EU - Burundi: Abatavuga rumwe na reta baribaza icahindutse gitumye ibihano bivanwaho

Ahavuye isanamu, NTARE HOUSE
Abatavuga rumwe na reta baribaza icahindutse kugira ivyo bihano bikurweho mu gihe amashirahamwe ata ho yegamiye muri politike avuga ko ari intambwe nziza ariko ko reta ikwiye gukomeza intwaro ibereye.
Kuri Facebook ya BBC Gahuza, bamwe bavuze ko iyi ari ingingo nziza yafatiwe Uburundi n'abarundi muri rusangi, abandi bo babona impamvu zatumye ivyo bihano bifatwa zikiriho.
Kuri Frederic Bamvuginyumvira arongoye CFOR - Arusha ngo ntiyumva igitumye ivyo bihano vya EU bikurwaho.
Agira ati: "Nimba babikuye, bari babishiriyeho iki? Hahindutse iki? Bisunze iki?
"Amatora aherutse yaribwe atacamira, agateka ka zina muntu kabandanya guhonyangwa. None iyo ni yo demokarasi?"
Uwo yahoze ari icegera c'umukuru w'igihugu avuga ko bigaragara ko ivyo bibaye kubera amasezerano ya Cotonou yahora ahuza ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya, EU n'Uburundi arangiye hakaba hagiye kuboneka ayandi ayasubirira.
Bamvuginyumvira avuga ko ivyatumye ivyo bihano bifatwa bikihari ariko ko EU isa n'iyanse guhebera akarere ibindi bihugu nka Reta zunze bumwe za Ameka na co kimaze guhanagura ivyo bihano ku Burundi, Ubushinwa hamwe n'Uburusiya.
Amashirahamwe ata ho yegamiye muri politike avuga iki?
Ishirahamwe OLUCOME ryishinze kurwanya igiturire rivuga ko ikurwa ry'ivyo bihano rijanye n'irangira ry'ikiringo c'amasezerano ya Cotonou.
Gabriel Rufyiri arirongoye avuga ko mu masezerano mashasha ya EU n'Uburundi harimwo ukwubahiriza intwaro ibereye, gutahukana impunzi, kworohereza abazana imitahe hamwe no kwubahiriza agateka ka zina muntu.
Asaba abategetsi kuhagabira bagakora ku buryo ivyo biyemeje bija mu ngiro.
Rupfiri ati: "Mu masezerano mashasha agenga EU n'ibihugu vya ACP (Afrique, Caraibe na Pacifique) havugwa ko uhonyanze itegeko rimwe, bafata ko wonoye amasezerano yose."
Na yo muri Parcem, ishirahamwe ryishinze gutsimbataza intwaro ibereye no guhindura ingendo bavuga ko kuba ivyo bihano bikuweho ari ikintu ciza ku banyagihugu.
Faustin Ndikumana ariyongoye yibutsa ko EU ari yo ya mbere yatanga imfashanyo nyinshi mu Burundi imbere y'uko hajaho ivyo bihano.
Ubu rero ko bikuweho, ngo imfashanyo igiye kuboneka izosahiriza ubutunzi butari bwifashe neza.
Mu 2010, ibanki nyafrika BAD yari yasohoye icegeranyo ko Uburundi bwari bukeneye imiriyaridi zababa 6 z'amadolari zo gukoresha mu nyubako za nkenerwa (Infrastructure).
Atera akamo abategetsi "kwubahiriza intwaro ibereye, kugwanya igiturire no kwubahiriza agateka ka zina muntu".
N'aho ivyo bihano bijanye n'imbogamizi mu vy'ubutunzi ku Burundi bihagaritswe, haracasigaye ivyafatiwe abantu ku giti cabo.
Imbere y'uko EU ifatira ibihano u Burundi, yaraterera amafaranga ashika hafi 50% y'amafaranga leta y'u Burundi ikoresha mu nteguro yayo, guhagarika iyo mfashanyo vyatumye leta ica ibwirizwa kuduza amakoli hamwe no kwikora ku bindi bihugu nk'Ubushinwa.
Vyatumye kandi ubutunzi bw'u Burundi buhungabana, ifaranga naryo riratakaza agaciro kubera ubukene bw'amafaranga y'amadevize mu gihugu.










