Burundi - Kenya: Abarundi ba Kwale baracibuka imico n'imigenzo y'igihugu cabo

Abarundi baba mu karere ka Kwale mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Kenya kuva mu myaka ya 50 baracibuka imico n'imigenzo imwe imwe yo mu Burundi ariko bagenda bibagira ikirundi.
Benshi baje ari abana bazananye n'abavyeyi babo bari baje gukora mu mirima y'igatane (igiterwa kivamwo ubugwegwe), ubu bamwe barenza imyaka 70 y'amavuko.
Umwe muri abo, Albert Gaparata, yamuka muri komine Mpinga-Kayove mu ntara ya Rutana.
Avuga ko yavuye mu Burundi mu 1959, afise imyaka umunani ari kumwe na sewabo ubu yamaze kwitaba Imana.
Gaparata avuga ko bacibuka imico n'imigenzo y'abarundi.
Agira ati: "N'aho tuba ngaha, turiyumvira iwacu. Ikintu kigiye kutunanira n'ikirundi."
Abo barundi baba Kwale bose hamwe n'abana babo ubu barenga 1.000.
Abashitse bavuye mu Burundi bari abagabo gusa, mu nyuma bubakana n'abanyakenyakazi.

Biragoye kumenya neza igitigiri c'abashitse bava mu Burundi kuko, uretse aho Kwale hari n'ababa mu tundi turere, hari n'abadashima kuvuga ko ari abarundi, hakaba n'abapfuye.
Ubu kandi abaje ari abana benshi barashaje.
Muri bo harimwo Gaparata na Kokoro bacibuka cane imico n'imigenzo vyo mu Burundi eka no kuvuga Ikirundi.
Muri Kwale, batunzwe n'ubuzi bwo gushakisha, ubuzi buciriritse, hamwe n'uburimyi.
Kuvuza ingoma
Uwo mutama aracibuka kuvuza ingoma n'aho haciye imyaka irenga 60 avuye mu Burundi.
Agira ati: "Kuvuza ingoma n'ibintu nabonye ndabishira mu mutwe.
"Nkiri umwana, naratoratora imikebe bataye mw'iyarara, nkashirako urushato canke igipande c'impuzu.
"Ngaca mvuzaaa...ari na co gituma ubona n'ubu nkivyibuka.
Albert Gaparata kandi avuga ko yakunda kuja kurorera ingoma ku misi mikuru, nk'igihe umwami Baudouin w'Ububiligi yagendera Uburundi.
Agira ati:"Ndibuka ahantu twagiye kuraba ibirori vy'ingoma, umwami w'Uburundi yitwa Mwambutsa ariko arakira umwami w'Ababiligi yitwa Baudouin."
Kubandwa, kuganura n'ibisokozo
Gaparata avuga ko yibuka ingene babandwa, abantu bagasaba Kiranga ico bipfuza.
Agira ati: "Nyokuru baramuraba ingwa, agahama... bagashiraho intango y'inzoga y'amasaka.
"Umuntu akaza nka kurya basaba Imana, ngo nshaka ibingana ubwoya bw'inka Kiranga kiri umweru."
Ibindi yibuka n'imigirwa yo kuganura, imigani n'ibisokozo.

Albert Gaparata na bagenziwe, ngo bababajwe n'uko abana babo, uretse ko badashobora kumenya n'iyo mico, ata n'umwe avuga ikirundi.
Agira ati:"Nta vyo bazomenya. Umwana afata ururimi rwa nyina.
"Nk'abana bakiri bato, bafise imyaka umunani, icumi...uwobajana i Burundi bakahamara nk'ukwezi nkeka boza bavuga ikirundi."











