Kenya: Abarundi baba Kwale bandikisha ivyo batunze ku bagore babo

Bamwe mu bamuka ku barundi baba Kwale, Ruhuhuma 2022
Insiguro y'isanamu, Benshi muri abo barundi baba Kwale n'abana n'abazukuru b'abahashitse ubwa mbere mu myaka ya 1950

Abarundi barenga igihumbi baba Kwale mu bumanuko bwa Kenya bafise ingorane nyinshi zijanye no kutagira ibibaranga harimwo kunyagwa abana n'amatongo.

Ivyo batunze bavyandika ku bagore babo canke ku bana.

Nzarubara Yusufu yaranyazwe itongo ryiwe ata camira kandi kubera ata bimuranga afise ntiyashoboye kwitwara.

Agira ati: "Urabona hariya ku mwembe, ni ho itongo ryanje ryaca. Baraje gupima baca bavuga ngo aha bahareke kuko ni mu mazi.

"Bukeye kabiri nasanze bahanditse k'umunya-Kenya.

"Ndabandanya kuharima ariko ndazi ko atari iwanje ubu. Aho azoshakira azohanyirukana kuko ni we bahanditseko."

Na Ciza Schadrack na we nyene yarahuye n'ico kibazo. Ubu itongo ryiwe ryanditswe ku wundi muntu ariko abandanya kuririma.

Avuga ati: "Bikitse agahumbezi baraza barahapima bahaha umuntu w'umutunzi.

"Naragiye ku bategetsi kubivuga ariko kubera ntagira ibindanga, sindi bwitware. Nzomurindirira ngaha."

Ukwirinda kunyagwa itunga

Abo barundi bari bazananye n'abavyeyi babo baje gukora mu mirima y'igatane (ibiterwa bakuramwo ubugwegwe) mu myaka ya 1950. Nka bose bubakanye n'abagore b'abanya-Kenya.

Kugira ntibanyagwe ivyabo, bahitamwo kuvyandikisha ku bagore babo canke abana.

Nzarubara Yusufu agira ati: "Itongo ryanje ryanditse ku mugore.

"N'ikarata ya terefone mfise ni we yanditseko. Hagize uwundungikira amahera, ni we atangura kubimenya."

Avuga ko ivyo n'aho bifasha mu gucungera itunga ry'umuryango bifise n'inkurikizi mbi rimwe na rimwe.

Umwe mu bagabo b'abarundi w'imyaka 74 aba Kwale atashatse ko izina ryiwe rimenyekana avuga ati: "Abagore baratugaya cane kuko ibintu vyose bibanditseko. Abagabo b'abarundi bari ngaha Kwale twararongowe."

Ngo hari n'abanyagwa abana bakabahindurira amazina.

Abana ntibiga, n'abize ntibashika kure

Abana bamuka kuri abo barundi baba mu karere ka Kwale, barafise ingorane y'amashure.

Nta n'umwe ahonyora muri kaminuza kubera umwe mu bavyeyi atagira ikimuranga. Abinanase baheza amashure yisumbuye.

Hari n'abahitamwo kudaheza n'amashure y'intango kuko bafata ko boba bariko barata umwanya kuko batazoshobora kubandanya. Muri abo harimwo Ndayisenga Fidèle.

Agira ati: "Jewe nize gushika mu mwaka wa gatatu w'amashure y'intango nca ndaheba, kuko nabona umenga ndiko ndata umwanya kuko n'ubundi ata bavyeyi nari mfise, kandi n'aho nari kubagira nta vyangombwa bari bafise.

"Ico conyene cari gikwiye kugira sinzoshike kure."

Ikibazo c'ivyangombwa kirazwi muri reta

Ciza Schadrack aserukira imiryango y'abarundi baba mu karere ka Kwale, avuga ko ikibazo c'ibibaranga kigeze mu bushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu, avuga kandi ko bafise n'umuhango w'umukuru w'igihugu.

Ciza Schadrack aserukira abarundi baba Kwale muri Kenya, Ruhuhuma 2022
Insiguro y'isanamu, "Prezida yaraduhaye umubonano tuhava atwemereye ko tuzoronka ubwenegihugu" - Ciza Schadrack

Agira ati: "Ikibazo cacu na prezida Uhuru Kenyatta arakizi, kandi yaratwemereye kugitorera inyishu.

"Mu 2017 turi kumwe n'aba-Makonde (abantu bafise inkomoko muri Zimbabwe) twaragize imyiyerekano gushika ku mugwa mukuru i Nairobi.

"Prezida yaraduhaye umubonano tuhava atwemereye ko tuzoronka ubwenegihugu.

"Ariko bigaragara ko, kubera twashikirije ijambo twese hamwe, atamenye ko twari mu migwi itandukanye.

"Aba-Makonde baramaze kuronswa ubwenegihugu, natwe turacari mu muhango. Ariko ikibazo turazi ko yakimenye."