Ikibazo c’aba-Tanzania bahoze ari impunzi z’Abarundi ntitucibagiye-HCR

Ikambi y'impunzi
Insiguro y'isanamu, Benshi mu Barundi barenga 160.000 bahoze ari impunzi muri Tanzania bamaze imyaka irenga cumi baronse ubwenegihugu ariko baracaba mu makambi

Ishirahamwe rijejwe impunzi HCR riremera ko hakiri ibibazo kugira abarundi bahawe ubwenegihugu bwa Tanzania inyuma yo kuba impunzi muri ico gihugu babeho koko nk’abenegihugu buzuye.

Muri abo barundi bashika 162.156 hari abamaze imyaka irenga 14 barahawe ubwenegihugu bwa Tanzania.

Ariko bavuga ko gushika n’uyu munsi benshi bakibayeho nk’impunzi mu makambi ya Ulyankuru, Katumba na Mishamo.

Babibwiye BBC Gahuzamiryango mu kwezi kwa kane uyu mwaka igihe bahimbaza imyaka 50 yari iheze babayeho mu mahoro kuva bahunze mu 1972.

Mu nyishu ngufi yanditse icegera c’uwuserukira HCR muri Tanzania, George Kuchio, yahaye BBC Gahuzamiryango - yari yifuje kumenya ico iryo shami rya ONU ribivugako kuva ico gihe - avuga ati:

“Haracari ibibazo bituma hataboneka inyungu zose zijanye n’uguhabwa ubwenegihugu, nko ku bana bavutse igihe ama dosiye yari akiriko arigwa canke abungururije icemezo ca mbere co kwimwa ubwenegihugu”.

Kuchio abandanya avuga ko HRC idahengeshanya kuvugana n’abategetsi ba Tanzania kuri ico kibazo kandi ko kiri mu bibazo bashira imbere kugira gitore inyishu.

Kuba mu makambi kandi ari abenegihugu

Abo barundi bahoze ari impunzi bavuga ko batigeze baronswa uburyo bari baremerewe bwo kugura amatongo kugira bubake amazu bongere barangure imirimo ya minsi yose nk’abandi banye-Tanzania.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

N’ubutegetsi bw’igihugu nta matongo bwigeze bubemerera.

HCR ivuga ko muri kahise yarondeye ingene abo bantu bava mu makambi babamwo kugira baje kubana n’abandi banyagihugu ariko ko ico kibazo kikiriko kirigwa n’abategetsi ba Tanzania.

Abarundi barenga 160.000 bahawe ubwenegihugu muri Tanzania bari mu bari barahungiye muri ico gihugu mu 1972.

Ariko n’ubu ico gihugu kiracahaye indaro impunzi z’abarundi bagiye barahungirayo mu bihe bitandukanye Uburundi bwagiye buraja mu ndyane za poritike n’amoko.

Ubu muri Tanzania haharugwa abarundi b’impunzi barenga 127.000 hakurikijwe ibiharuro vya HCR.

Ushizeko abari mu bihugu bibanyi vya Repubrika y’intwaro rusangi ya Congo, Urwanda na Uganda, abarundi b’impunzi barenga 258.000.

Ahandi hari abarundi b’impunzi nk’uko vyerekanwa na HCR:

  • Kenya:16.000
  • Mozambique: 8.700
  • Malawi: 10.800
  • Africa y’Epfo: 9.900
  • Zambia: 8.100

Muri Tanzania hariho kandi abarundi barenga 42.000 b'impunzi ariko batagihabwa imfasho na HCR.

Abo bahoze ari impuzi z’abarundi ubu babaye abenegihugu ba Tanzania bavuga ko HCR yari yarabemereye imfashanyo yo gutangura ubuzima bushasha ariko ko gushika ubu atayo bararonswa.

Icegera c’uwuserukira HCR muri Tanzania, George Kuchio, avuga ati: “Hagize ubundi buryo buboneka, buvuye mu basanzwe bafasha, nta nkeka buzoza gufasha abo bantu kuduza urugero rwo kubaho neza.”