Steve Rosenberg: Igitero ca Ukraine cerekana ko intambara y'Uburusiya itariko iragenda uko bwabishaka

Vladimir Putin mu nama n’urwego rujejwe umutekano

Ahavuye isanamu, Kremlin Handout

Insiguro y'isanamu, Perezida Putin yise igitero c'Uburusiya ku gihugu cose ca Ukraine "igikorwa ca gisirikare kidasanzwe"
    • Umwanditsi, Steve Rosenberg
    • Igikorwa, Umwanditsi mukuru wa BBC ku Burusiya

Igitero c'Uburusiya ku gihugu cose ca Ukraine ubutegetsi bw'Uburusiya bwari bwaciyumviriye nk'igikorwa ca gisirikare kizoba kigufi kandi c'ubugi bukarishe.

Vyari vyitezwe ko kimara iminsi mike, gitevye kikamara amayinga make, kugira Uburusiya bube busigaye bugenzura umubanyi wabwo.

Aho haraheze hafi imyaka ibiri n'igice.

None n'ubu intambara muri Ukraine iracabica bigacika. Nta na gato yagenze uko Uburusiya bwari bwavyiyumviriye.

Ariko ng'uko uko bimeze. Muri aya mezi 29 aheze, kenshi twarumvise abategetsi bakuru b'Uburusiya bavuga ko igikorwa kiriko kiragenda "uko categuwe".

Perezida Vladimir Putin aho aheruka kubivuga ni mu kwezi kwa gatanu, arenze ku vyari vyabaye vyose mu myaka ibiri yari iheze: Abarusiya benshi bagwa canke bakomerekera ku rugamba, isamburwa ry'ubwato bwinshi bw'intambara bw'Uburusiya mu Kiyaga Cirabura, ibitero vya drone imbere mu Burusiya (harimwo no ku biro nyezina vy'umukuru w'igihugu (Kremlin), gusukira ibisasu ku bisagara n'ibigwati vy'Uburusiya hafi y'urubibe bihana na Ukraine, ukugumuka kw'ingabo z'abacangero z'umugwi Wagner bagiye bagana umurwa mukuru Moscou.

Ubu hari gishasha ciyongeye kuri urwo rutonde: igitero co muri iyi ndwi Ukraine yagavye hakurya y'urubibe mu ntara y'Uburusiya ya Kursk.

Ubwa mbere, tubanze tubivuge hakiri kare: Biragoye kumenya neza na neza ibiriko biraba ubu mu karere ka Sudzha mu ntara ya Kursk. Ntibizwi ingabo za Ukraine ziriyo ingene zingana, aho zigaruriye ingene hangana n'ico impera n'imperuka zoba zigamije gushikako.

Ikinyamakuru co mu Burusiya Nezavisimaya Gazeta ku wa kane canditse kiti: "Ibintu ku rwasiro rwa Kursk bitwikiriwe n'igipfungu c'intambara cabaye akaramanda."

Ariko no mu gipfungu (mu gihu canke mu rujijo mu Kinyarwanda), hari ibintu bimwe bimwe biboneka neza.

Biragaragara ko ibiriko biraba mu ntara ya Kursk ari kindi kimenyetso ko intambra y'Uburusiya itagenze "nk'uko vyari bitegekanijwe". Ibintu bisa n'ivyashikiye giturumbuka abategetsi b'igisirikare na poritike mu Busuriya.

Ntiwitege ko reta y'Uburusiya izohava ivyemera.

Ahubwo ibishobora kuba ni uko ubutegetsi bw'Uburusiya buzohava bukoresha ico gitero ca Ukraine mu gushwabadurira (canke gukururira mu Kinyarwanda) abanyagihugu kuri reta, bongere bashimangire imvugo basanzwe bakoresha ko (ica mbere) muri iyi ntambara Uburusiya atari bwo bwateye, kandi ko (ikigira kabiri) Uburusiya ari igihugu gikikujwe n'abansi bariko baraja inama yo kugitera ngo bagisambure.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ukuri ni uko Uburusiya ari bwo bwagavye igitero ku gihugu cose ca Ukraine.

Hari ubudasa bunini mu majambo akoreshwa. Igihe Uburusiya bwagomora ingabo zabwo zikajabuka urubibe zikinjira muri Ukraine mu kwezi kwa kabiri mu 2022, reta y'Uburusiya yavyise "igikorwa ca gisirikare kidasanzwe", buvuga ko Uburusiya bwariko "burabohoza" ibisagara n'ibigwati.

Uburusiya buvuga ko ingabo za Ukraine ziriko zirasunika zinjira muri ico gihugu ari "igitero c'iterabwoba" n'"agasomborotso".

Ico gitero c'ingabo za Ukraine mu ntara ya Kursk n'intambara ikomeye aho hantu, ni ikimenyetso c'uko amahano y'intambara ubu yegereye i muhira kurusha. Ariko ivyo bizotuma abanyagihugu [b'Uburusiya] bahindura ingene babona intambara?

Ntibitegerezwa guca bigenda uko.

Mu mwaka uheze naragiye i Belgorod, intara y'Uburusiya, co kimwe na Kursk, ihana urubibe na Ukraine. Ico gihe yariko irasukirwako ibisasu biva hakurya y'urubibe. Umuntu wese twahura twavugana yambwira ko ata kintu nk'ico cari bwigere kiba imbere y'uko haba igitero c'Uburusiya ku gihugu cose ca Ukraine: imbere y'ukwezi kwa kabiri mu 2022 yari amahoro gusa n'ituze mu ntara ya Belgorod.

Ariko haguca bumva ko "igikorwa kidasanzwe ca gisirikare" cabaye ikosa, benshi mu bantu twavuganye bahamagarira Uburusiya gukomeza igikorwa ca gisirikare ingabo zikarushiriza kwinjira imbere muri Ukraine.

Uwahoze ari umukuru w'igihugu c'Uburusiya Dmitry Medvedev nta kindi asaba ko coba atari ivyo. Mu butumwa ku mbuga hwaniro yanditse ati:

"Turashobora kandi dukwiye gufata utundi turere twa Ukraine tugisigaye. [Dutegerezwa kuja] Odesa, i Kharkiv, i Dnipro, i Mykolaiv. I Kyiv [umurwa mukuru] no kubandanya."

Ariko Dmitry Medvedev si we atanga amategeko. Putin ni co ajejwe. Turindiriye kuraba ico azokora kuri ibi vyabaye ibihe bidasanzwe muri iyi minsi mike iheze mu bumanuko bw'Uburusiya.