Uko umunyeshure yafashije mu kwerekana 'amanyanga' mu gukotesha ikibuga c'indege muri Kenya

Ahavuye isanamu, AFP
- Umwanditsi, Esther Kahumbi
- Igikorwa, BBC News
Umunyeshure w'umunya-Kenya yiga ivya business Nelson Amenya ubu afatwa nk'intwari n'abaharanira ko ibintu birushiriza gukorerwa mu muco mu masezerano reta y'igihugu ciwe igirana n'ibigo vy'abikorera utwabo.
Kahise ka vuba ka Kenya kuzuye inkuru z'amasezerano (contrats) nini zavuye mu biturire n'amanyanga - kandi n'ubwo hari amategeko yo kubuza ko bene ivyo biba, hari impungenge ko n'ubu bibandanya gukorwa.
Amenya w'imyaka 30, yiga mu Bufaransa mu cicaro ca Master's, mu kwezi kw'indwi yashize ahabona ku mbuga hwaniro ico avuga ko yari amasezerano reta ya Kenya yashaka kugirana n'ikigo Adani Group, kompanyi mpuzamakungu yo mu Buhindi.
Yari yerekeye gukoresha ikibuga c'indege co ku murwa mukuru Nairobi kizwi nka Jomo Kenyatta International Airport (JKIA) - ca mbere kinini mu gihugu no mu karere - kimaze igihe kitari gito kirindiriye guherahezwa kunagurwa.
''Nkimara kuronka izo nyandiko niyumviriye nti ayo n'ayandi masezerano reta yagize... sinashotse mbona uburemere bwayo,'' niko Amenya yabwiye BBC.
Izo nyandiko zarimwo ido n'ido ry'integuro y'umwumvikano w'amasezerano ya miriyaridi 2 z'ama dorari ($2.000.000.000) na Adani Group yo gukota ikibuga c'indege ca JKIA mu kiringo c'imyaka 30 kugira ngo kigisubiremwo mu buryo bugezweho congere kigikoreshe.
Aho atanguriye gufata umwanya agasoma neza izo nyandiko, yaciye abona ko hamwe ibirimwo vyotangura gukurikizwa, ''vyokomeretsa ubutunzi bwa Kenya'' mu gihe inyungu yose yoca itahira iyo kompanyi yo mu Buhindi.
Ayo masezerano ku bwiwe yaciye abona ko atabereye afatiye ku vyo yari asomye. Kuko Kenya niyo yari gushiramwo igice kinini c'amafaranga ariko ntiheze ngo ironke umusaruro uvuyemwo.
Amenya nta makenga menshi yagize ku kuba izo nyandiko zari iz'ukuri kuko ''abantu bazimuha bari abo mu bisata bizwi vya reta'', nk'uko avuga.
Ikigo Adani Group gisanzwe gikora ubwubatsi bw'ibikorwa remezo, kwimba ubutare n'imigambi y'amasoko ntanganguvu kw'isi, mu bihugu nka Israel, Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu (UAE), Ubufaransa, Tanzania, Australia n'Ubugiriki. Uwashinze ico kigo, Gautam Adani afise uruhara runini mu butunzi bw'Ubuhindi kandi akorana hafi n'umushikiranganji wa mbere w'ico gihugu Narendra Modi.
Abandanije asoma, Amenya avuga ko yasanze ko iyo uwo mwumvikano wa Adani na Kenya uja mu ngiro yari gushobora gutuma igihugu ciwe kizotegerezwa kwishura iyo kompanyi hamwe itokwisubiza amafaranga yari kuba yashoye muri uwo mugambi.
''Aho kwari uguca kubiri n'icizere abanyagihugu baba bahaye umukuru w'igihugu, urwego rutwara ibibuga vy'indege, umushikiranganji - bose barahemukiye abanyagihugu,'' niko avuga.
N'ubwo yari afise ivyemeza mu ntoke, Amenya vyaramugoye kumenya igikurikira yokora. Umutekano wiwe wari gushobora kugeramirwa, n'ubwo yari mu Bufaransa aho yari yikinze kurusha kuba muri Kenya, aho abagwanya ibiturire batotezwa mbere bamwe bakicwa.
Avuga ati muri ico gihe ''Narumva ubwoba. Sinari nzi icari gushika. Ndiko ndashira kazoza kanje k'akazi mu kaga, ubuzima bwanje bushobora kuhasigara, kuki nokwita mu kaga mu gukora ibi?''
