Uburusiya buragabisha Amerika ku gitero co mu mpisho ca Ukraine

Ikinyamakuru New York Times candika ko umushikiranganji wo kwivuna abansi w’Uburusiya Andrei Belousov yahamagaye kuri terefone mugenziwe wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Lloyd Austin mu ndwi zibiri ziheze amugabisha ku gitero bivugwa ko kiriko gitegurwa na Ukraine mu mpisho.
Abategetsi b’ibisata vya gisirikare baravuga kuri iki kiyago co kuri terefone hagati y’aba bashikiranganji babiri bajejwe kwivuna abansi cabaye ku wa 12 Mukakaro (12) uno mwaka.
Ibiganiro nk’ibi ntibikunze kuba: kuva Uburusiya butanguje intambara yabwo kuri Ukraine, Austin amaze kuvugana n’umushikiranganji wo kwivuna abansi w’Uburusiya incuro zitanu gusa, kandi kenshi Pentagon (ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe kwivuna abansi) ni yo yabanza kumurondera.
Ariko iki kiyago co ku wa 12 Mukakaro, Uburusiya nib wo bwamwirondereye, ariko nta vyinshi vyavuzwe kuri ico kiyago ico gihe, uretse ko ibinyamakuru vyanditse gusa ko cabaye.
Ikinyamakuru New York Times cashize ahabona bimwe mu vyo bavuganye.
Gisubiramwo abategetsi batavuzwe amazina, iki kinyamakuru candika ko Uburusiya bwabwiye Amerika ko Ukraine yoba iriko irategura igitero mu mpisho ku Burusiya ihawe uruhusha na Amerika.
Kivuga ko umushikiranganji Belousov yabajije mugenziwe Austin nimba ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika buzi iki gitero cotuma icuka hagati ya Moscou na Washington cunyuka.
Ntibizwi iyi nteguro ya Ukraine iyari yo, ariko New York Times yandika ko abategetsi ba Pentagon ata na kimwe babiziko.
Abategetsi bavuganye n’iki kinyamakuru bose bemeza ko amajambo ya Belousov bayafashe nka nkama.
"Abanyamerika baravuganye n’abanya-Ukraine hanyuma bababwira bati: nimba mwiyumvira gukora ikintu nk’iki, ntimuhirahire”, niko iki kinyamakuru co muri Amerika candika.
New York Times yongerakko ko abategetsi ba Ukraine batama bugurukira bagenzi babo ba Amerika ku bijanye n’ibikorwa vya gisirikare, cane cane ku vyerekeye ibitero vyo ku ruhande ku Burusiya.
Ibi bitero biratera umutima uhagaze abategetsi ba Amerika babona ko, uretse ko bitashoboye guha akaryo Ukraine ko guhagarara neza ku rubuga, bishobora gutuma ahubwo ibintu biba nabi muri ino ntambara.
Hagati aho, umushikiranganji w’Ubushinwa ajejwe imigenderaniye Wang Yi na we yiyama mugenziwe wa Amerika Antony Blinken ku birego vy’uko bushigikiye Uburusiya ku gitero cabwo kuri Ukraine
Ibi bihugu bibiri bisanzwe bitarabana ryiza ku bibazo bitandukanye, ariko kimwe ni ikijanye n’ubufasha Ubushinwa bwagirizwa guha Uburusiya mu ntambara yabwo muri Ukraine.
Ubutegetsi bwa Amerika bwama buvuga ko imfashanyo Ubushinwa buha Uburusiya bufasha cane iki gihugu kwongereza ibirwanisho. Amerika yarafatiye ibihano amakompanyi atari make y’Ubushinwa ifata ko afise uruhara muri ubu bufasha, ikaba yanagabishije amabanki y’Ubushinwa ko ashobora kwugarirwa ntabe akironka uburenganzira kw’idorari.
Itangazo ry’ubushikiranganji bw’Ubushinwa bujejwe imigenderanire rivuga ko mu mubonano yagiranye na Blinken, Wang Yi yamubwiye ati: "Amerika ikwiye guhagarika ibi bihano vy’ikivunga n’agatotezo.
“Ubushinwa buriyamiriza ibinyoma bwagirizwa, ntibwemera igitsure no kwambikwa inteba ishushe, kandi buzofata ingingo ruhasha kandi ntabanduka zo gukingira inyungu zabwo n’uburenganzira bwabwo”.













