Ubugumba ku mugabo: Ingene ubwenge bw'ubukorano bushobora kuba igikoresho gikomeye co kubuvura

Urugero rw'intanga rwaragabanutse gushika ku nusu mu myaka 40 iheze

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Urugero rw'intanga rwaragabanutse gushika ku nusu mu myaka 40 iheze
    • Umwanditsi, Na Katherine Latham
    • Igikorwa, Umunyamakuru mu vyo ubuhinga

Ubugumba bufata abagabo 7 % kw’isi. Ubu, ikizwi nka intelligence artificielle/artificial intelligence [mu kirundi twogereranya na ubwenge bw'ubukorano, gishobora kumbure kuba kiri hafi yo gutorera umuti iyi ngorane.

Ku bwa Dr Steven Vasilescu, software/logiciel y’ubwenge bw'ubukorano yakozwe (yahinguwe) na we hamwe n’umurwi wiwe w’abahinga irashobora kubona imbuto mu bipimo vy'musohoro (sperm/sperme) wafashwe ku bagabo bagumbashe cane mu buryo bwihuta incuro 1.000 gusumba umuntu yanonosoye cane mu gukora ivyo bipimo.

Asigura ati : "Irashobora kubona intanga zishobora kuba ari nzima imbere y’uko umuntu anatangura gusobanura ivyo ariko arapima".

Dr Vasilescu ni umuhinga mu vyo'ubuvuzi kw’ishure kaminuza ry’ubuhinga rya Sydney (UTS), muri Australia, akaba yashinze ikigo c’ubuvuzi NeoGenix Biosciences.

Ubuhinga yashizeho ari kumwe n’abo bakorana bwitwa SpermSearch.

Bwashizweho mu ntumbero yo gufasha abagabo badafise imbuto mu musohoro, bangana na 10% vy'abagabo b'ingumba, ikizwi mu gifaransa nka azoospermie non obstructive (NOA).

Dr Steven Vasilescu, hagati, na bagenziwe kuri kaminuza UTS bakoze ubuhinga bushingiye ku bwenge bw'ubukorano mu gufasha kurondera intanga

Ahavuye isanamu, Dale Goss

Insiguro y'isanamu, Dr Steven Vasilescu, hagati, na bagenziwe kuri kaminuza UTS bakoze ubuhinga bushingiye ku bwenge bw'ubukorano mu gufasha kurondera intanga

Muri iki gihe, agace gatoya k’udusabo tw'intanga karakatwa hakoreshejwe ubuhinga bwo kubaga hanyuma kakajanwa mu cumba co gupima (laboratoire) aho umuhingamu bijanye n'ubuzima bw'urusoro (embryon), azwi nka embryologiste ashobora kurondeza intoke intanga nzima.

Ako gace karigwa hakoreshejwe rugagamisha (microscope). Iyo hagize intanga nzima zibonekamwo, barashobora kuzikuramwo hanyuma bakazitera mw'igi ry’umugore.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ku bwa Dr Vasilescu, ubu buhinga busaba abakozi benshi amasaha atandatu canke indwi, ibi bigashobora gutuma haba kuruha canke kudatumbereza ibintu neza.

Asigura ati : "Iyo umuhingamu bijanye n'ubuzima bw'urusoro aravye muri rugagamisha (microscope) , ico abona, ni urudavagi – urufatangane rw’uturemangingo.

"... Usanga kumbure harimwo nk’imbuto 10 zose hamwe, ariko hashobora kuba harimwo amamiriyoni y’utundi turemangingo. Ni nko kurondera urushinge mu kirundo c'umuguruka".

Ariko, SpermSearch ishobora gutora urubuto urwo ari rwo rwose mu masegonda make, iyo amafoto y’ako gace ashizwe ubwo nyene mu mashini nyabwonko.

Kugira bashike ku muvuduko w’uru rugero, Dr Vasilescu na bagenziwe bahaye ubushobozi ubu bwenge bw'ubukoranobwo gutora imbuto muri utwo duce tw’udusabo tw'intanga tugizwe n’ibintu vyinshi vy’uruvangatirane.

Mu nkuru y’ubushakashatsi yasohowe, uno murwi w’abahinga bo kuri kaminuza UTS uvuga ko, mu gihe co gupima, SpermSearch yanyarukije incuro 1.000 gusumba umuntu (mu vyo gusama) asanzwe abifisemwo ubumenyi n'uburambe buhanitse.

Hagati aho, SpermSearch ntiyatangujwe kugira ngo isubirire abantu muri ico gisata, ahubwo ni iyo kubafasha.

