Burundi - US: John Nahimana yari kimyozi mw'ikambi y'impunzi ubu yigisha kumwa muri kaminuza

Ahavuye isanamu, JOHN NAHIMANA
- Umwanditsi, Cyriaque Muhawenayo
- Igikorwa, BBC Gahuzamiryango
John Nahimana yigisha muri za kaminuza zo muri Amerika icigwa co kumwa imishatsi, akaba yatanguriye kumwa mw'ikambi y'impunzi ya Kanemba muri Tanzania akoresha umukasi.
Nahimana avuga ko yatanguye kumwa ari nko gufyina ariko mu nyuma bitangura kumugirira akamaro.
Agira ati:"Nabitanguye nk'ugufyina ariko mu nyuma bikamfasha kugura amazutu yo kwigirako, mbere mu nyuma ndagura n'ikinga ryo kuja kw'ishure.
"Ico gihe nakoresha umukasi hamwe n'itondezi imwe ifise irasoro."
John Nahimana yavuye Tanzania, aca mu makambi y'impunzi mu bindi bihugu vyinshi nka Malawi, Mozambique, Zimbabwe na Afrika y'Epfo aho hose akora akazi ko kumwa.
Henshi yakorana n'abandi kiretse muri Afrika y'Epfo no muri Malawi yatinze akagira 'salon' yiwe.

Ahavuye isanamu, JOHN NAHIMANA
Agira ati:" Aho hose naguma nkora akazi ko kumwa, nkabifatanya no kwiga.
"Ngarutse muri Malawi mvuye muri Afrika y'Epfo, ni ho nagura imodoka ya mbere nkuye mu bukimyozi. Mu nyuma ngura n'iya kabiri. Kandi nabandanije kumwa sinigeze mpeba umwuga."
Igihe yaronka amahirwe yo kuja kuba muri Amerika, ntivyamworoheye guca abandanya akazi kiwe ko kumwa imishatsi.
Bamubwiye ko kugira agire 'salon' yiwe, ategerezwa kubanza kuvyigira.
Agira ati:"Bambwiye ko kugira mbandanye kumwa muri Amerika, ntegerezwa kugira urupapuro rw'umutsindo.

Ahavuye isanamu, JOHN NAHIMANA
"Kubera nari narahejeje amashure yisumbuye, naciye nja kwigira kumwa imishatsi muri kaminuza, aho namaze umwaka wose.
"Kubera nabaye uwa mbere mu ntara mbamwo ya Idaho, baciye bampa akazi ko kwigisha mu mashure yigisha kumwa ngaha. Ubu nja gufasha no mu yandi ma reta nka Arizona na Denver muri Colorado."
John Nahimana amaze kuronka ubushimwe bubiri kubera uyu mwuga wiwe.
Kamwe yakaronse nka kimyozi mwiza mu ntara ya Idaho abamwo mu 2020, akandi akaba aherutse kugatahukana muri kaminuza ya Phoenix mu ntara ya Arizona aho yigisha, itariki 5 z'ukwezi kwa kabiri uyu mwaka.

Ahavuye isanamu, JOHN NAHIMANA












