Burundi-Rwanda: Intumwa za Gitega kwumvisha impunzi gutaha, nazo ziti haracari inzitizi

Ahavuye isanamu, UHHCR
Intumwa za reta y'Uburundi zakoze urugendo rw'iminsi ibiri mu gihugu kibanyi c'Urwanda zijanye ubutumwa bwo kwumvisha abarundi bahungiye muri ico gihugu guhunguka.
General Andre Ndayambaje, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw'Uburundi bujejwe intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n'iterambere rusangi -yari arongoye izo ntumwa- avuga ko zari zigiye kuvugana n'ubutegetsi bw'Urwanda n'ishami rya ONU ryitaho impunzi HCR ingene izo mpunzi zotaha ku "bushake" bwazo.
Impunzi z'abarundi bashika 39.000 baracaba mw'ikambi y'impunzi ya Mahama mu Rwanda, ariko hariho n'ababa mu bisagara bitandukanye muri ico gihugu.
Ku wa mbere, izo ntumwa za Gitega zabonaniye ku murwa mukuru w'Urwanda, Kigali, n'abaserukira impunzi z'abarundi baba mu bisagara bitandukanye vy'ico gihugu.
"Ubutumwa [twari] dufise ni uko reta y'Uburundi yipfuza cane kubakura [abo barundi] mu buhungiro barimwo kubera ata mvo n'imwe, yaba iyerekeye umutekano, yaba ivyerekeye ibikorwa vy'ubutunzi ... vyobatuma baguma baba hanze" nk'uko vyamenyeshejwe na Andre Ndayambaje.
Benshi muri abo barundi bahunze mu 2015 mu ntureka zaranze imyiyerekano yo kwiyamiriza ingingo y'umuhisi prezida Pierre Nkurunziza yo kwitoreza ikiringo kigira gatatu co kurongora Uburundi.
'Tubasaba gukura inzitizi'
Patrice Ntadohoka aserukira impunzi z'abarundi ziba mu bisagara bitandukanye vy'Urwanda avuga ko ubutumwa bwa reta bwo guhunguka babwakiriye neza ariko avuga ko na bo hari ivyo basavye kugira gutahuka bigende neza.
Ati: "Twasanze hari ivyo tubarusha [kumenya]. Nk'ubu twasanze batazi ko hari abagenda [abahunguka] bakicwa, hari abagenda bagahunguka hanyuma bakagaruka bafashwe nabi hariya".
Ntadohoka avuga ko basavye intumwa za reta y'Uburundi ivyokorwa kugira impuzi zitahuke.
Muri bimwe bibabuza guhata bavuga ko harimwo amazu canke ama 'parcelles' yabo yafashwe, ama konti yugawe n'abasohorewe imitahe mpuzamakungu yo gufatwa ku ruhara bagirizwa mu vyaha vyakozwe mu gihe c'imyiyerekano.
Jean-Bosco Kwibishatse aserukira abarundi bo mw'ikambi ya Mahama mu Rwanda arabandaNya urwo rutonde avuga ko hari abantu bagitorwa ibiziga mu gihugu.
Avuga kandi ko hari abagipfunzwe ''ku bijanye no kwiyamiriza ikiringo ca gatatu kandi sentare [ya EAC} yavuze ko cari giteye kubiri n'amategeko''.
Ntadohoka avuga ko basavye ko "izo nzitizi zikurwa mu nzira" kugIra impunzi zitahuke.
Mu gihe muri iyo kambi ya Mahama hamaze gutahuka abarundi bashika 30.000, Kwibishatse avuga ko hadakenewe isekeza ryo kubumvisha gutaha.
Ati: "Umuntu ni we yiyumvamwo ko ashobora gutaha, n'abo batashe ntibarinze kubisigurirwa".
General Ndayambaje yari arongoye intumwa za reta y'Uburundi avuga ko zatanze inyishu y'"ivyo twashoboye kubahako inyishu...ibindi na vyo tuzobishikiriza".
Impunzi z'abarundi mu bihugu vy'akarere
Ku bw'ishami rya ONU riraba impunzi HCR, gushika mu kwezi kwa Munyonyo (11) uyu mwaka, impuzi z'abarundi ziri mu bihugu vy'akarere ziharurwa gutya:
- Rwanda: 48.449
- RD Congo: 41.836
- Kenya: 8.087
- Uganda: 40.311
- Tanzania: 126.132










