Wari uzi ko urudandaza rwo gukodesha igitereko rukomeye muri Colombia?

Abagore benshi bakiri bato muri Colombia baca ku mbuga ngurukanabumenyi mu guhamagara abipfuza ko babatwarira imbanyi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abagore benshi bakiri bato muri Colombia baca ku mbuga ngurukanabumenyi mu guhamagara abipfuza ko babatwarira imbanyi

Na Mimi Swaby

BBC News

Kuronka igitereko co gukota muri Colombia biroroshe nka kurya woba ushaka kugurisha canke kugura ibiharage kw'isoko.

Uwu ni umugirwa usa n’uwusanzwe cane muri ico gihugu, aho abagore batari bake bakiri bato babona ko ata yandi mahirwe bafise yo kuronka ikibabeshaho.

"Mva i Bogota, ndakodesha igitereko canje". Ubu ni ubutumwa bwo kumenyekanisha bucishwa ku rubuga rwa Facebook bw’umugore akiri muto w’umunya-Colombia – kandi ubutumwa nk’ubu burarwiriye.

Mery – umugore w’imyaka 22 akomoka muri Venezuela ubu akaba aba muri Colombia – ni umugore amaze amezi atari make arondera gukodesha igitereko ciwe ku bipfuza kuronka umwana muri Amerika y’Epfo.

Kugurisha ku mbuga ngurukanabumenyi

Nk’uko bimeze ku bandi bagore hafi bose baca ku mbuga ngurukanabumenyi mu kumenyekanisha, intumbero yiwe ni ukurondera amafaranga.

"Natanguye igihe navana n’uwo twari twubakanye. Twari tumaranye imyaka hafi itanu, dufitaniye abana babiri.

"Rero ndabikora kugira mfashe abubakanye kuronka umwana, ariko cane cane kugira ndonke ikimbeshaho”.

Mery yatanguye kwumva ibijanye no gutwarira imbanyi uwundi (ikizwi nka surrogacy mu congereza, canke maternité de substitution/ Gestation pour autrui, GPA, mu gifaransa) ku majwi yari yacishijwe ku mbuga ngurukanabumenyi, ariko ntiyari bwigere avyiyumvira gushika ubuzima bumuhindukanye.

Kubera ubuzima buzimvye nawe ata mahera yari afise, nta yindi nzira yabona asigaranye atari iyo.

Abagore bamwe baca amadorari y’abanyamerika 12.000, mu gihe hari abandi baca makeya kushika ku bihumbi bine vy’amadorari.

Mery ntiyari azi ayo yobacira. Yari yarabonye ko ibiciro biri hagati y’amadorari 8000 gushika ku 40.000, ariko mu nyuma yahavuye afata ingingo yo kubaca hagati y’ibihumbi 10.000 na 12.000 vy’amadorari.

"Ayo yomfasha gutangura ubuzima n’abana banje”.

"Ndabikora kugira mfashe abubakanye kuronka umwana, ariko cane cane kugira ndonke ikimbeshaho", niko Mery avuga

Ahavuye isanamu, Mery

Insiguro y'isanamu, "Ndabikora kugira mfashe abubakanye kuronka umwana, ariko cane cane kugira ndonke ikimbeshaho", niko Mery avuga

Urudandaza ruriko rutera imbere

Lucía Franco, umumenyeshamakuru wo muri Colombia ariko akora amatohoza kuri runo rudandaza rutabonwa kumwe, avuga ko yatangajwe n’ukungene yasanze vyoroshe cane kuronka abakota n’abani barondera ababakotera.

"Si nari bwigere niyumvira ko bishobora kuba vyoroshe ukuraho. Kubona igitigiri nk’iki c’amatangazo acishwa ku mbuga nka Facebook n’abagore ba ntahonikora, bakodesha ibitereko vyabo kubera ata yindi nzira bafise yo kubabeshaho, ni ibintu biteye ubwoba cane. Hanyuma kandi birazimbutse”.

Umugirwa wo gutwarira imbanyi uwundi urarekuriwe n’amategeko muri ico gihugu co muri Amerika y’Epfo, n’aho utagenzurwa, kandi ugasanga ukorwa mu buryo buteye kubiri n’amategeko.

Ubushikiranganji bwa Colombia bujejwe amagara y’abantu n’imibereho mvyiza buremera ko hari igihengeri mu mategeko, nk’uko biri mu nyishu yanditse bwahaye BBC igihe ibusaba kugira ico bushikirije.

Ibihugu bimwe bikoresha amategeko abuza ababana basangiye ibitsina gukoresha surrodacy

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ibihugu bimwe bikoresha amategeko abuza ababana basangiye ibitsina gukoresha surrodacy
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ububushikiranganji buvuga buti: "Reta iriko irategura itegeko ryo kugenzura umugirwa wo gutwarira imbanyi uwundi “.

Ubu bushikiranganji buremera ko ibijanye n’amafaranga hamwe n'imigirwa ijanye nawo bivana n’amavuriro ajejwe irondoka yo nyene ubwayo kubera habuze amabwirizwa ngenderwako.

Nk’akarorero, nta gitigiri kizwi cerekana abatwarira imbanyi abandi canke incuro bamaze kubikora.

Franco avuga ko kubona ata mabwirizwa ngenderwako ahari bishira mu bibazo nyina n'umwana – ibituma aba bakora uyu mugirwa bama bahohoterwa.

