Burundi-Kigamba: Abagirizwa kwica umunyamwema Igiraneza Abdoul bafashwe

Urabagaba, iyi nkuru irashobora guhungabanya bamwe!
Umuntu umwe yagirizwa kwica umwana w'umunyamwema w'imyaka ine hamwe n'abamotari batatu bahagaritswe muri komine Kigamba mu ntara ya Cankuzo mu buseruko bw'Uburundi.
Igiraneza Adoul yatwawe n'abantu bataramenyekana ku musi wa gatandatu itariki 29 z'ukwezi kwa mbere 2022 mw'ijoro, bamusanze ari kumwe n'abandi bana aho bariko barakina muri zone Kinama, karitiye Muramvya mu gisagara ca Bujumbura.
Uwukekwa ko ari we yari atwaye iyo taxi yirutse arabasiga, n'ubu akaba akironderwa.
Nyina wiwe, Kwizera Marie Godeberte yabwiye BBC ati: "Haje taxi ishiramwo abana bose ngo ibahe umunyenga. Hageze ko bururuka, Igiraneza Abdoul ntiyavamwo.
"Aho hari nk'isaha imwe n'igice y'ijoro. Abandi bana ntibashotse babivuga. Twabandanije kumurondera, nk'isaha zine z'ijoro ni ho batubwira ko yatwawe na Taxi.
"Twaciye dutangura gutangiriza ku mbuga hwaniro."
Kuri uyu wa mbere mu gitondo ni ho hatangura kwumvikana amajwi avuga ko abatwaye uwo mwana bafatiwe muri komine Kigamba iri mu ntara ya Cankuzo, aho bariko baramubaga bamukuramwo amagufa.
Ibisigarira vy'uwo mwana ngo vyabonywe n'umwana yariko araragira aca aratabaza.
Kwizera Marie Godeberte, umuvyeyi w'uwo mwana avuga ko yamaze kumenya ko ari umwana wiwe, ko ariko ararondera uburyo bwo gushika muri komine Kigamba gutora ibisigarira vyiwe kugira babishingurane iteka.
Uwo mugore w'imyaka 28, afise abana babiri, umugabo wiwe bakaba baravanye ahanini ngo bapfuye uwo Igiraneza Abdoul.
Agira ati: "Mu vyo twapfuye n'uwo mwana w'umwema yarimwo, kuko yaguma ambarira ko ntazi iyo namukuye, kuko iwabo ata bema bavyara."
Umuvugizi w'ishirahamwe riharanira agateka k'abanyamwema, Albinos Sans Frontiere, Nahumuremyi Schadrak, yavuze ko bariko bararaba ingene bojana n'uwo muvyeyi i Kigamba kuzana ikiziga.
Muri Albinos Sans Frontiere bavuga ko ibihimba vy'umubiri vya banyamwema babikoresha mu bupfumu aho ngo baca batunga.
Kugeza ubu, iryo shirahamwe rivuga ko abanyamwema bamaze kwicwa mu Burundi ari 28.






