Kenya: Intererano ya Perezida Ruto mu rusengero yateje imigumuko

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Will Ross & Joseph Winter
- Igikorwa, BBC News
Vyabaye ngombwa ko igipolisi ca Kenya gikoresha ivyuka bikoroza amosozi mu gushwiragiza abari mu myiyerekano bariko barondera kwigarurira urusengero ruherutse guhabwa intererano nini na Perezida William Ruto.
Iyi ntererano y'imiriyoni 20 z'amashilingi ya Kenya yahawe ishengero Jesus Winner Ministry mu karere ka Roysambu mu gisagara ca Nairobi yaraneguwe cane n'abakiri bato bahanganye n'ubuzima buzimvye muri iki gihugu.
Ruto avuga ko ataco yiyagiriza mu gutanga iyi ntererano, kandi aherutse gutanga intererano nk'iyo mu rundi rusengero rwo muri Eldoret.
Mu mwaka uheze, abarongoye amashengero ya Katolika na Anglikani baranse izi ntererano, bavuga ko ari ngombwa gukingira Ekleziya kugira ngo ntihave ikoreshwa ku nyungu za poritike.
Ku wa mungu abantu batari bake barahagaritswe muri iyi mishamirano igihe bariko bagerageza kwinjira muri uru rusengero, baraturira bongera bazibira amabarabara yo mu micungararo y'uru rusengero bakoresheje ibitandara vy'amabuye.
Ibinyamakuru vyo muri iki gihugu bivuga ko amasengesho yabandanije umutekano ubanje gutsimbatazwa.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Musenyeri Edward Mwai avuga ko abantu batavuzwe amazina bateye akamo "imihimbiri" kugira ngo bahungabanye amasengesho y'uru rusengero, nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru Star ku rubuga ngurukanabumenyi rwaco.
Mu gushigikira ingingo yiwe yo gutanga iyi ntererano Perezida Ruto, umukristu/umukristo wo mw'ishengero ry'ivugabutumwa, avuga ko yayitanze mu twigoro two kugarukana inyifato runtu iriko iratituka.
Ikinyamakuru Nation candika ku rubuga ngurukanabumenyi rwaco gisubiramwo amajambo yavugiye mu rundi rusengero i Eldoret, ati: "Kenya itegerezwa kumenya Imana kugira ngo tumaramaze abantu batubwira ko tudashobora kwifatanya n'ishengero".
Abanyagihugu ba Kenya barakajwe n'urukurikirane rw'amakori yadugijwe kuva Ruto ashitse ku butegetsi mu 2022.
Avuga ko vyari ngombwa kuduza ano makori kugira ngo yishure imyenda myinshi yarazwe na reta yahahora.
Ariko abanyagihugu benshi ba Kenya bavuga ko yari kubanza guhangana n'ikibazo c'isesagurwa ry'ubutunzi bwa Kenya hamwe n'ibiturire.
Mu mwaka uheze, igihuhusi c'imyiyerekano yabaye mu gihugu cose, itunganijwe n'urwaruka rwari ruhurikiye mu kizwi nka GenZ catumye Ruto afuta integuro y'itegeko rigenga amafaranga reta ikoresha, ryarimwo urutonde rw'amakori yategerezwa kuduzwa.













