Umugabo atanga intanga amaze kugira abana barenga 550 yabujijwe gutanga izindi

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umugabo w’umunya-Hollande avugwa ko amaze kuvyara abana barenga 550 kw’isi yose kubera imfashanyo yiwe y’intanga atanga irya n’ino ubutungane bwamutegetse guhagarika.
Jonathan w’imyaka 41 ashobora kwisanga atangishijwe ihadabu irenga 100.000 z’ama-euro mu gihe yoramuka agerageje gutanga izindi ntanga.
Mu 2017, yabujijwe gutanga intanga ku bigo vy’irondoka mu Buholande, inyuma y’aho bimenyekaniye ko yari amaze kuvyara abana barenga 100.
Ariko aho guheba, yaciye abandanya gutanga intanga ziwe mu mahanga aciye ku mbuga ngurukanabumenyi.
Sentare yo muri La Haye yamutegetse gutanga urutonde rw’amavuriro yose amaze guha iyi mfashanyo, ica iyategeka kumena intanga ziwe.
Uyu mugabo yikekwa ko amaze guhenda amajana n’amajana y’abagore.
Amabwirizwa yahawe amavuriro y’Ubuholande avuga ko umugiraneza atanga intanga adategerezwa kuvyara abana barenga 25 mu miryango 12.
Ariko abacamanza bavuga ko uyo mugabo wewe yafashije kuvyara abana bari hagati ya 550 na 600 kuva atanguye gutanga intanga ziwe mu 2007.
Yitwariwe mu butungane n’ikigo gikingira uburenganzira bw’abana hamwe na nyina w’umwe mu bana boba basamwe inda mu ntanga z’uyu mugabo.
Umuvugizi w’iyi sentare, Gert-Mark Smelt, avuga ati : "Ikiriho ni uko uyu muryango wa ba gishiki na gisaza badasangiye abavyeyi bompi ari munini cane."
Abana barenga ijana b’uyu mugabo bavukiye mu mavuriro yo mu Buholande no mu yandi mavuriro y’abigenga, ariko kandi yarahaye intanga ziwe ivuriro ryo muri Danemark naryo ryazirungikiye ibindi bigo mu bihugu bindi bitari bike.
Umucamanza Thera Hesselink avuga ko sentare "ibuza uyu mugabo gutanga izindi ntanga ku bavyeyi bashasha kuva iyi ngingo ifashwe".
Uyu mugabo kandi nta burenganzira afise bwo kuvugana n’abandi bavyeyi "bipfuza gutanga imfashanyo y’intanga".
Ntiyemerewe kandi kwamamaza ibikorwa vyiwe ku bipfuza kuvyara canke ngo abe umunywanyi w’ishirahamwe iryo ari ryo ryose rivugana n’abipfuza kuvyara.
Sentare y’akarere La Haye ivuga ko uyu mugabo "yabeshe n’ibigirankana" abipfuza kuvyara ku gitigiri c’abana yavyaye muri kahise.
Ivuga iti: "Aba bavyeyi bose bahanganye n’ikibazo c’uko abana babo bari mu muryango munini cane w’abana badasangiye abavyeyi bompi, kandi atari bo vyavuyeko".
Sentare ivuga ko ibi bishobora kuzogira ingaruka mbi ku mibereho y’aba bana mu miryango yabo.
Abatanga intanga basabwa kugabanya abo baziha kugira ngo bagabanye ivyago vy’uko ba gishiki na gisaza basanga barongoranye bakavyarana abana.
Muri kahise, Ubuholande bwarahuye n’ibibazo bijanye n’irondoka.
Mu 2019, umuganga w’Umuholande akaba n’umuhinga mu bijanye n’irondoka yaragirijwe gutera intanga ziwe abarwayi batavyemeranije. Vyagiye kwemezwa ko yari se w’abana 49.










