Kenya yatanguje uruhigi rwa LGBTQ mu mashure

Umushikiranganji w’indero muri Kenya yatanguje uruhigi kuco avuga ko ari umugambi w’abahuza ibitsina babisangiye wo gucengetera mu mashure.

Uwu mushikiranganji yabwiye abakenguzamateka ko ivyo bishobora gutuma reta itanguza amashengero mu mashure.

Hari ubwoba ko ico cigwa gishobora kuba kirimwo ibijuragiza kuvyerekeye abahuza ibitsina babisangiye vyigishwa mu mashure.

Guhuza igitsina n’uwo mugisangiye birabujijwe ariko inyifato yo kubaraba ribi yarongerekanye cane inyuma y’aho sentare ntahinyuzwa yemereje ko bafise uburenganzira bwo kw’iyandikisha nk’ishirahamwe.

Komite iramaze gushingwa kugira yige ibibazo bijanye n’abahuza ibitsina babisangiye, nk’uko bivugwa n’uwo mushikiranganji, mbere akaba yasavye ko mu kazi kayo hojamwo no gusubiramwo ivyigwa vyo gusoma ku mashure.

Iyo komite izoba irongowe n’umusenyeri mukuru wa Anglican muri Kenya.

Machogu yagize ati:”Ibi n’ibintu tudashobora kwemera ko vyinjira mu mashure yacu.”

Uwo mushikiranganji yariko arishura umukenguzamateka yari afise amakenga kuryoba ari ikwirakwira ry’ivyigwa vya LGBTQ mu mashure y’intango.

Mu ntango zukwezi kwa mbere uyu mwaka, umunyamideri akaba n’uwuharanira uburenganzira bw’abagira imigenderanire mpuzabitsina mu buryo butamenyerewe [bwo hagati y’umugabo n’umugore], LGBTQ (les¬bian, gay, bisex¬u¬al, trans¬gen¬der, queer canke ques¬tion¬ing) Edwin Chiloba yaratowe ikiziga ari mu gikarato c’icuma ku nkombe z’ibarabara hafi y’igisagara ca Eldoret.

Amashirahamwe aharanira uburenganzira muri Kenya, aho bene izo nyifato zitemewe n’amategeko, bafatanya ubwo bwicanyi n’inyifato yari afise mu bijanye n’igitsina.

Rimwe muri ayo mashirahamwe rigereranya ko abarenga 50% b’aba LGBTQ b’abanya-Kenya bamaze guhohoterwa.