Ubuhinga bwa SpermSearch bubona intanga mu buryo bwihuse, hanyuma ku kiyo (eran/screen) bugacapa agakwadarato aho zatowe

Ahavuye isanamu, NeoGenix Biosciences

Insiguro y'isanamu, Ubuhinga bwa SpermSearch bubona intanga mu buryo bwihuse, hanyuma ku kiyo (eran/screen) bugacapa agakwadarato aho zatowe

Dr Sarah Martins da Silva abona ko uno muvuduko mu kurondera imbuto ari kirumara. Uno mushakashatsi w’umugore mu bijanye n’irondoka kw’ishure kaminuza rya Dundee asigura ati : "Umwanya ni ikintu gikomeye.

"Iyo hari umugore yatanze amagi kugira ngo ahuzwe n'imbuto z’umugabo, tuba dufise umwanya muto wo kubikora. Rero iyo tubonye uburyo bwo kubinyarutsa ni akarusho kadasanzwe".

Mu gihe intanga zagabanutse gushika ku 50% mu myaka 40 iheze, ubugumba ni ingorane igenda yiyongera.

Ibituma ubugumba ku bagabo bwiyongera ni vyinshi : uguhumanya ikirere, itabi, gufungura nabi, kutagira imyimenyerezo ngororamubiri, umwitwarariko ukabije, n’ibindi.

Dr Meurig Gallagher ni uwundi muhinga agerageza gufasha abagabo bafise ikibazo co kutavyara.

Nk’umwigisha kw’ishure kaminuza rya Birmingham, ubuhinga bwiwe bukoresha logiciel y'amasanamu mu gukurikirana umuvuduko w’intanga n’igikorwa c’uturizo tw’intanga.

Asigura ati : "Kwihweza akarizo k’intanga birafasha kumenya ingene intanga zimeze. Impinduka ntoya gusa zirashobora kutwereka nimba urubuto rufise ingorane z'akarere rurimwo, nimba uru rubuto ruri mu gupfa, canke hari ikibazo ca kamere karwo.

Ku ruhande rwaco, ikigo Examen c’abahinga mu bijanye n’irondoka gifise icicaro i Belfast (umugwa mukuru wa Irlande ya ruguru), gikoresha ubuhinga buzwi nka électrophorèse sur gel à cellule unique/single-cell gel electrophoresis kugira ngo bumenye ibibazo vyoba biri kuri ADN (umwidondoro ndangakamere) mu ntanga z’abantu.

Umwigisha Sheena Lewis n’umurwi wiwe bamaze imyaka irenga 20 bakoresha ubu buhinga.

Hagati aho, uno mwigisha w’umukukuruke mu gisata c’irondoka rijanye n’amagara meza kuri kaminuza ya Queens i Belfast akaba arongoye ikigo Examen, abona ko n’ubwo ubuhinga mu bijanye n’ubwenge bw'ubukorano buteye imbere, ubuvuzi bugenda bukebuke.

Nk’akarorero, SpermSearch iracari ku rugero rwo kwerekana ko ibi bishoboka, kubera ikiri ku rugero ruto cane rw’abo imaze kubigeragerezako, bakaba ari indwi gusa.

Umwigisha Lewis agira ati : "Ibi ntaco bivuze. Umwanya bifata hagati y’igihe co gusigurira abantu ko ibi bishoboka n’iwo gukwiragiza ubuhinga bwawe kumbure uri hagati y’imyaka ibiri n’itanu.

"Inzira iracari ndende. Iki cerekeye kandi igitigiri c’abagabo bafise ingorane zo kutaba bafise intanga mu musohoro wabo, ikizwi nka Azoospermie non obstructive/Non-obstructive azoospermia (NOA). Ikintu ico ari co cose cokorwa coba ngirakamaro cane, ariko ntikizoba ari ic’abantu bose".

Asubiye i Sydney, Dr Vasilescu avuga ko ubuvuzi nk’ubu bwabo ari " intambwe ya nyuma".

"Mu gihe twoshobora guha ubushobozi abahinga mu bijanye n'ubuzima bw'urusorobubatuma bakora neza gusumba kandi batihenda, barashobora kuronka intanga batari biteze kuronka. Ibi vyoha amahirwe umugabo yo gushobora kuvyara abana biwe bwite".

Uno murwi wa UTS uriko witegurira kugerageza ubu buhinga bw’ubwenge bw'ubukorano mu gihe c’igerageza. "Ikizokurikira ni ugusama imbanyi", niko Dr Vasilescu avuga.