Kenya yafuse ikori ku mukate abagize imyiyerekano nabo baterwa imyotsi ikoroza amosozi

Abari mu myiyerekano biyamiriza itegeko ry'amafaranga reta ya Kenya izokoresha

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abagize imyiyerekano y'ishavu batewe n'itegeko rishasha rigenga amafaranga reta izokoresha bagerageje gushika aho inama nshingamateka ikorera
    • Umwanditsi, Basillioh Rukanga
    • Igikorwa, BBC News, Nairobi

Reta ya Kenya yafuse amwe mu makori yashaka gushira mw'itegeko ry'amafaranga izokoresha muri uyu mwaka uzotangurana n'ukwezi kw'indwi inyuma y'aho abanyagihugu berekaniye ishavu.

Vyamenyeshejwe n'abashingamateka igihe igiporisi cariko kiratera imyuka ikoroza amosozi n'imitonzi y'amazi kugira kigerageze gushwiragiza abari mu myiyerekano ku murwa mukuru, Nairobi.

Umugwi wo mu nama nshingamateka ujejwe ibibazo vy'amafaranga wafuse icari kuba ikori ku mukate ringana na 16% hamwe n'ayandi makori yodugijwe ku mavuta yo guteka no ku buryo bwo guhanahana amafaranga kuri terefone.

Kuva ashitse ku butegetsi mu 2022, perezida William Ruto amaze gushinga amakori mashasha menshi yiyamirizwa n'abanyagihugu, aho akaba arondera kuriha ideni ry'igihugu ringana na miriyaridi 80 z'ama dorari.

. Umugore yafashwe ariko arasemerera ari um modoka y’igiporisi

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abantu baharurwa mu mirongo barafashwe burizwa imiduga y'igiporisi
Abaporisi ba Kenya bambaye impuzu zisanzwe bariko bariruka inyuma y’aho imyuka ikoroza amasozi bahejeje gutera abari mu myiyerekano nabo bayibasubirije , ku wa 18 Ruheshi

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Imyotsi ikoroza amosozi mu mabarabara ya Nairobi

Ariko abanegura ibiri mu nteguro y'iryo tegeko rishasha bafise impungenge ko rizobuza ko ubutunzi bwiyongera hanyuma ritume abantu batakaza akazi.

Ukwo guhesha kuri iryo tegeko rishasha ry'amafaranga reta izokoresha kwamenyeshejwe na Kuria Kimani, umukuru w'murwi w'inama nshingamateka ujejwe amafaranga, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru citabwe na perezida Ruto hamwe n'abandi bashingamateka bo mu rurunani ruri ku butegetsi.

Umugwi wiwe wari umaze iminsi wegeranya ivyiyumviro vy'abanyagihugu kuri iryo tegeko aca avuga ko ingingo yo guheba bimwe bimwe yafashwe kugira abanya-Kenya bakingirwe ingaruka z'ubuzima buguma buzimba.

Ayandi makori yashaka kuduzwa ariko yahebwe arimwo ayo ku miduga, aho abaraba ibintu n'ibindi bavuga ko yohungabanije igisata c'ubwishingizi (assurances).

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Kimani yavuze kandi ko hahebwe ikori ryagomba gushirwa ku bintu bifatwa ko bigira ingaruka mbi ku bidukikije nk'ivyo gutekeramwo [ibicuruzwa], plastic hamwe n'ama pine [y'imiduga].

Ryiyamirijwe na bamwe bavuga ko ryoca rituma haduga igiciro c'ibintu nkenerwa nk'ivyahi, udutambara tw'abari mu butinyanka, ordinateurs na terefone ngendanwa.

Ubu iryo kori rizokora ku bintu bivuye hanze gusa, nk'uko Kimani yavuze.

Perezida Ruto nta na kimwe yigeze avuga muri ico kiganiro - ariko iyo ngingo bivugwa ko yavuye ku kuremerwa n'abanyagihugu, ni nk'ikofe kuri reta yiwe.

Yeheruka gusaba abanya-Kenya kwemera amakori mashasha, avuga ko mu vy'ukuri barihishwa make, ariko yemera ko bitazokworoha.

Mu myaka ibiri iheze, amakori ku mishahara, ibitoro no kubaranguza ibintu yaradugijwe.

Ikori ry'inzu ringana na 1,5% ku mushara w'abakozi ku kwezi, azoja mu kwubaka amazu azimbutse, naryo ryarashinzwe.

N'amafaranga yo guterera mu kigega co kwivuza yimirije kuduzwa.

Abashingamateka bazokwiga integuro y'iryo tegeko ku wa gatatu, ari naco gituma imyiyerekano yabaye ku murwa mukuru.

Igiporisi cafashe abantu benshi bagirizwa gutunganya iyo myiyerekano.

Amashirahamwe aharanira uburenganzira biyamirije ivyo igiporisi cakoze.

''Ndashavuye cane kandi ndiko narwanira uburenganzira bwanje,'' umwe mu bari mu myirekano, yiyise Wangari, niko yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP.

''Ndacari umuyabaga muto kandi nshaka kwubaka kazoza kanje muri iki gihugu. Kuri ayo makori rero, kuri uko kuturya imitsi, simbona ingene twokwubaka ubuzima.''