Tanzania: Icegeranyo ca HRW kirashikuza – niko reta ivuga

Samia Suluhu yashitse ku butegetsi ku wa 19/3/2021 asubiriye John Pombe Magufuli

Ahavuye isanamu, IKULU TANZANIA

Insiguro y'isanamu, Samia Suluhu yashitse ku butegetsi ku wa 19/3/2021 asubiriye John Pombe Magufuli

Reta ya Tanzania yamirira kure ibiri mu cegeranyo c’ishirahamwe Human Rights Watch riharanira agateka ka zina muntu, aho ryagiriza abategetsi b’iki gihugu gukomeza ingendo yo kutihanganiranira, imbere y’amatora y’inzego zo hasi yimirije.

Human Rights Watch (HRW) ivuga ko kuva muri Ruheshi (6) abategetsi b’iki gihugu bamaze gupfunga abaharurwa mu majana batavuga rumwe n’ubutegetsi, bakimana uburenganzira bwo gukoresha imbuga hwaniro, bagahagarika ibinyamakuru vyigenga, kandi ko bagize uruhara mw’inyuruzwa n’ubwicanyi ndengerabutungane bw’abantu nibura umunani banegura reta.

HRW isaba reta gufata ingingo idatevye zotuma ibintu bihinduka mu “bijanye n’agateka ka zina muntu kagenda kaba nabi” imbere y’ano matora ategekanijwe ku wa 27 Munyonyo.

Palamagamba Kabudi, umushikiranganji w’ubutungane wa Tanzania, avuga ko reta yiyemeje guhagararira uburenganzira bwa kiremwamuntu, agahakana ko habaye ukudebukirwa mu gukingira ubu burenganzira.

Kabudi ashimangira kandi ko reta iriko ikora uko ishoboye kwose kugira ngo ano matora y’inzego zo hasi ategekanijwe mu kwezi kuza azobe mu muco kandi mu bwisanzure.

Oryem Nyeko, umushakashatsi mukuru mw’ishirahamwe Human Rights Watch agira ati: “Abategetsi bagaragaza ukutihanganiranira kugenda kwiyongera mu bijanye n’uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro mu guhiga buhongo abayinegura n’abatavuga rumwe nayo…

“Muri iki gihe gikomeye, abategetsi bategerezwa gufata ingingo zihutirwa zo kwubahiriza uburenganzira bwa muntu kandi bagakora uko bashoboye kugira ngo amatora yimirije azobe mu muco no mu bwisanzure”.

Avuga kandi ko Perezida Samia Suluhu yategerezwa gukora ibishoboka vyose hagakorwa amatohoza vuba bwango kandi ataho yegamiye ku bakeba biwe babuzwe irengero, kandi agahagarika itotezwa ry’abatavuga rumwe na we n’ibinyamakuru vyigenga.

Reta y’iki gihugu iriyamiriza ibiri muri iki cegeranyo ca HRW ikavuga ko ari ugushikuza kandi ko ibirimwo biterekana ukuri kurangwa mu gihugu.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Bimwe mu biri muri iki cegeranyo ca HRW harimwo inyuruzwa rya Edgar Mwakabela, yakunda kuvugira ku rubuga hwaniro ruzwi nka Sativa, i Dar es Salaam, hamwe n’igandagurwa ry’umunyaporitike atavuga rumwe n’ubutegetsi Mohamed Ali Kibao.

Iki cegeranyo kiravuga kandi ihagarikwa ry’ikinyamakuru gikorera ku rubuga ngurukanabumenyi Mwananchi Communications Ltd, inyuma yo gushushanya Perezida Suluhu Hassan ariko araba amakuru ajanye n’iri nyuruzwa.

Kuva ashitse ku butegetsi asubiriye John Magufuli muri Ntwarante (3) 2021, Perezida Suluhu yashitse afata ingingo zimwe zimwe zo gukuraho impungenge ku bijanye n’uburenganzira bwa muntu ku batavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe n’ibinyamakuru.

Abaharanira uburenganzira bwa muntu n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bagiriza Perezida Samia ko ariko yisubirako ku vyo yiyemeje vyo kworohereza ibikorwa vya poritike.

Tanzania itegura amatora y’inzego zo hasi muri Munyonyo, azokurikirwa n’amatora rusangi muri Gitugutu (10) 2025, aho abanyagihugu bazotora umukuru w’igihugu, abashingamateka hamwe n’abajenama mpanuzwajambo.