Uburusiya buhanzwe no gusubiza inyuma igitero ca Ukraine imbere mu gihugu

Ahavuye isanamu, IZ.RU/Reuters
- Umwanditsi, Jaroslav Lukiv
- Igikorwa, BBC News
Uburusiya buvuga ko buriko burabandanya gusubiza inyuma igitero ca Ukraine imbere mu ntara ya Kursk mu burengero bw'Uburusiya - igitero cabaye giturumbuka ubu kigeze ku munsi ugira kane.
Ubushikiranganji bw'Uburusiya bujejwe kwivuna abansi buvuga ko Ukraine imaze gutakaza abasirikare 280 mu masaha 24 aheze - ariko ivyo ntibirashobora guhinyuzwa mu buryo bwigenga.
Amakuru avuga ko ingabo za Ukraine ziriko zirakorera ku 10km imbere mu Burusiya - niho ha mbere kure bashitse bajabutse urubibe kuva Uburusiya bugavye igitero ku gihugu cosemu 2022.
Abantu ibihumbi biboneka ko bahungishijwe muri iyo ntara ya Kursk bitumwe n'ico gitero ca Ukraine.

Ahavuye isanamu, Reuters

Ahavuye isanamu, Reuters
Amasanamu - yatanzwe n'abategetsi b'Uburusiya - aboneka yerekana abakozi b'ubushikiranganji bw'Uburusiya bujejwe ibihe vyihutirwa bariko barafasha ababa muri iyo ntara mu gikorwa co guhunga.
Ukraine ntiremanga ku mugaragaro ico gitero, ariko perezida Volodymyr Zelensky yavuze ku wa kane ko Uburusiya butegerezwa ''kwumva'' ingaruka z'igitero cabwo.
Kursk iherereye he?

Ukwaco, igisirikare ca Ukraine cavuze ko mw'ijoro cagemye ikibuga c'indege ca gisirikare imbere mu Burusiya, gisambura amabombe agenda ziratumberezwa yari mu bubiko.
Mw'itangazo, igisirikare ca Ukraine cavuze ko inyuma y'ico gitero co mw'ijoro hadutse umuriro mwinshi hanaturika ibintu vyinshi ku kibuga c'indege ca Lipetsk , ku birometero birenga 350 uvuye ku rubibe rwa Ukraine.
Iryo tangazo rivuga ko ico kibuga c'indege cari kizwi kuba kibitse indege za gisirikare z'Uburusiya zo mu bwoko bwa Su-34, Su-35 na MiG-31, ariko nta makuru arenga aho ryatanze kuri ico gitero.
Abategetsi b'intara ya Lipetsk bavuze ko ubu hashinzwe amategeko y'ibihe bidasanzwe muri ako karere, bemeza ko hari ivyaturitse ku ''kibanza c'ibikorwa-remezo vy'amasoko ntanganguvu''. Ababa mu bigwati bine bihegereye bariko barahungishwa.
Mw'itangazo ku wa kabiri, ubushikiranganji bw'Uburusiya bujejwe kwivunma abansi bwavuze ko ingabo zabwo zariko zirasubiza inyuma ''ukugerageza kw'ingabo za Ukraine kwo gutera ubutaka bw'igihugu c'Uburusiya''.
Bwavuze ko Uburusiya bwariko burakoresha indege n'ibisasu bikomakomeye, bushobora ''kuburizamwo ukugerageza gutera kw'ingabo z'umwansi''.
Ku wa kabiri, ''ibihe bidasanzwe'' vyarashinzwe n'igihugu mu ntara ya Kursk, ingingo igaragaza ingene ibintu bikomeye cane.
Uburusiya bwavuze ko abasirikare bashika 1.000 ba Ukraine baherekejwe n'ibiduga vy'intambara, binjiye mu ntara ya Kursk mu gitondo co ku wa kabiri.
''Uburusiya bwazanye intambara mu gihugu cacu none butegerezwa kwumva ivyo bwakoze,'' niko perezida Zelensky yavuze mu butumwa bwa video ku wa kane.
''Abanya-Ukraine barazi ingene bashika ko ntego yabo, kandi si twebwe twahisemwo gushika ku ntego zacu mu ntambara,'' niko yongeyeko.