Ariko mu nyuma yabonye ko kuguma anumye atari vyo yohitamwo.
"Burya, imburakimazi nizo ziramba"
Inyuma y'imisi asoma izo nyandiko yari yarungikiwe, Amenya yaciye abishira ahabona kuri konte yiwe ya X (yahoze ari Twitter) mu kwezi kw'indwi, buno nyene bica bitera uburakari muri Kenya.
Abakozi bo kuri JKIA baciye bagira yegereyegere basaba ko ayo masezerano afutwa.

Ahavuye isanamu, Getty Images
''Numvise ko ari nk'ikintu ntegerezwa gukora, ntegerezwa gukorera igihugu canje. N'ubwo ndi kure, ngumana inshingano zo gukorera igihugu canje. Nifuza kubona igihugu ca Kenya ciza kurusha uko kiri ubu, igihugu c'amavukiro yanje gitera imbere, kigire amahinguriro (inganda), kitakirangwamwo ibiturire (ruswa).''
Yari atewe umutima uhagaze n'uko ivyari bigiye kuba ku kibuga c'indege yari intango y'ibindi vyari kuza mu nyuma.
Amenya avuga ko atari amajambo adasanzwe no kuba ibintu biri mu rufuri gusa vyatumye yumva yosemerera. Vyatumwe kandi, nk'uko avuga, n'uko vyaboneka ko amategeko ya Kenya yari yirengagijwe vyeruye.
''[Abategetsi] ntibigeze bihweza ibijanye n'iyo kompanyi bisunze amategeko... ntibigeze bakurikiza amategeko asanzwe akurikizwa mu gutanga amasoko.''
Avuga ko abategetsi bamwe muri reta bari bizeye ko bazoca inyuma y'ibisabwa n'amategeko, harimwo ko abanyagihugu bategerezwa kubimenyeshwa bakanahabwa ijambo, ayo mategeko akaba ari yo akingira amafaranga y'umutangakori kugira ntakoreshwe nabi.
Icegeranyo co muri Ndamukiza (4) cakozwe n'urwego rutwara ibibuga vy'indege ku nteguro y'ayo masezerano cerekanye ko ata mugambi wo kubimenyesha abo vyerekeye wari uhari.
''Aho hari mu kwezi kwa kane, mu kwezi kw'indwi igihe nashira ukuri ahabona, nta na kimwe bari bwakore ngo basabe ivyiyumviro vy'abanyagihugu. Wari umwumvikano wo mu mpisho, kandi ico gihe hari hasigaye ukwezi kumwe gusa ngo bashire umukono ku masezerano,'' niko Amenya avuga.
"Maze gushira ahabona uwo mwumvikano niho baca bagerageza gihutihuti kuza gusaba ko abanyagihugu botanga ivyiyumviro - baciye bahamagara abakozi bo ku kibuga c'indege batangura kugira inama n'abo vyerekeye".
Abategetsi batandukanye n'ibisata vya reta barahakanye ko ata biturire vyarimwo muri uwo mugambi mu nyuma abategetsi baranashira umukono ku wundi mugambi uciye miriyoni nyinshi n'ico kigo nyene Adani Group - uwo nawo wari werekeye kwubaka inzira zitwara umuyagankuba.
Ikigo Adani Group cavuze ko ivvyavugwa na Amenya bitagira ishingiro kandi vyari bigamije kwonona.
Umuvugizi yabwiye BBC ko "integuro y'ayo masezerano yari yisunze amategeko agenga ugukorana n'abikorera utwabo kandi ko yari agamije gutunganya ikibuga ku rwego mpuzamakungu hanyuma hatezwe imbere bimwe bifadika ubutunzi bwa Kenya mu gutanga ubuzi kandi bwinshi".
Adani Group ivuga kandi ko ata masezerano yigeze ashirwako umukono kuko "ibiganiro bitashitse ku ntambwe y'umwumvikano ntabanduka".
Ico kigo kivuga kandi ko integuro y'amasezerano ku muyagankuba yari akurikije amategeko kandi kigahakana civuye inyuma "ibivugwa ko harenzwe amategeko ya Kenya mu bikorwa vyacu n'ivyo twerekana ko twokora.
"Umugambi wose twiyemeza gukora ugengwa no kwubahiriza ibisabwa, ugukorera ku mugaragaro no kwisunga amategeko y'ibihugu dukoreramwo", nk'uko itangazo rivuga.
