Hatangajwe amategeko y’ibihe bidasanzwe inyuma y’igitero ca Ukraine mu Burusiya

Inyubakwa yabomowe inyuma y'ico abategetsi b'Uburusiya bavuga ko ari igitero c'igisirikare ca Ukraine ku gisagara ca Sudzha

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Inyubakwa yabomowe inyuma y'ico abategetsi b'Uburusiya bavuga ko ari igitero c'igisirikare ca Ukraine ku gisagara ca Sudzha
    • Umwanditsi, James Waterhouse
    • Igikorwa, BBC News, Kyiv
    • Umwanditsi, Laura Gozzi
    • Igikorwa, BBC News

Amategeko y’ibihe bidasanzwe yatangajwe mu ntara ya Kursk mu Burusiya, kubera igitero Ukraine iherutse gukora cabandanije n’ejo ku wa gatatu.

Buramatari mfatakibanza w’iyo ntara, Alexei Smirnov, avuga ko iyi ngingo ari nkenerwa "mu ntumbero yo kwirinda inkurikizi z’ingabo z’umwansi zinjiye muri ino ntara".

Abategetsi b’Uburusiya bavuga ko abasivire nibura batanu bishwe abandi 31 barakomereka, batandatu muri bo bakaba ari abana, kuva Ukraine itanguye iki gitero.

Ukraine ntaco irashikiriza ku mugaragaro kandi n’aho izi ngabo zayo zashitse ntihazwi neza.

Mu gatondo ko ku wa kabiri, abasirikare bashika 1000, baherekejwe n’ibimodoka 11 vy’intambara bitamenwa n’amasasu asanzwe n’izindi modoka za gisirikare zirenga 20, barinjiye mu Burusiya, hafi y’igisagara ca Sudzha, nk’uko bivugwa na reta y’Uburusiya.

Haravugwa intambara zabaye mu bigwati bitari bike ku wa kabiri, abategetsi b’akarere bagasaba abanyagihugu kwirinda ingendo kandi n’amakoraniro rusangi agahagarara.

Inzamba zo kugabisha zaravugijwe mu ntara ya Kursk mu gihe videwo yahanahanywe ku mbuga hwaniro – yashoboye guhinyuzwa na BBC – yerekana indege z’intambara ziriko zigendera hafi, umwotsi nawo uduga uva mu turere ku butaka.

Abanyagihugu baharurwa mu bihumbi barahungishijwe bavanwa mu turere two ku rubibe hongera hatumwako n’abaganga bava mu bindi bisagara, nk’uko bivugwa na Smirnov.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ibitero vya Ukraine ku butaka bw’Uburusiya ni ikintu kidakunze kuba kuva Uburusiya bugomoreye ingabo kuri Ukraine muri Ruhuhuma (2) 2022.

Ku mugoroba w’ejo ku wa gatatu, umushingamateka Oleksiy Honcharenko wa Ukraine, yavuze ko igisirikare ca Ukraine cigaruriye agace ka Sudzha gacukurwamwo gaze, ahari ikigo gikomeye gitwara gaze kiyivana mu Burusiya kiyitwara mu bihugu vy’Ubumwe bwa Bulaya iciye muri Ukraine, igikorwa cabandanije nubwo hari ino ntambara.

Ni ho honyene hacishwa gaze y’Uburusiya ijanwa mu bihugu vy’Ubumwe bwa Bulaya.

N’ubwo BBC itashoboye guhinyuza ibi bivugwa na Honcharenko, amajambo yiwe ni yo ya mbere avuzwe n'umutegetsi wo muri Ukraine yemeje ko ingabo zayo zinjiye ku butaka bw’Uburusiya.

Aciye ku rubuga rwa Facebook, Honcharenko yavuze ko n’ubwo atazi “intego” y’iki gitero, gishobora kwereka “Abanyabulaya n’Abanyamerika ko …Uburusiya bushobora kandi bukeneye guterwa”.

Mu kiganiro Newshour ca BBC, yongeyeko ko “dufashe ku ruhande rwa gisirikare, turiko tugerageza gufata ibintu mu minwe”.

Ati: “Turiko turereka amakungu ko amakungu adakwiye gutinya ukwiyongera kw’intambara canke ingingo yofatwa na Putin. Nta ngingo n’imwe ihari.

“Ku ncuro ya mbere kuva ku ntambara ya kabiri y’isi yose, ubutaka buzwi n’amakungu ko ari ubw’Uburusiya bwigaruriwe, kandi Putin [ntiyikoze] ku birwanisho ruhonyanganda vy’ubumara n’ibindi".

Avuga ko iki gitero kizotuma biba ngombwa ko Uburusiya bwimurira ingabo muri iyo ntara maze igitigiri c’ibitero bukora mu buseruko bwa Ukraine kigabanuke.

Mw’ijambo yavuze asa n’uko atabinezwe, umunyamabanga ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Karine Jean-Pierre, avuga ko Amerika itamenyeshejwe ivy’iki gitero kandi ko itegura kuvugana n’abarongoye igisirikare ca Ukraine “kugira imenye gusumba intego zabo”.

Ejo ku wa gatatu, Jean-Pierre yavuze ko Amerika izobandanya ishigikira Ukraine mu kuyiha ivyo ikeneye “kugira ngo ishobore kwivuna Uburusiya bwayiteye”.

