Tanzania: CCM yagenye Perezida Samia kwitoza nk'umukuru w'igihugu mu 2025

Ahavuye isanamu, Chama Cha Mapinduzi @ccm_tanzania
- Umwanditsi, Na Humphrey Mgonja
Umugambwe uri ku butegetsi muri Tanzania, Chama cha Mapinduzi (CCM), waraye wemeje Perezida Samia Suluhu Hassan kugira ngo azowuserukire mu matora y'umukuru w'iki gihugu yitezwe muri uno mwaka.
Iki cemezo cafashwe mw'ikoraniro kaminuza rya CCM, urwego ntahinyuzwa rufata ingingo muri uno mugambwe ku ngingo zijanye no kugena uwuwuserukira mu matora y'umukuru w'igihugu. CCM yagenye kandi Hussein Mwinyi kwitoreza ikibanza c'umukuru w'igihugu ku ruhande rw'izinga rya Zanzibar.
Iyi ngingo ifashwe imbere y'igihe gusumba uko vyari bitegekanijwe, kandi mu nama itategekanya gufata ingingo nk'iyi ku rutonde rw'ivyari bitegekanijwe kwigwa. Iri koraniro ryategekanya kwiga ikibazo kimwe nyamukuru co kwemeza izina ry'icegera c'umukuru w'umugambwe, aho umunyaporitike w'inararibonye Stephen Wasira yemejwe gufata ico kibanza ku wa gatandatu.
Ejo ku wa Mungu, zimwe mu ntumwa zariko zitanga intererano zazo ku bijanye n'ugushirwa mu ngiro kw'itegeko ry'amatora rya CCM, zasavye iryo koraniro kwemeza Perezida Samia na Perezida Mwinyi ngo babe ari bo bazokwitoza kw'izina ryayo mu matora y'umukuru w'igihugu kubera ingene bahagarariye iterambere ry'igihugu.
Mw'ijambo yashikirije nk'umwe mu nararibonye z'uno mugambwe, Perezida Jakaya Kikwete yahoze arongoye iki gihugu yavuze ashimitse ko CCM ifise ububasha bwo kwihitiramwo uwuzoyiserukira igihe ico ari co cose.
Ati: "Ibi biri mu bubasha bwacu, gufata ingingo igihe ico ari co cose, nk'akarorero, bagenzi bacu (ba Swapo) muri Namibia bari mu matora yo kwemeza uwuzoyiserukira mu matora hagisigaye umwaka wose (imbere y'amatora). Ubu turashobora gufata ingingo.
"Ikintu nyamukuru ni uko iyo ngingo ifashwe, maze turonke impanuro z'amategeko kugira ngo zihure n'integuro y'umurwi w'igihugu ujejwe gutegura no guhagarikira amatora".
Ni bwo bwa mbere CCM igenye abazokwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu hakiri kare, mu ntango z'umwaka, kandi mw'ikoraniro ritategekanya kwiga iki kibazo. Mu bisanzwe, ingingo nk'izi zifatwa hasigaye amezi make kugira ngo imyiyamamazo y'amatora itangure.
Perezida Samia yagenye kandi umunyamabanga mukuru wa CCM, Emmanuel Nchimbi, kwitoreza hamwe na we nk'icegera ciwe muri ano matora.

Ahavuye isanamu, Chama Cha Mapinduzi @ccm_tanzania
Nchimbi ni umunyaporitike akomeye kandi amaze guhabwa ambanga atandukanye muri CCM no muri reta mu myaka 30 iheze. Yarabaye umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu ku butegetsi bwa Perezida Kikwete, akaba kandi yaranagenywe guserukira Tanzania ku ntwaro y'umuhisi John Pombe Magufuli aho yaserukiye Tanzania muri Brezili no mu Misiri.
Ku bwa Perezida Samia, icegera c'umukuru w'igihugu w'iki gihe Philip Mpango yaramusavye kuruhuka arabimwemerera, ari co gituma yahisemwo Nchimbi.
Mpango azobandanya arangura amabanga yiwe nk'icegera c'umukuru w'igihugu gushika habaye ano matora, co kimwe na Nchimbi na we nyene azobandanya n'amabanga yiwe mu mugambwe CCM.
Ikiringo ca nyuma ca Samia na Mwinyi

Ahavuye isanamu, CCM
Aba baperezida bompi, Samia na Mwinyi, bariko bararangiza ibiringo vyabo vya mbere vy'ubutegetsi muri uyu mwaka. Kandi nk'uko bimeze muri kahise k'uwo mugambwe, abasanzwe barongoye igihugu usanga atawubagora iyo bahisemwo kwitoreza ikiringo kigira kabiri.
Perezida Samia yashitse ku butegetsi muri Ntwarante (3) 2021 inyuma y'urupfu rwa Perezida John Pombe Magufuli. Yahawe aya mabanga nka samuragwa hisunzwe ibwirizwashingiro mu gihe yari asanzwe ari icegera c'umukuru w'igihugu.
Nk'uko bitegekanijwe mw'ibwirizwashingiro rya Tanzania, kubera amaze imyaka itatu ku butegetsi kuva Magufuli asandavye, bifatwa ko ari ikiringo cose gikwiye, akaba rero yemerewe kwitoreza ikindi kiringo kimwe gusa.
Ibwirizwashingiro rya Tanzania rigira riti: "Iyo icegera c'umukuru w'igihugu amaze ikiringo kiri musi y'imyaka itatu mu kibanza c'umukuru w'igihugu, nk'uko biri mu ngingo ya 37(5), ararekuriwe kwitoreza ikibanza c'umukuru w'igihugu incuro zibiri, ariko iyo amaze imyaka itatu canke irenga ari muri ico kibanza, yemerewe kwitoza nk'umukuru w'igihugu incuro imwe gusa".
Rero, ari nka hamwe yoramuka atsinze amatora y'umukuru w'igihugu ategekanijwe muri Gitugutu (10) uno mwaka, igihe ca Samia nk'umukuru w'igihugu kizorangira mu mwaka w'2030.
Ni ko bizogenda no muri Zanzibar kuri Prezida Mwinyi, yari yitoje kuba umukuru w'igihugu ku ncuro ya mbere mu 2020, amaze guhiganira ico kibanza mu matora y'ibanze muri uwo mugambwe.