Ariko kuba Amenya yashize ahabona ivy'uwo mwumvikano sivyo vyatumye reta ihindura ingendo.
Kenya yagiye kugira ico ikoze inyuma y'aho abategetsi ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika bitwariye muri sentare Gautam Adani ku ruhara yashobora kuba afise mu kamaramaza ko gutanga ibiturire vy'amafaranga angana na miriyoni 250 z'ama dorari ($250.000.000).
Abaserukira ikigo Adani Group barahakanye ivyo bagirizwa n'abashikirizamanza bo muri Amerika bavuga ko bitagira ''ishingiro''.
Mw'ijambo yashikirije igihugu imbere y'inama nshingamateka mu kwezi guheze, umukuru wa Kenya Willian Ruto yatangaje ko amasezerano na Adani yompi afuswe.
"Dufatiye ku vyemeza ntaharirizwa canke amakuru yo kwizera yerekeye ibiturire, sinzohingitanya gufata ingingo", niko Ruto yavuze mw'ijambo ryakomewe amashi cane mu nama nshingamateka.
Abanya-Kenya barakeje iyo ngingo Ruto yavuze ko yaturutse ku makuru mashasha yatanzwe n'inzego z'amatohoza hamwe n'ibihugu bifashanya na Kenya.
"Nari mw'ishure igihe iyo ngingo yatangazwa. Sinemera ko ari vyo", niko Amenya avuga.
"Nibaza ko nkiyumva nakoroye amosozi. Nari nezerewe cane".
N'ubwo atibona nk'intwari, ubutumwa bwo kumushigikira bwaracanacanyeko buva irya n'ino harimwo no mu Buhindi.
Iminota 40 icigwa giheze, yaciye yandika kuri X amajambo kuva ubu yabaye rurangiranwa: "Adios Adani!!" - ni agasaga Adani.
"Cari igihe gikomeye...Ivyo nakoze vyose amaherezo vyaragize ico bishikako".
Ariko uko kwiyumva ko yashitse ku ntsinzi kwaje inyuma y'amezi atari make atorohewe kandi hari abamuremera.
Amaze gushira ahabona ibijanye n'uwo mwumvikano ku kibuga c'indege, Amenya yaritwariwe muri sentare yagirizwa kwambika ibara n'uwuserukira ikigo Adani Group muri Kenya, yitwarirwa kandi n'umunyaporitike wo muri Kenya, bituma yijijanya imitima niba yobandanya.
Avuga ati: "Hari abantu bo muri reta baza kundaba, hari n'abambwira ko bompa amafaranga, bambwira ngo: 'Akira amafaranga hanyuma uhagarike iyo ntambara na reta".
"Ryari kuba ribaye ikosa rya mbere ribi mu buzima bwanje iyo ndabiheba, nari kuba mpemukiye abanya-Kenya".
Ariko inyuma yo gufuta ayo masezerano, perezida Ruto n'ubu aracibaza igituma aba-Kenya bagwanya uwo mugambi n'iyindi myinshi ashira imbere. Avuga ko azorondera inzira yo kunagura ikibuga c'indege.
"Narabonye bavuga ngo abahagaritse kunagura ikibuga c'indege cacu ni intwari. Intwari? Wunguka iki iyo uhagaritse iyubakwa ry'ikibuga c'indege mu gihugu cawe?" niko Ruto yabajije mu rubanza yari arimwo mu kwezi kwa Kigarama.
"Ntuzi n'ingene kigiye kwubakwa, kandi abagwanya uwo mugambi nta n'ikirenge barahonyoza ku kibuga c'indege, ni ukugwanya umugambi gusa".
Amenya, n'ubu agihanganye n'ibirego vyo kwambika ibara, ubu ariko araterereza amafaranga yo kumufasha kuburana, kandi avuga ko kazoza kiwe muri Kenya kari mu mayira abiri.
"Ndamaze guterwa ubwoba n'inzego zizwi z'igendereza kandi hari abantu muri Kenya bangabishije ko ntosubira mu gihugu kuko hari abantu barakajwe cane n'ivyo nakoze", niko avuga.
Ni ikiguzi kinini ariko Amenya avuga ko yiteguye kwongera gutanga n'umutima mwiza.
Ati: "Ntidukeneye kurindira uwundi muntu azoza kudutabara".