Intambara ‘zikomeye’ i Sudzha

Mu nama yagiranye n’abategetsi bo hejuru ejo ku wa gatatu, Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya yagirije Ukraine ko yakoze "agasotoro gakomeye" kandi ko "yarashe mu rudavagi" ku nyubakwa zibamwo abasivire.

Umukuru w’ibiro vy’igisirikare c’Uburusiya Valery Gerasimov avuga ko "igitero" mu ntara ya Kursk cahagaritswe, kandi ko ingabo z’Uburusiya "zibandanya zikubita umwansi mu turere twegereye ku rubibe rw’Uburusiya na Ukraine".

Gerasimov avuga ko ingabo za Ukraine zari zifise intumbero yo gufata akarere ko mu micungararo y’igisagara ca Sudzha, kandi ko Uburusiya bwari bumaze kwica 100 muri zo bwongera bukomeretsa n’abandi 215.

Hagati aho, imbuga za Telegram zimwe zikurikiranwa cane kandi zishigikiye intambara, zivuga ko ibintu ku rubuga rw’intambara bitameze neza nk’uko Kremlin (ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Ukraine) ibivuga.

Umwanditsi Yuri Kotenok yavuze ko intambara zariko zibera i Sudzha na Korenevo hafi yaho ko "zikomeye", mu gihe urubuga rwa Rybar na rwo ruvuga ko ibintu mu micungararo ya Sudzha "bibandanya biba nabi" kandi ko ingabo za Ukraine zisugereje igisagara. BBC ntiyashoboye guhinyuza ibi bivugwa.

Uno muhora wa Rybar wo ku rubuga rwa Telegram ushigikiye intambara ubandanya unegura bikomeye abategetsi bo hejuru ba gisirikare, aho ejo ku wa gatatu wavuze ko "mu kiringo c’amezi abiri amakuru akwiye yarungikiwe ibiro vya gisirikare ataco bimaze", unavuga ko habonetse umwanya ukwiye "wo gufata ingingo ibereye".

Ano makenga ya Rybar yasubiwemwo n’imbuga ngurukanabumenyi zitari nke zishigikiye intambara, kandi zikunze gusomwa cane n’Abarusiya.

Igisirikare c’Uburusiya kivuga ko cakomeje umutekano w’ikigo ntanganguvu ca nikleyeri ca Kursk, kiri ku birometero vyababa 70 mu buraruko bushira ubuseruko bwa Sudzha.

Amakuru ya nyuma aheruka gutangwa n’ikigo gikurikiranira hagufi intambara, Institute for the Study of War, avuga ko amashusho cagenzuye yo kuva mu misi ibiri iheze, yerekana ko ibimodoka vy’intambara vya Ukraine vyari vyinjiye gushika ku birometero 10 hagati mu ntara ya Kursk.

Mu ntara ya Belgorod nayo ihana urubibe na Kursk, buramatari Vyacheslav Gladkov na we nyene ku wa kabiri yiriwe aragabisha ku bitero vya misire kandi ko abantu batari bake bakomerekeye mu bitero vyo mu kirere vya Ukraine.

Ikarata ya Ukraine n'Uburusiya yerekana Sudzha

Ejo ku wa gatatu, umukuru w’intara ya Sumy muri Ukraine Volodymyr Artyukh, yategetse ihungishwa ry’abanyagihugu baba mu turere twegereye Kursk.

Umukoroneli umwe wo mu gisirikare ca Ukraine, Vladislav Seleznyov, yabwiye ikinyamakuru kizwi cane ca Nexta ko iki gitero cari ico “kwitanga Uburusiya”, mu gihe ingabo zabwo zababa 75.000 zibandanya ziyegeraniriza ku rubibe.

Inyuma y’igitero gikomeye Uburusiya buheruka gukora mu ntara ya Kharkiv iri mu buraruko bushira ubuseruko mu kwa gatanu, hari ubwoba ko bushobora kugerageza gukora ikindi nk’ico mu ntara ya Sumy iri mu buraruko.

Mu mezi make aheze, Uburusiya bwarateye intambwe mu buseruko bwa Ukraine, mu gihe ingabo zayo zari zihanganye n’ibitero vy’urutavanako mu ntara ya Donbas iri mu buseruko.

Mu kiganiro aheruka gutanga, umukuru w’igendereza ry’igisirikare ca Ukraine, Kyrylo Budanov, yavuze ko iki gitero nyamukuru c’ingabo z’Uburusiya "citezwe kurangira mu kwezi n’igice canke mu mezi abiri".

Mu gihe Ukraine ubu isa n’iyiriko irabohoza uturere tutari duke, ibi vyipfuzo bishobora kuba ubu bitoroshe gushikwako.

Ariko mu gihe ingabo za Ukraine zinyanyagijwe cane irya n’ino kandi zikaba ari nke ugereranije n’uz’Uburusiya, hari bamwe mu bahinga ba gisirikare batabona neza intumbero y’ibi bitero vya Ukraine mu Burusiya.

Iki si co gitero ca mbere ku butaka bw’Uburusiya gikozwe n’abarwanyi bavuye muri Ukraine. Hari bimwe vyakozwe n’imirwi y’Abarusiya barwanya reta vyakozwe mu mwaka uheze, bigasubizwa inyuma.

Ingabo z’iyo mirwi zarasubiriye zirajabukira mu ntara za Belgorod na Kursk mu kwa gatatu uno mwaka, aho zatanye mu mitwe n’ingabo z’Uburusiya.