Urukundo rw’umurimo wa mwarimu, rwahesheje agateka Adele Gakeme

Ahavuye isanamu, Adele Gakeme
- Umwanditsi, Florentine Kwizera
- Igikorwa, BBC Gahuzamiryango
Ku myaka hafi 72, Adele Gakeme aracari ku kivi nk'umukorerabushake, mu ntumbero yo kugabaniriza urugendo abana biga kure y'aho baba, kw'ishure rishasha ryari ryabuze abigisha.
Agira ati: "Nabona abana baca kuri iryo shure baja kwiga ku birometero nka cumi, birambabaza, nsaba umuyobozi kuba ndatanguza umwaka wa mbere."
Ni kubera ubwo bwitange umupfasoni Adele yashimiwe ku mugaragaro nk'umwe mu bantu bateye iteka akanateza imbere isura y'igihugu mu ntara yiwe ya Gitega, umurwa mukuru wa politike w'u Burundi.
Umwuga wo kwigisha, yawutanguye akirangiza amashure, ahitamwo kutawuguza ayandi mahirwe yahamagarirwa y'akazi ko mu bushikiranganji bw'ikigega ca leta, kari no kumuhemba menshi gusumba ubwarimu.
Ariko muri uko guhitamwo, avuga ko yabifashijwemwo n'umuvyeyi wiwe, ati "ari najanywe i Bujumbura guhabwa akazi mu gisata c'amakori, data araza ansubiza mu rugo, ampanura gukomeza umurimo wa mwarimu nigiye".

Ahavuye isanamu, Rusaga school
Mu mwaka wa 1970, Adele Gakeme, yatanguye uwo mwuga w'ubwarimu, arangije mu mfura z'ishure nderabigisha ry'abakobwa ry'i Gitega ubu rizwi nka Lycee Sainte Therese.
Ni umwe rudende yahawe urupapuro rw'iteka mu 2018, nk'umwe mu baramuwe ubwa mbere n'iri shure kera ryari 'Ecole Normale des Filles' - ENF.
Gushika kuri urwo rugero rw'amashure rw'ico gihe ntivyari vyoroshe, cane cane ku bana b'abakobwa, kuko amashure yabo atari arwiriye cane.
Adele Gakeme, avuga ko nawe yarinda gufata urugendo rure rure, ajabuka uruzi, ahari ishure ry'abakobwa, ati "Waga rwahatswe kuntwara incuro indwi".

Ahavuye isanamu, A Gakeme
Gupfunyiriza abana urugendo, nivyo vyatumye aheba akaruhuko k'izabukuru yarimwo kuva mu 2016.
Ishure-shingiro rya Rusaga riri muri komine Ryansoro, ryubatswe n'ishirahamwe UNICEF mu 2016, kuko abanyagihugu bari bagumye bitura leta kuva mu 1987.
Ngo bari bifuje kera ishure rya hafi, kugira ngo abana babo bakire ingendo za kure no kujabuka inzuzi.
Kuva aho ishure rya Rusaga yatanguje rironkeye abigisha, Adela Gakeme afasha kandi mu gihe hari umwigisha yagize ingorane kuko ritarashobora kuronka abigisha b'abunganizi.
Ubwitange nka bene ubu bwa Adela Gakeme, nibwo bwatumye hashirwaho umunsi mpuzamakungu wahariwe mwarimu.
Ni umunsi uhimbazwa ku itariki zitanu z'ukwezi kw'icumi buri mwaka.
Muri uyu mwaka ihimbazwa ryawo rishingiye ku guha ikibanza ca mbere umwigisha mu rugamba rwo kunagura uburezi.

Ahavuye isanamu, Rusaga school
Uburezi bwahuye n'ibihe bikomeye isi isanzwemwo vy'ikiza ca coronavírus.
Amakungu yashatse gutera iteka abigisha bitanze uko bashoboye, ugutanga ubumenyi kugakomeza mu bihe bitoroshe nk'ibi.
Itangazo ryerekeye ihimbazwa ry'uwo munsi, amashirahamwe atandukanye arimwo amashami y'ishirahamwe mpuzamakungu UNESCO na UNICEF, rivuga ko uyu mwaka ari uwo guhimbaza ubwitange n'umwete w'abigisha.
Ngo ni n'uwo guhamagarira ama leta gushira inguvu mu kunagura ubumenyi bwabo n'ubushobozi, kugira ntihagire umwana asigara atabonye ubufasha akeneye mu ndero.
Inyuma y'umwaka n'igice urenga isi yugarijwe n'ikiza ca Covid-19, ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko gushika mu mpera z'ukwezi kw'icenda, ibihugu 124 kuri 204, arivyo vyari bimaze kwugurura amashure yose, 40 vyuguruye igice, nayo mu bihugu 14 amashure aracugaye yose.










