi ko bakora".
Umukenguzamateka ari ku ruhande rwa reta, Aaron Cheruiyot, na we nyene yagiriza Ekleziya ko itanga "amakuru atari yo", akongerako y'uko "abayirongoye bategerezwa kwirinda kuba inzira ya poropaganda n'amakuru y’ibinyoma".
Hagati aho, abatari bake baciye ku rubuga rwa X rwahoze rwitwa Twitter bashimye iyi ngingo ya Ekleziya Katorika, aho bavuga ko ari iy'iteka, bagasaba abanyaporitike kudakoresha ibibanza vy'amasengesho nk'imbuga zo kwiyamamaza.
Uwiyita Mutharimi LK yanditse ati: “Hariho icubahiro mw'ishengero ry'abagatolika. Iyi ni ingingo ikomeye cane. Imana ihezagire Nye’iteka Philip A. Anyolo n'abakristu bose ba Ekleziya Katorika”.
Uwiyita Gathigi nawe ati: “Abanyaporitike barahawe ikaze mu butumwa bw’ukugaburira imitima, ariko basabwa kubikora nk’Abakristu basanzwe, batisunze ibibanza vyabo muri poritike”.
Eka n’uno yiyita Abdi na we nyene ntaja kure y’abandi, aho agira ati: “Ekleziya itanze ubutumwa butomoye: ubweranda burarengeye politike. Ibibanza vy’amasengesho ni ivyo abizera, si ivy’ukwiyamamarizamwo canke kurondera abanywanyi.
“Barongozi mwe, erekane ubushingantahe mu gutorera umuti ibibazo nyavyo bihanze Kenya - ibiturire, imisoro irenze urugero, n’amasezerano ataja mu ngiro – mureke kurondera kwiyeza imbere y’abantu”.
Keymani Mickael we avunira akagohe Ekleziya, aho yandika ati: “Iyi ni intambwe ikomeye, ariko abasaserdoti bokwirinda gushira Ekleziya mu bihe nk’ibi mu guha ikaze abanyaporitike mu bikorwa vyo kwegeranya uburyo”.
Moses Mwangi we agira ati: “Ariko twiyumvire, none iyaba Ruto na Sakaja batari abanyapolitike, bakaba ari nk’abandi bagiraneza basanzwe, intererano yabo yari kwiyamirizwa?”
Uwundi na we yiyita bonde la Ufa ati: “Nari narahevye kuja mw’isengero kuva niga mu mashure yisumbuye....imyaka 19 yose iraheze ntahonyoje ikirenge mw’isengero na rimwe. Ariko nimba ibi ari vyo, ku wa Mungu uza, nzorondera isengero rya Katorika riri hafi nzojamwo”.
Abakristu benshi b'Abanya-Kenya ni Abakatorika - aho baharurwa ko bashika imiriyoni 10, hafi 20% vy'abanyagihugu bose, nk'uko biri mu biharuro vya reta.
Abandi Bakristu bari mu mashengero yandi y'igiporoti, harimwo n'ishengero rya Anglikani rishigikiye iyi ngingo ya Ekleziya Katorika.
Musenyeri mukuru wa Anglikani, Jackson Ole Sapit, avuga ko Abepiskopi ba Katorika bashikirije akabakiye Abanya-Kenya benshi.
Ati: "Gutuka abarongoye ishengero canke kwiyamiriza iri tangazo ry'abepiskopi uvuga ko "rizimiza, ari ikosa kandi ko ari ikinyoma,’ ubwavyo ni ubuhemu”.
"Abepiskopi [ba Katorika] bashikirije akari mu mitima y'abanya-Kenya kandi bashikirije ukuri kudahengamye ku kungene ibintu bimeze ku rubuga".










