Tanzania: Uwurongoye urwaruka mu batavuga rumwe n'ubutegetsi yatowe aho yatawe inyuma yo kunyuruzwa

Abdul Nondo yari yanyururijwe i Dar es Salaam aho yari ashitse avuye mu burengero bw'igihugu aho yari amaze imisi mu myiyamamazo

Ahavuye isanamu, ACT Wazalendo

Insiguro y'isanamu, Abdul Nondo yari yanyururijwe i Dar es Salaam aho yari ashitse avuye mu burengero bw'igihugu aho yari amaze imisi mu myiyamamazo
    • Umwanditsi, Alfred Lasteck
    • Igikorwa, BBC News, Dar es Salaam

Umukuru w'urwaruka rw'umugambwe utavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi muri Tanzania, Abdul Nondo, yatowe aho yatawe ku nkengera z'ibahari, inyuma y'amasaha atari make bitangajwe ko yari yanyurujwe mu gisagara ca Dar es Salaam.

Umugambwe wiwe, ACT Wazalendo, uvuga ko Nondo yakubiswe cane akanakomeretswa, ubu akaba ariko aravurirwa mu bitaro.

Icegera c'umukuru w'uno mugambwe, Isihaka Mchinjita, avuga ko Nondo amaze kunyuruzwa, yambitswe igitambara mu maso agakubagurwa cane kandi aterwa ubwoba ko yari kugandagurwa.

Igipolisi casohoye itangazo kuri uno wa mbere, aho cemeza ivyabaye ahitwa Coco Beach ku nkengera y'ibahari mu masaha yitereye y'ejo ku wa Mungu, kikavuga ko kiriko kirakora amahotoza.

Kivuga ko abari bamunyuruje bamutaye ku nkengera y'ibahari, aho yahavuye yitabaza umutaxi-moto kugira ngo amushikane ku biro vy'uno mugambwe.

Mu gatondo ko kuri uno wa mbere, umuvugizi w'igipolisi David Misime yavuze ati: “Aho ni ho abarongoye uno mugambwe bamukuye baca bamusimbana kwa muganga kugira avurwe. Turiko turakora amatohoza kandi tuzofata ingingo ibereye".

Mu kiganiro yatanze isaha umunani z'ijoro mu masaha ya Dar es Salaam avuye kumuraba mu bitaro, Mchinjita yari yamenyesheje ko Nondo yakubiswe "umwanya muremure" imbere y'uko abari bamunyuruje bamuta ku nkengera z'ibahari babanje "kumwambura igitambara bari bamupfukishije mu maso, hamwe n'ampingu".

Yongerako ati: “Nondo avuga ko abari bamunyuruje bamuteye ubwoba ko bari kumwica, bongera bamugabisha ko ni basubira kumufata, bazoca bamwica".

Ntibizwi igituma yanyurujwe.

Umugambwe ACT Wazalendo uvuga ko Nondo yafashwe haciye iminota mikeya avuye mu karere k'uburengero bw'igihugu, aho yari amaze imisi ari mu myiyamamazo y'abitoza ku giti c'uwo mugambwe mu matora y 'inzego zo hasi mu ndwi iheze.

Yakuwe aho yari ari ku gituro c'imodoka zunguruza abantu i Dar es Salaam mu gatondo k'ejo ku wa Mungu n'abantu babiri bari mu modoka yera.

Igipolisi kivuga ko ubu kiriko kirakora amatohoza kugira ngo kimenye abari bamunyuruje n'imvo zabibatumye.

Ibi bibaye inyuma y'aho mu kw'icenda umutegetsi wo hejuru w'umugambwe mukuru utavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi anyururijwe akagandagurwa.

Ico gihe, Ali Mohamed Kibao wa Chadema yakuwe muri bisi (bus), arakubitwa hanyuma bamusukako aside (acide). Perezida Samia Suluhu Hassan yariyamirije iryo bara aca asaba ko hakorwa amatohoza kuri ubu bwicanyi.