Avugana n’ikinyamakuru El Pais Santiago Valencia yahoze ari umushingamateka avuga ko abakora uwu mugirwa bakunze gufatwa nabi mbere bakugaranirwa mu mazu aba yakodeshejwe n’amashirahamwe abakoresha kugira ngo babagumizeko ijisho mu kiringo cose bazoba bibungenze.

BBC yaragereye amavuriro afise uruhara muri uno mugirwa ariko nta nyishu yaronse.

Mu gihe usanzwe ubujijwe i Bulaya, amavuriro n’ibigo biwukora muri Colombia bikunze gutumira abanyamahanga bipfuza gukodesha igitereko kandi mu buryo bworoshe.

Uburyo bushoboka

Hari inzira zibiri zo kwakira imbanyi y’uwundi muri Colombia. Umugore ashobora kutagiriranira isano ry’amaraso n’urusoro (embryon) – agahabwa gusa igi ry’umugore ryahuyjwe n’urubuto rw’umugabo – canke naho agatanga igi ryiwe rigahuzwa n'urubuto rw'umugabo hanyuma akarisubizwa ryamaze kuvamwo urusoro akibungenga gushika avyare.

Iyo umugore yatwaye inda y’uwundi avyaye muri Colombia, mu bisanzwe izina ryiwe ni ryo ryategerezwa kwandikwa ku rupaputo rw’amavuko.

Ariko igiturire cariraye. Abenshi baha igiturire amavuriro n’abaganga kugira ngo bandike amazina y’abavyeyi baguze uyo mwana. Izina rya nyina yamuvyaye ntirizokwigera ryandikwa ku rupapuro rw’amavuko, canke ngo ryandikwe ahantu na hamwe.

Bubajijwe kuri iki kibazo, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu n’imibereho buremera ko iki ari ikibazo gikomeye gihanze reta.

Abagore bamwe baca 12.000 $, mu gihe hari abandi baca makeya kushika kuri 4000$Abagore bamwe baca 12.000 $, mu gihe hari abandi baca makeya kushika kuri 4000$

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abagore bamwe baca 12.000 $, mu gihe hari abandi baca makeya kushika kuri 4000$

Eka na Mery na we nyene ariko ariga ingene azotanga igiturire ku bajejwe ubuvuzi. Bituma uyu mugirwa uzimbuka, unyaruka kandi n’abakeneye uyu mwana bakanyaruka kumuronka kuko badatekera guca mu nzira zizwi.

Kandi, nk’uko Meri abivuga, ni umugirwa urimwo akarusho.

Ivy’iyo abavyeyi bamuka ntibimuraba, ikimuraje ishinga ni uguha aya mahirwe abubakanye bipfuje kuronka umwana ariko bikanka.

Isoko rinini

Kuronka abakora uwu mugirwa si ibintu bigoye; umuntu aricagurira aciye mu mirwi yashinzwe ku rubuga rwa Facebook. Winjiye usanga hari benshi cane biyamamaza.

"Ndakodesha igitereko. Mfise imyaka 22. Nta bana mfise "

"Ndashaka gufasha umuryango wipfuza gushika ku ndoto yawo, mfise amagara meza kandi nta ngeso mbi mfise”.

"Abava muri Equateur mwipfuza gukota, munyandikire inbox ... cane cane nimba ushobora gushika muri Amerika".

Hariho bamwe bashira ku mbuga ngurukanabumenyi amasanamu y’abana babo kugira ngo berekane bimwe mu vyo abakeneye vyoranga abana bashobora kuba bipfuza kubona: “Umukobwa wanje afise amaso y’ubururu buciriritse. Hariho n’ayandi masanamu”.

Gukodesha igitereko kugira ngo ubeho

Uwu mugirwa si ukuvuga ko ukomeye gusa muri Colombia, canke muri Amerika yose. Uri kw’isi yose. Abarondera gukota ibitereko mu bihugu bitemera uwu mugirwa bahura n’inzitizi nyinshi – kandi no mu bihugu amategeko yemera uwu mugirwa, inzira bifata kugira ngo bene umwana bamutahukane iwabo zirashobora kutoroha.

Muri Colombia, biroroshe gusumba kubera amategeko ata nzitizi nyinshi ashiramwo kandi n’amazina ya ba nyene kugura umwana akenshi ashirwa ku mpapuro z’amavuka.

Hari abagore batwarira imbanyi abandi kugira ngo baronke iteka, ariko abandi nabo babikora kugira ngo bashobore kubaho

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Hari abagore batwarira imbanyi abandi kugira ngo baronke iteka, ariko abandi nabo babikora kugira ngo bashobore kubaho

Gutwarira imbanyi uwundi bishobora guha akarusho abagore bashaka gufasha abantu badashoboye kwivyarira bo nyene abana. Hari ababikora kugira ngo baronke iteka, batabikora kubw’amaronko.

Daniela wo muri Chili avuga ko akodesha igitereko ciwe “mu gufasha umuryango wipfuza kuronka iteka ryo kwitwa abavyeyi. Burya kuba nyina w’umwana ni iteka ridasanzwe, jewe nipfuza gufasha muri ibi”.

Hagati aho, muri Colombia hoho, Mery, co kimwe n’abandi bagore ibihumbi n’ibihumbi, akodesha igitereko ciwe kugira ngo arabe gusa ko yobaho.