Ihohotera, ifatwa nabi nk'ikumirwa rya ba nyamwema vyabaye nk'akaranda mw'isi

Umwana wa Languida afise amezi itatu
Insiguro y'isanamu, Hano, umwana wa Languida afise amezi itatu, yavukanye iyo ndwara

Mu Burundi, baranenwa kuva bakivuka; imiryango yabo igakumirwa, amagara yabo akabangamirwa.

Languida avuga ko akivyara, waba umuryango, baba ababanyi batamufashe nk'umuvyeyi yibarutse ikibondo nk'abandi.

Yabona n'abaje, batinya guterura umwana, bakavuga ngo yavyaye igisigo. Hari n'abarenza bakavuga ko ari umukoshi mu muryango.

ONU yashinze itariki ya 13 z'ukwa gatandatu nk'umunsi wo kwigisha ivy'iyi ndwara.

Iyindi ntumbero n'uko abantu n'ama leta, batahura ko ba nyamwema ari abantu nk'abandi, kandi babwirizwa gukingirwa.

Indwara ya "Albinisme"

Uyu mupfasoni Languida avuga ko mu mezi abiri ya mbere, akana kiwe kaguma gafise ibihere vyinshi ku rukoba, kubera ubukene bw'amavuta basiga ku rukoba kugira arukingire.

Ubu ariruhutsa kubera hari umugiraneza yamuhaye utuvuta aja aramusiga. None umwana asigaye asa neza.

Nkako, ONU yibutsa ko 'Albinisme' ari indwara iva k'ukubura utunyengingo ndangakamere mu mubiri -melanine, mu gifaransa-.

Iyi ndwara nt'imenyerewe, nk'uko ishirahamwe mpuza makungu rivyemeza.

Si indwara yandukira canke umuntu avukana kubera ubwoko canke akarere aba mwo.

Umurwayi arabangamirwa ku mubiri wiwe cane cane iyo hatse uruzuba
Insiguro y'isanamu, Umurwayi arabangamirwa ku mubiri wiwe cane cane iyo hatse uruzuba

Ingene iyi ndwara ifatwa mu Burundi

Kazungu Kassim, arongoye ishirahamwe ritagira imbibe z'abanyamwema, avugako intambamyi nyamukuru ari ubukene bw'imiti n'ibikoresho vyagenewe kubakingira.

Kassim asanzwe afise iyo ndwara, mu kurwanira agateka k'abo ba nyamwema, anemeza ko ata n'abaganga igihugu gifise, banonosoye ingwara y'abanyamwema.

Kassim yibutsa ko kuva mu 2008, hamaze gushengera abanyamwema barenga 15 kubera iyo ndwara yo ku rukoba.

Mu Burundi abanyamwema bababa 1500.

Muri bo abarenga 300 bari ku ntebe y'ishure.

Hagati y'imyaka ya 2008 n'2012, hari akaranda kateye mu Burundi kava muri Tanzania: abana ba nyamwema baranyurujwe, baricwa.

Ivyo vyava kubintazi vy'uko ibice bimwe bimwe vyabo bifasha gutunga, canke ibindi bisa nk'ivyo.