Tanzania: Samia Suluhu yemereye igisirikare ko leta igiye guhagurukira ikibazo c’impunzi

Jenerali Jacob John Mkunda

Ahavuye isanamu, Ikulu Tanzania

Insiguro y'isanamu, Jenerali Jacob John Mkunda arongoye igisirikare ca Tanzania asaba kwirukana impunzi zatswe uburenganzira bwo kwitwa impunzi be n'abimukira badafise vya ngombwa

Perezida Samia Suluhu Hassan wa Tanzania yemereyeye igisirikare ko reta yiwe igiye “kwiga ikibazo c’impunzi cane cane z’Abarundi n’iza Repubulika ya Demokarasi ya Congo” no kuraba ingene zosubizwa iwabo.

Mu birori vyo kwugurura inama igira indwi y’abarongoye igisirikare c’iki gihugu vyabaye ku wa mbere i Dar es Salaam, umukuru w’igisirikare yabwiye Perezida Samia Suluhu ko “ikibazo nyamukuru gihanze umutekano mu ntara zo mu burengero bwa Tanzania ari uko ako karere gahaye indaro impunzi n’abasaba ubuhungiro igihe kirekire”, mbere ko hari n’iziza zarahawe amabanga y’igihugu.

Ati: “Ku makuru ahari, ni uko benshi muri izo mpunzi canke abarondera ubuhungiro, cane imiryango yabo, bahawe akazi muri reta, mu nzego zitandukanye, mbere hari n’abari mu nzego zifata ingingo”.

Mw’ijambo ryiwe, Jenerali Jacob John Mkunda arongoye igisirikare ca Tanzania yibukije ko Tanzania imaze imyaka itari mike yakira impunzi ziva mu Burundi, muri Congo, no mu Rwanda, kuva mu 1972, aho yavuze ko ko no mu mwaka uheze abarenga 139.000 binjiye muri Tanzania.

Avuga ko abenshi mu bahunze mu mwaka uheze, bahunze ku mvo z’ubukene kuko “Tanzania ifise amahirwe menshi mu bijanye n’ubutunzi gusumba ibihugu baje bavamwo”.

Yasavye reta ko yokwiga ingene yosubiza iwabo impunzi ziva mu bihugu umutekano wagarutse.

Jenerali Mkunda asaba kandi reta “kwirukana impunzi zatswe uburenganzira bwo kwitwa impunzi, abimukira badafise vya ngombwa hamwe n’abasaba ubuhungiro babubuze”.

Perezida Samia Suluhu yemereye izi ntwazangabo ko agiye gufata mu minwe iki kibazo kubera ishirahamwe rijejwe impunzi kw’isi ryagabanije akariro mu gikorwa caryo co gutahukana izi mpunzi.

Ati: “Ukuri ni uko iri shirahamwe ubu nta nguvu rigifise, na wa muvuduko wo gutahukana impunzi bari bafise waragabanutse”.

Avuga ko bazobandanya n’ibiganiro vya poritike hagati ya Tanzania n’ibihugu bibanyi kugira ngo bige inzira ibereye yo gutakukana izi mpunzi.

Ati: “Iki kibazo turagifashe kandi tugiye kugihagurukira”.

Ibiharuro bitangwa n’ishirahamwe rijejwe impunzi kw’isi vyerekana ko gushika muri Ruheshi (6) 2023, Tanzania yari ihaye indaro impunzi n’abasaba ubuhungiro barenga 255.000, benshi bava mu Burundi, no muri DR Congo.

Impunzi z’Abarundi ziba mu makambi ya Kasulu na Kibondo mu ntara ya Kigoma zifise ubwoba ko reta ya Tanzania ishobora kuzirukana nk’uko vyagenze mu 2012, ariko ikavuga ko ata mugambi nk’uwo ifise, ko ahubwo izobandanya ibahimiriza guhunguka ku gushaka kwabo.